Samweli wa mbere 7:1-17

  • Isandugu ishika i Kiriyati-Yeyarimu (1)

  • Samweli aremesha Abisirayeli gukorera Yehova wenyene (2-6)

  • Abisirayeli batahukana intsinzi i Mizipa (7-14)

  • Samweli aca imanza muri Isirayeli (15-17)

7  Maze abantu b’i Kiriyati-Yeyarimu baraza badugana isandugu ya Yehova, bayinjiza mu nzu ya Abinadabu+ ku gasozi. Hanyuma beza umuhungu wiwe Eleyazari ngo arinde iyo sandugu ya Yehova.  Maze haca ikiringo kinini c’imyaka 20, kuva umusi isandugu yaza i Kiriyati-Yeyarimu. Abisirayeli bose batangura kurondera* Yehova+.  Nuko Samweli abwira Abisirayeli bose ati: «Nimba mugarutse kuri Yehova n’umutima wanyu wose+, nimukureho imana z’inyamahanga+ n’ibishusho vya Ashitoreti+ mufise. Muheze mushire umutima wanyu wose kuri Yehova, abe ari we mukorera+, na we azobakiza Abafilisitiya+  Abisirayeli baca bakuraho za Bayali n’ibishusho vya Ashitoreti, bakorera Yehova wenyene+.  Maze Samweli avuga ati: «Nimukoranirize Abisirayeli bose i Mizipa+, ndabasengere kuri Yehova+  Nuko bakoranira i Mizipa, bavoma amazi bayasuka imbere ya Yehova. Kuri uwo musi barisonzesha+, bavuga bati: «Twaracumuye kuri Yehova+.» Samweli rero atangura gucira imanza+ Abisirayeli i Mizipa.  Abafilisitiya bumvise ko Abisirayeli bari bakoraniye i Mizipa, abatware b’Abafilisitiya+ baca baduga kubatera. Abisirayeli ngo bavyumve, bagira ubwoba kubera Abafilisitiya.  Abisirayeli rero babwira Samweli bati: «Bandanya kudusabira kuri Yehova Imana yacu adutabare+, adukize Abafilisitiya.»  Nuko Samweli afata umwagazi w’intama wonka, awushikanira Yehova nk’ishikanwa riturirwa uko ryakabaye+. Atabariza Abisirayeli kuri Yehova, Yehova na we aramwishura+. 10  Samweli akiriko arashikana nya shikanwa riturirwa, Abafilisitiya baregereza kugira batere Abisirayeli. Kuri uwo musi, Yehova arekurira imituragaro ikomeye+ ku Bafilisitiya, bicwa n’ubwoba+ maze Abisirayeli barabatsinda+. 11  Nuko Abisirayeli bava i Mizipa bakurikira Abafilisitiya, bagenda barabica gushika mu bumanuko bw’i Beti-Kari. 12  Maze Samweli atora ibuye+, arishinga hagati y’i Mizipa n’i Yeshana. Araheza aryita Ebenezeri* kuko yavuga ati: «Yehova aguma adutabara gushika n’ubu+ 13  Gutyo Abafilisitiya baraneshwa, ntibongera kugaruka mu karere ka Isirayeli+. Yehova abandanya kurwanya Abafilisitiya igihe cose Samweli yamaze akiriho+. 14  Bisubiye, Abisirayeli bagaruza ibisagara Abafilisitiya bari barabatwaye n’uturere twavyo, kuva i Ekuroni gushika i Gati. Ariko kandi haba amahoro hagati y’Abisirayeli n’Abamori+. 15  Samweli abandanya gucira imanza Abisirayeli igihe cose yamaze akiriho+. 16  Buri mwaka yaraja i Beteli+, i Gilugali+ n’i Mizipa+, agacira imanza Abisirayeli. 17  Mugabo yaca asubira i Rama+ kuko ari ho yari afise inzu, kandi na ho nyene yarahacira imanza z’Abisirayeli. Aho i Rama ahubakira Yehova igicaniro+.

Utujambo tw'epfo

Canke «kuririra.»
Iryo zina risobanura ngo «ibuye ry’ugutabarwa.»