Ja ku birimwo

Amashusho yerekana ukuntu abana bakunda amavidewo

Amashusho yerekana ukuntu abana bakunda amavidewo

Utuvidewo twitwa ngo Nube umugenzi wa Yehova, uturimwo indirimbo na dessins animés zikinwa na Kalebu be na Soniya, twaramenyekanye hirya no hino kw’isi. Abavyeyi co kimwe n’abana baranditse kugira berekane ukuntu bakenguruka amavidewo atandukanye. Ng’aya amajambo amwamwe abana bavuze yarungutswe:

  • “Mwarakoze kuduha DVD ‘Umviriza, ugamburuke maze uhezagirwe.’ Buri musi nama ndayiraba ndi kumwe n’igipupe canje c’ingwe.”​—Zach w’imyaka 5.

  • “Indirimbo nshasha zituma menya ko Yehova ankunda kandi ko ashaka ko ndamusenga igihe cose.”​—Mikariah w’imyaka 6.

  • “Narize kwubaha abavyeyi banje no kugirira isuku aho nononye. Mwarakoze kudukorera ayo mavidewo yabana.”​—Nicole w’imyaka 8.

  • “Mwarakoze kuduha iyo videwo. Iratwenza cane kandi iraryoshe cane. Narayikunze cane.”​—Mckenzie w’imyaka 5.

  • “Ndakunda amavidewo yitwa ngo Nube umugenzi wa Yehova. Nama ndayaraba buri musi. Yehova vy’ukuri ameze neza kubera ari we yatumye mwiyumvira gutyo.”​—Ava w’imyaka 8.

  • “Ndakunda kuraba ayo mavidewo. Ndiko ndiga kuririmba indirimbo zose. Ayo mavidewo aratuma nkunda Yehova cane.”​—Devon w’imyaka 4.

  • “Si jewe mbona iyindi Kalebu iraje! Nimubandanye mukora ico gikorwa ciza!”​—Vance w’imyaka 8.

Ostraliya: Shiloh w’imyaka 6

Icigwa ca 12: Kalebu na Sonia batembera kuri Beteli

Ostraliya: Sienna w’imyaka 8

Ururirimbo rwa 106: Ni nde aba umugenzi wa Yehova?

Brezile: Eduardo w’imyaka 10

Icigwa ca 13: Yehova azogufasha guhera ubwoba

Ubudagi: Michele w’imyaka 11

Icigwa ca 10: Nube umwana mwiza kandi utize abandi

Ubudagi: Priscilla w’imyaka 8

Icigwa ca 11: Nubabarire abandi

Ubuyapani: Miku w’imyaka 7

Icigwa ca 13: Yehova azogufasha guhera ubwoba

Ubuyapani: Tomoaki w’imyaka 10

Icigwa ca 6: Gusabana urupfasoni no gushima

Megizike: Samuel w’imyaka 7

Icigwa ca 9: ‘Yehova ni we yaremye vyose’

Leta Zunze Ubumwe za Amerika: Adriana w’imyaka 6

Ururirimbo rwa 92: ‘Niwigishe rya jambo’

Leta Zunze Ubumwe za Amerika: Anthony w’imyaka 11

Icigwa ca 2: Nugamburukire Yehova