Nahumu 2:1-13
2 Uwushwiragiza arakudugiye*+. Rinda ikibanza gikingijwe ibihome. Rereka inzira. Komeza amafyinga. Ongereza inguvu cane+.
2 Kuko Yehova azokoranya koko ubwiza bwa Yakobo+ nk’ubwiza bwa Isirayeli, kubera ko bageshejwe n’abageseza+; kandi bahoneje imivyaro yabo+.
3 Inkinzo y’abagabo biwe b’abanyenkomezi isizwe ibara ritukura; abagabo biwe b’inguvu bambaye ibisa n’ibara ry’umutukutuku rihinze+. Ku musi w’ukwitegura kwiwe, umukogote w’intambara uraca ibibatsi nk’umuriro w’ibikoresho vy’icuma, kandi amacumu y’igiti c’umuberoshi+ yajugumiye.
4 Imikogote y’intambara iguma igenda nk’iyasaze mu mabarabara+. Iguma yirasa irya n’ino mu bibanza vya bose. Isa n’ibimuri. Iguma yiruka nk’imiravyo+.
5 Umwami azokwibuka abakomakomeye biwe+. Bazogenda batsitagurika+. Bazokwihutira kuja ku ruhome rwiwe*, kandi ibizibizo bizokomezwa.
6 Amarembo y’inzuzi azokwugururwa ata kabuza, ikirimba na co kizoshonga koko.
7 Ivyo vyarashinzwe; yakuweko impuzu, azojanwa ata kabuza+, kandi abashumbakazi biwe bazonihagira n’ijwi nk’iry’inuma+, baguma bikubitagura ku mutima+.
8 Ninewe, kuva ibaho+, yamye imeze nk’ikidengeri c’amazi+; mugabo bariko barahunga. Barasemerera bati: “Hagarare! Hagarare!” Ariko nta n’umwe ahindukira+.
9 Nimusahure ifeza; nimusahure inzahabu+; kuko ibintu birundanijwe bitagira uko bingana. Hari isinzi ry’ibintu bihimbaye vy’ubwoko bwose+.
10 Igisagara kiragaragara, cogejwe, kandi gisigaye ari igiharabuga+! Umutima urashonze+, amavi ariko aradegedwa+, kandi amafyinga yose ari n’ububabare bukaze+; nayo mu maso habo hose, hajonjogoye+.
11 Buri hehe bwa butaho bw’intambwe, na rya senga ry’intambwe z’imikangara z’imigāra, hamwe intambwe yahora igendagenda ikongera ikinjira+, hamwe hahora icana c’intambwe, ata n’umwe abijugumiza+?
12 Intambwe yahora itabagurira ivyana vyayo ibikwiye, ikanigira ingore zayo. Yaguma yujuje ivyobo vyayo ivyo yacakiye, ikuzuza ubwikingo bwayo ibikoko yatabaguye+.
13 “Ehe ngira nkurwanye,” ni ko Yehova nyen’ingabo* avuze+, “kandi nzoturirira mu mwotsi umukogote w’intambara wiwe+. Inkota izorigata intambwe zawe z’imikangara z’imigāra+. Nzorandura kw’isi ivyo ucakira, kandi ijwi ry’intumwa zawe ntirizosubira kwumvikana+.”