Abalewi 12:1-8
12 Hanyuma Yehova abwira Musa ati:
2 “Bwira bene Isirayeli uti: ‘Umugore niyasama inda*+ akavyara umuhungu, ategerezwa kuba uwuhumanye imisi indwi; nka kurya kwo mu misi y’ubuhumane igihe ari mu butinyanka, azoba uwuhumanye+.
3 Ku musi ugira umunani agashato* k’umubiri wa nya mwana kazogenyerwa+.
4 Mu misi mirongo itatu n’itatu yindi uwo mugore azoguma mu maraso y’ityororwa. Ntakwiye gukora ku kintu ceranda na kimwe, kandi ntakwiye kwinjira ahantu heranda gushika iyo misi y’ityororwa ryiwe ikwiye+.
5 “‘Nimba na ho avyaye umukobwa, ategerezwa rero kuba uwuhumanye imisi cumi n’ine, nko mu gihe c’ubutinyanka bwiwe. Mu misi mirongo itandatu n’itandatu yindi azoguma mu maraso y’ityororwa.
6 Maze imisi y’ityororwa ryiwe ku bw’umuhungu canke ku bw’umukobwa niyakwira, azozana ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro impfizi y’intama ikiri nto, mu mwaka wayo wa mbere, ku bw’ishikanwa riturirwa+, n’inuma ikiri nto canke intunguru+ ku bw’ishikanwa ry’igicumuro, abihe umuherezi.
7 Na we aze abishikirize imbere ya Yehova aheze amutangire impongano, uno abe uwuhumanuwe isôko ry’amaraso yiwe+. Iryo ni ryo tegeko ku biraba umugore avyaye umuhungu canke umukobwa.
8 Mugabo nimba ata buryo buhagije afise bwo kuronka intama, aze atore intunguru zibiri canke inuma zibiri zikiri nto+, imwe ibe iy’ishikanwa riturirwa, iyindi ibe iy’ishikanwa ry’igicumuro, umuherezi aheze amutangire impongano+, uwo mugore aheze abe uwudahumanye.’”
Utujambo tw'epfo
^ Ijambo ku rindi ni “urubuto.”
^ Ni agashato ko kw’isonga ry’igihimba c’irondoka c’umugabo.