Ngoma za mbere 16:1-43
16 Bazana rero ya sandugu y’Imana y’ukuri, bayishira mw’ihema Dawidi yari yayiteguriye+. Baca bashikanira imbere y’Imana y’ukuri amashikanwa aturirwa n’ibimazi vyo gusangira+.
2 Dawidi arangije gushikana ivyo bimazi biturirwa+ n’ivyo gusangira+, aca ahezagira abantu mw’izina rya Yehova.
3 Vyongeye Abisirayeli bose, baba abagabo canke abagore, umwe wese amuha umukate w’umuzingi n’akantu ko kurya gakozwe mu vyamwa vy’itende* n’agakozwe mu nzabibu zumye.
4 Maze atora bamwe mu Balewi ngo bakorere imbere y’isandugu ya Yehova+, ngo batere iteka* Yehova Imana ya Isirayeli, bamukengurukire bongere bamushemeze.
5 Asafu+ ni we yari umukuru agakurikirwa na Zakariya. Yeyeli, Shemiramoti, Yehiyele, Matitiya, Eliyabu, Benaya, Obedi-Edomu na Yeyeli+ bavuza ibicurarangisho vy’imirya n’inanga+. Asafu yavuza ivyuma bisama+,
6 abaherezi Benaya na Yahaziyeli na bo bakama bavuza inzumbete imbere y’isandugu y’isezerano ry’Imana y’ukuri.
7 Kuri uwo musi ni ho Dawidi yatunganya* ari bwo bwa mbere indirimbo yo gushemeza Yehova biciye kuri Asafu+ na benewabo ati:
8 «Nimukengurukire Yehova+, mwambaze izina ryiwe.Nimumenyeshe ibikorwa vyiwe mu mahanga+.
9 Nimumuririmbire, mumuririmbire amashemezo*+.Nimuzirikane* ibikorwa vyiwe vyose bitangaje+.
10 Nimwiratire izina ryiwe ryeranda+.
Umutima w’abarondera Yehova nunezerwe+.
11 Nimurondere Yehova+ n’inkomezi ziwe.
Nimugume murondera gushimwa na we*+.
12 Nimwibuke ibikorwa bitangaje yakoze+,mwibuke ibitangaro yakoze n’imanza yaciye,
13 yemwe ruvyaro* rw’umusavyi wiwe Isirayeli+,yemwe bahungu ba Yakobo, abo yitoreye+.
14 Ni Yehova Imana yacu+.
Imanza ziwe zikora* mw’isi yose+.
15 Nimwibuke isezerano ryiwe ibihe bidahera,mwibuke umuhango yatanze*, gushika ku runganwe* rugira igihumbi+.
16 Nimwibuke isezerano yagiraniye na Aburahamu+,n’indahiro yarahiye Izahaki+.
17 Iyo ndahiro yayigize itegeko kuri Yakobo+,ayigira isezerano ryamaho kuri Isirayeli,
18 avuga ati: “Nzoguha igihugu ca Kanani+,kibe intoranwa yawe+.”
19 Ico gihe bari bake,emwe bake cane, kandi bari abanyamahanga muri ico gihugu+.
20 Bava mw’ihanga rimwe baja mu rindi,bakava mu bwami bumwe baja mu bundi+.
21 Ntiyemeye ko hagira umuntu n’umwe abacinyiza+,ahubwo yarakosoye abami kubera bo+,
22 ababwira ati: “Ntimukore ku bo narobanuye*,kandi ntihagire ikibi na kimwe mukorera abahanuzi banje+.”
23 Nimuririmbire Yehova, yemwe abo kw’isi mwese!
Uko bukeye, nimutangaze ubukiriro atanga+!
24 Nimumenyekanishe ubuninahazwa bwiwe mu mahanga,mumenyekanishe ibikorwa vyiwe bitangaje mu makungu yose.
25 Kuko Yehova ahambaye kandi akaba abereye gushemezwa cane.
Arateye akoba gusumba izindi mana zose+.
26 Imana zose z’amahanga ni imana ata co zimaze+,mugabo Yehova ni we yaremye* ijuru+.
27 Icubahiro* n’ubwiza buhebuje biri imbere yiwe+.Inkomezi n’akanyamuneza bibarizwa aho aba+.
28 Yemwe miryango y’amahanga, nimuhe Yehova ivyo akwiriye.Nimuhe Yehova ivyo akwiriye kubera ubuninahazwa bwiwe n’inkomezi ziwe+.
29 Nimuhe Yehova ubuninahazwa bubereye izina ryiwe+.Nimurenguke imbere yiwe muzanye ingabire+.
Nimwunamire* Yehova mwambaye ivyambarwa vyeranda*+.
30 Nimujugumire imbere yiwe, yemwe abo kw’isi mwese!
Isi* yarashimangiwe, ntishobora kunyiganyizwa+.
31 Ijuru nirihimbarwe, isi na yo inezerwe+.Nimutangaze mu mahanga muti: “Yehova abaye Umwami+!”
32 Ikiyaga n’ibicuzuye vyose nibituragare.Imirima n’ibiyirimwo vyose nibinezerwe.
33 Ibiti vyo mw’ishamba na vyo nyene nibivuze impundu imbere ya Yehova,kuko aje* gucira urubanza isi.
34 Nimukengurukire Yehova kuko ari mwiza+.Urukundo* rwiwe rwamaho ibihe vyose+.
35 Nimuvuge muti: “Dukize, ewe Mana y’ubukiriro bwacu+,udukoranye maze udukure mu mahanga,kugira dutazire izina ryawe ryeranda+kandi tugushemeze twigina*+.
36 Yehova Imana ya Isirayeli nashemezwegushika ibihe bidahera*.”»
Abantu bose baca bavuga bati: «Amen*!», maze bashemeza Yehova.
37 Maze Dawidi asiga Asafu+ na benewabo ng’aho imbere y’isandugu y’isezerano rya Yehova ngo babandanye gukorera imbere y’iyo sandugu+, nk’uko bisanzwe bigirwa buri musi+.
38 Obedi-Edomu na benewabo 68, na Obedi-Edomu mwene Yedutuni na Hosa bari abarinzi b’amarembo.
39 Umuherezi Sadoki+ n’abaherezi bagenziwe na bo yabasize imbere y’ihema ryeranda rya Yehova ryari mu kibanza co gusengeramwo* cari i Gibeyoni+,
40 kugira ngo bame bashikanira Yehova mu gitondo no ku mugoroba amashikanwa aturirwa ku gicaniro c’amashikanwa aturirwa, no kugira ngo bitwararike ibintu vyose vyanditswe mu mategeko Yehova yahaye Isirayeli+.
41 Bari kumwe na Hemani na Yedutuni+ n’abandi bagabo bari batowe* ngo bakengurukire Yehova+, kuko urukundo* rwiwe rwamaho ibihe vyose+.
42 Hemani+ na Yedutuni bari bajejwe kuvuza inzumbete, ivyuma bisama n’ibindi bicurarangisho bakoresha mu gushemeza Imana y’ukuri*. Bene Yedutuni+ bari bajejwe irembo.
43 Maze abantu bose barataha, Dawidi na we aja guhezagira abo mu rugo rwiwe.
Utujambo tw'epfo
^ Itende ni ubwoko bw’ikigazi.
^ Mu giheburayo havuga ngo «bibuke.»
^ Canke «yatanga.»
^ Canke «mumucurarangire.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «nimuvuge.»
^ Canke «murondera mu maso hiwe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
^ Canke «zikwiragiye.»
^ Canke «iyaruka.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ijambo yategetse.»
^ Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
^ Mu giheburayo havuga ngo «yahinguye.»
^ Canke «iteka.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «kubera ubwiza buhebuje bw’ubweranda bwiwe.»
^ Canke «nimusenge.»
^ Canke «isi yimbuka.»
^ Canke «yaje.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «duhimbarwe no kugushemeza.»
^ Canke «kuva ibihe bidahera gushika ibihe bidahera.»
^ Canke «nibibe gutyo nyene.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ikibanza gitaramutse.» Raba Insiguro y’amajambo (Ibibanza bitaramutse).
^ Canke «batowe bakavugwa amazina.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «vy’indirimbo z’Imana y’ukuri.»