Ja ku birimwo

Kubera iki mudahimbaza Pasika?

Kubera iki mudahimbaza Pasika?

Ivyiyumviro bitari vyo abenshi bafise

 Iciyumviro kitari co: Ivyabona vya Yehova ntibahimbaza Pasika kubera ko atari abakirisu.

 Ukuri: Twemera ko Yezu Kristu ari Umukiza wacu, kandi turakora uko dushoboye kwose ngo ‘dukurikize neza intambuko ziwe.’—1 Petero 2:21; Luka 2:11.

 Iciyumviro kitari co: Ntimwemera ko Yezu yazuwe mu bapfuye.

 Ukuri: Turemera ko Yezu yazutse; tubona ko iyo ari yo ntimatima y’ukwizera kwacu kandi turabishimikako igihe tubwira abandi inkuru nziza.—1 Korinto 15:3, 4, 12-15.

 Iciyumviro kitari co: Nta co bibabwiye kubona abana banyu bacikwa n’umunezero wo ku musi mukuru wa Pasika.

 Ukuri: Turakunda abana bacu, nkako tirihatira cane kubigisha no kubafasha kugira agahimbare.—Tito 2:4.

Kubera iki Ivyabona vya Yehova badahimbaza Pasika?

  •   Guhimbaza umusi mukuru wa Pasika ntibishingiiye kuri Bibiliya.

  •   Yezu ntiyadutegetse kwibuka izuka ryiwe ahubwo yadutegetse kwibuka urupfu rwiwe. Turagira ico Cibutso ku mwaka ku mwaka kw’igenekerezo rihuye n’iryo Yezu yapfiriyeko hisunzwe ikirangamisi ca Bibiliya aho baharura amezi bafatiye ku mboneko z’ukwezi.—Luka 22:19, 20.

  •   Twemera ko Imana idashima Pasika kubera ko ikomoka ku migenzo ya kera y’ivy’irondoka. Imana isaba ko ‘tuyihebera yonyene gusa,’ ikaba rero ibabazwa n’ugusenga kurimwo imigenzo idashima.—Kuvayo 20:5; 1 Abami 18:21.

 Twemera ko ingingo twafashe yo kudahimbaza Pasika ishingiye rwose kuri Bibiliya, ino ikaba ituremesha gukoresha “ubukerebutsi ngirakamaro n’ubushobozi bwo kwiyumvira” aho gupfa gukurikira imigenzo y’abantu. (Imigani 3:21; Matayo 15:3) Naho tubwira abandi ivyo twemera ku bijanye na Pasika igihe babitubajije, turubahiriza uburenganzira umuntu umwumwe wese afise bwo guhitamwo ico yokora.—1 Petero 3:15.