Ja ku birimwo

Ibiri muri Bibiliya vyoba bidahuza?

Ibiri muri Bibiliya vyoba bidahuza?

Inyishu Bibiliya itanga

 Oya, ibiri muri Bibiliya kuva mu ntango gushika mu mpera birahuza. Naho imirongo imwimwe ishobora gusa n’iyidahuza, umuntu arashobora kuyitahura neza akoresheje buno buryo bukurikira:

  1.   Rimbura ibiriko biravugwa. Umwanditsi uwo ari we wese arashobora kuboneka nk’aho yivuguruza ubwiwe mu gihe umuntu yosoma gusa amwe mu majambo yiwe ataravye ibiriko biravugwa.

  2.   Rimbura uko umwanditsi abona ibintu. Abiboneye amaso mu yandi ikintu cabaye barashobora kukidondora mu buryo butagira amahinyu ariko badakoresheje amajambo amwe canke uburyo bumwe.

  3.   Ntiwirengagize ivya kahise n’ivy’imigenzo.

  4.   Nutandukanye imvugo ngereranyo n’izitari zo.

  5.   Numenye ko igikorwa gishobora kwitirirwa umuntu kanaka naho ataba ari we ubwiwe yagikoze. a

  6.   Koresha impinduro ya Bibiliya itagira amahinyu.

  7.   Niwirinde gufatanya ivyo Bibiliya ivuga be n’inyigisho zitari zo z’amadini.

 Uburorero bukurikira burerekana ingene ubwo buryo bushobora gusigura ibisa nk’ibidahuza muri Bibiliya.

Uburyo bwa 1: Ibiriko biravugwa

  Nimba Imana yararuhutse ku musi w’indwi, yabandanije gute gukora? Inkuru yerekeye irema ivugwa mw’Itanguriro yerekana ko Imana yaciye “ku musi ugira indwi itangura kuruhuka igikorwa cayo cose yari yakoze.” Ivyo vyerekeza neza na neza ku gikorwa cayo c’irema ry’isi n’ibiyiriko. (Itanguriro 2:​2-4) Yezu ntiyavuguruje ico kintu; ahubwo, igihe yavuga ko Imana ‘yagumye ikora gushika n’ubu’ yariko avuga ibindi bikorwa vy’Imana. (Yohani 5:​17) Muri ivyo bindi bikorwa vy’Imana harimwo ukuba Bibiliya yahumetswe na yo be n’ukuba Imana iyobora abantu ikongera ikabitwararika.​—Zaburi 20:6; 105:5; 2 Petero 1:​21.

Uburyo bwa 2 n’ubwa 3: Ukuntu umwanditsi abona ibintu be na kahise

  Yezu yari hehe igihe yakiza ya mpumyi? Injili ya Luka ivuga ko Yezu yakijije impumyi “igihe yariko aregereza i Yeriko.” Inkuru nk’iyo nyene iri muri Matayo ivuga ko zari impumyi zibiri, ikanavuga ko vyabaye igihe Yezu ‘yariko ava i Yeriko.’ (Luka 18:35-​43; Matayo 20:29-​34) Izo nkuru zibiri vy’ukuri zirunganirana, naho zanditswe n’abanditsi babona ibintu ugutandukanye. Ku bijanye n’igitigiri ca nya mpumyi, Matayo aratomora cane mu kuvuga ko zari zibiri, ariko Luka wewe yibanda ahanini kuri umwe Yezu yavugishije. Ku bijanye n’ikibanza na ho, abacukuzi basanze mu gihe ca Yezu, Yeriko zari zibiri: Yeriko ya kera y’Abayuda yari ku kilometero n’inusu uvuye ahari Yeriko nshasha y’Abaroma. Yezu ashobora kuba yari hagati y’ivyo bisagara bibiri igihe yakora ico gitangaro.

Uburyo bwa 4: Imvugo ngereranyo n’izitari zo

  Isi yoba izotikizwa? Mu Musiguzi 1:4, Bibiliya ivuga ko ‘isi ihorah’ibihe vyose.’ Bamwe babona ko ivyo bihushanye n’ivyo Bibiliya ivuga ko ‘isi n’ibikorwa biri muri yo bizotongoka.’ (2 Petero 3:​10, Bibiliya Yera) Ariko rero, muri Bibiliya, ijambo “isi” hamwe rirakoreshwa mu kwerekeza kuri uyu mubumbe tubako, ahandi na ho rigakoreshwa bwa mvugo ngereranyo mu kwerekeza ku bantu baba kuri yo. (Itanguriro 1:1; 11:1) Ugutikizwa kw’“isi” kuvugwa muri 2 Petero 3:​10 ntikwerekeza ku gutongorwa n’umuriro kw’uno mubumbe wacu, ariko kwerekeza ku “gutikizwa kw’abantu batibanga Imana.”​—2 Petero 3:7.

Uburyo bwa 5: Kwitirirwa igikorwa

  I Kaperinawumu, ni nde yabwiye Yezu ivyo intwazangabo imwe yamusaba? Muri Matayo 8:​5, 6 havuga ko iyo ntwazangabo yaje ubwayo aho Yezu yari. Ariko muri Luka 7:3 havuga ko iyo ntwazangabo yarungitse abagabo b’inararibonye bo mu Bayuda ngo babwire Yezu ico imusaba. Umuntu arashobora gutahura ivyo bintu bisa n’ibidahuza biri muri Bibiliya mu gutegera ko iyo ntwazangabo ari yo yagize ico isaba Yezu, ariko ibicisha ku bagabo b’inararibonye ngo bayibere abaserukizi bayo.

Uburyo bwa 6: Impinduro itagira amahinyu

  Twese twoba ducumura? Bibiliya yigisha ko twese twarazwe icaha ca wa muntu wa mbere Adamu. (Abaroma 5:​12) Impinduro zimwezimwe zisa n’izituma ico kintu civuguruza mu kuvuga ngo umuntu mwiza “ntakora ivyaha” canke ngo “ntacumura.” (1 Yohani 3:6, Bibiliya Yera; Ubwuzure Bushasha) Ariko rero, mu rurimi rw’intango, irivuga ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “gucumura” canke “gukora icaha” riboneka muri 1 Yohani 3:6 riri muri kubu, muri urwo rurimi rikaba mu bisanzwe ryerekeza ku gikorwa kibandanya. Rero hariho itandukaniro hagati y’igicumuro twarazwe tudashobora kwirinda, be n’igicumuro umuntu akora nkana mu kubandanya agambarara amategeko y’Imana. Ku bw’ivyo, hari Bibiliya zimwezimwe zatomoye ico kintu gisa n’icivuguruza mu gukoresha imvugo itagira amahinyu, nk’iyi ivuga ngo “ntaza aracumura.”​—Bibiliya y’isi nshasha.

Uburyo bwa 7: Isunge Bibiliya ntiwisunge inyigisho z’amadini

  Yezu yoba angana n’Imana? Igihe kimwe Yezu yavuze ati: “Jewe na Data turi umwe,” ivyo bikaba biboneka ko bidahuza n’ibindi yavuze ko ‘Se amuruta.’ (Yohani 10:30; 14:28) Kugira dutahure neza iyo mirongo, dutegerezwa gusuzuma ico vy’ukuri Bibiliya ivuga ku vyerekeye Yehova na Yezu aho kugerageza guhuza iyo mirongo n’inyigisho y’Ubutatu, iyo na yo ikaba idashingiye kuri Bibiliya. Bibiliya yerekana ko Yehova atari gusa Se wa Yezu ariko kandi ko ari Imana yiwe, imwe mbere Yezu asenga. (Matayo 4:​10; Mariko 15:34; Yohani 17:3; 20:17; 2 Abakorinto 1:3) Yezu ntangana n’Imana.

 Uravye ivyariko biravugwa igihe Yezu yavuga ngo “jewe na Data turi umwe,” biraboneka ko yariko yerekeza ku kuba we na Se Yehova Imana bunze ubumwe mu migambi yabo. Mu nyuma, Yezu yavuze ati: “Data yunze ubumwe nanje, nanje nkunga ubumwe na we.” (Yohani 10:38) Yezu kandi yari yunze ubumwe mu migambi n’abayoboke biwe kuko yasenze Imana ku biberekeye ati: “Narabahaye ubuninahazwa wampaye, kugira ngo babe umwe nk’uko turi umwe. Jewe nkunga ubumwe na bo, nawe ukunga ubumwe nanje.”​—Yohani 17:22, 23.

a Nk’akarorero, mu kiganiro cerekeye inyubakwa yitwa Taj Mahal kiri mu nkoranyabumenyi imwe (Encyclopædia Britannica) hagira hati: “Yubatswe na Shah Jahān umwami w’abami wa Mughal.” Ariko si we ubwiwe yayubatse kuko nya kiganiro kivuga ko “hakoreshejwe abakozi barenga 20.000” mu kuyubaka.