Kubera iki mudakoresha umusaraba mu gusenga?
Abantu benshi babona ko umusaraba ari co kimenyetso kiranga abakirisu kw’isi yose. Naho twebwe Ivyabona vya Yehova turi abakirisu, ntidukoresha umusaraba mu gusenga. Uti kubera iki?
Imvo imwe ni uko Bibiliya yerekana ko Yezu atapfiriye ku musaraba ahubwo ko yapfiriye ku giti gisanzwe. N’ikindi kandi, Bibiliya irasaba abakirisu ishimitse ngo ‘bahunge ugusenga ibigirwamana,’ ivyo bikaba bisobanura kudakoresha umusaraba mu gusenga.—1 Abakorinto 10:14; 1 Yohani 5:21.
Biri n’ico bivuze kuba Yezu yavuze ati: “Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje: nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.” (Yohani 13:34, 35) Aho Yezu yarerekanye ko icoranze abigishwa biwe b’ukuri ari urukundo rwo kwitanga, si umusaraba canke ikindi gishushanyo ico ari co cose.