Yohani wa mbere 5:1-21
5 Umuntu wese yizera ko Yezu ari we Kristu aba yavyawe n’Imana+, kandi umuntu wese akunda Imana, ari na yo ituma iryo vuka riba, arakunda abavyawe na yo.
2 Iki ni co kitwereka ko dukunda abana b’Imana+: ni uko dukunda Imana kandi tukubahiriza amabwirizwa yayo.
3 Iki ni co gukunda Imana bisobanura: ni uko twubahiriza amabwirizwa yayo+, kandi amabwirizwa yayo ntaremereye+,
4 kuko umuntu wese* yavyawe n’Imana atsinda isi+. Kandi icadufashije gutsinda isi, ni ukwizera kwacu+.
5 None ni nde atsinda isi+? Si uwizera ko Yezu ari Umwana w’Imana+?
6 Yezu Kristu yaje biciye ku mazi no ku maraso, ntiyaje biciye ku mazi yonyene+, ahubwo yaje biciye ku mazi no ku maraso+. Impwemu irabishingira intahe+, kuko impwemu ihishura ukuri*.
7 Hariho ibintu bitatu bishinga intahe:
8 impwemu+, amazi+ n’amaraso+, kandi vyose uko ari bitatu birahuza.
9 Nimba twemera intahe abantu bashinga, intahe Imana ishinga yoyo irahambaye kuruta. Iyo ntahe y’Imana rero ni iyo yashingiye Umwana wayo.
10 Umuntu yizera Umwana w’Imana arafise intahe yashingiwe n’Imana. Uwutizera Imana aba ayigize umubeshi+, kuko atizera intahe Imana yashingiye Umwana wayo.
11 Iyi ni yo ntahe Imana ishinga: Imana yaraduhaye ubuzima budahera+, kandi ubwo buzima buri mu Mwana wayo+.
12 Uwunze ubumwe n’Umwana arafise ubwo buzima. Mugabo uwutunze ubumwe n’Umwana w’Imana ubwo buzima nta bwo afise+.
13 Ndabandikiye ivyo bintu kugira mumenye ko mufise ubuzima budahera+, mwebwe mwizera izina ry’Umwana w’Imana+.
14 Ng’iki ico twizigiye tudakeka ku bijanye n’Imana+: iyo tuyisavye ikintu cose gihuye n’ukugomba kwayo iratwumva+.
15 Nimba tuzi ko itwumva ku kintu ico ari co cose tuyisavye, turazi ko tuzoronka ivyo twayisavye, kuko ari yo tuba twabisavye+.
16 Umuntu niyabona mwenewabo ariko arakora igicumuro kidashikana ku rupfu, nasenge maze Imana izoha ubuzima uwo muvukanyi+. Emwe izoha ubuzima abadakora igicumuro gishikana ku rupfu+. Ariko hariho igicumuro gishikana ku rupfu. Nta n’umwe mbwiye ngo asenge ku bijanye n’ico gicumuro.
17 Ibitagororotse vyose ni igicumuro+, ariko hariho igicumuro kitazana urupfu.
18 Turazi ko umuntu wese yavyawe n’Imana ataguma akora ibicumuro, ariko umwe yavyarwa n’Imana* aramukingira, kandi wa mubisha ntashobora kumwigarurira+.
19 Turazi ko dukomoka ku Mana, mugabo isi yose iganzwa* na wa mubisha+.
20 Ariko turazi ko Umwana w’Imana yaje+, kandi yaraduhaye ubwenge* kugira dushobore kumenya imwe y’ukuri. Turunze ubumwe n’imwe y’ukuri+ biciye ku Mwana wayo Yezu Kristu. Iyo ni yo Mana y’ukuri n’ubuzima budahera+.
21 Bane banje, nimwirinde ibigirwamana+.
Utujambo tw'epfo
^ Mu kigiriki havuga ngo «ikintu cose.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «kuko impwemu ari ukuri.»
^ Ni ukuvuga Yezu Kristu, Umwana w’Imana.
^ Canke «isi yose iri mu bubasha.»
^ Canke «ugutahura kwimbitse.»