Abaroma 7:1-25
7 Bavukanyi, ntimuzi yuko amategeko aganza umuntu igihe nya muntu akiriho? (Ndiko mbwira abazi amategeko.)
2 Nk’akarorero, umugore yubatse, amategeko amubohera ku mugabo wiwe igihe umugabo wiwe akiriho. Ariko iyo umugabo wiwe apfuye, aba abohowe itegeko ry’umugabo wiwe+.
3 Hamwe rero yotwarwa n’uwundi mugabo kandi uwiwe akiriho, yokwitwa ko arenze ibigo+. Ariko umugabo wiwe apfuye, ntaba akigengwa n’itegeko ryiwe. Rero atwawe n’uwundi mugabo ntaba arenze ibigo+.
4 Na mwebwe rero bavukanyi, biciye ku mubiri wa Kristu, mwarakuweko* amategeko. Ivyo vyabaye kugira mwegukire uwundi muntu+, umwe yazurwa mu bapfuye+ ngo duheze twame ivyamwa bininahaza Imana+.
5 Kuko igihe twabaho duhuza n’umubiri, ivyipfuzo bihengamiye ku gicumuro vyarakora mu mibiri* yacu kugira twame ivyamwa bishikana ku rupfu+. Ivyo vyipfuzo vyagiye ahabona kubera amategeko.
6 Mugabo ubu twarakuweko amategeko+, kubera yuko atakituboshe*. Ivyo vyabaye kugira tube abashumba mu buryo bushasha biciye ku mpwemu+, aho kuba abashumba mu buryo bwa kera biciye ku mategeko yanditse+.
7 None rero tuvuge iki? Mbega amategeko ni igicumuro? Habe namba! Mu vy’ukuri, simba naramenye igicumuro iyo hataba amategeko+. Nk’akarorero, simba naramenye ukwipfuza ivy’abandi* ico ari co iyo amategeko atavuga ngo: «Ntukipfuze ivy’abandi+.»
8 Mugabo kubera ko igicumuro cahawe akaryo n’iryo bwirizwa, canzanyemwo ivyipfuzo* vy’ubwoko bwose, kuko igihe ata mategeko yariho igicumuro cari carapfuye+.
9 Nkako, amategeko ataraza nari muzima. Mugabo aho amategeko ashikiye, igicumuro carasubiye kuba kizima, nanje nca ndapfa+.
10 Ya mabwirizwa yari gushikana umuntu ku buzima+, nasanze ajana ku rupfu.
11 Kubera ko igicumuro cahawe akaryo n’amabwirizwa, carampendahenze kiranyica biciye kuri ayo mabwirizwa.
12 Rero amategeko ubwayo ni meranda. N’amabwirizwa ni meranda, aragororotse kandi ni meza+.
13 None ikintu ciza ni co catumye mpfa? Habe namba! Ahubwo ni igicumuro. Ivyo vyabaye kugira ngo biciye ku kintu ciza, biboneke ko igicumuro ari co kinzanira urupfu+, ngo amabwirizwa yerekane ko igicumuro ari kibi cane+.
14 Turazi ko amategeko ari ay’impwemu*, mugabo jewe ndi uw’umubiri, kandi naragurishijwe ngo ngabwe n’igicumuro+.
15 Sintahura ivyo nkora. Kuko ivyo nshaka gukora atari vyo nkora, ahubwo ivyo nanka ni vyo nkora.
16 Ariko ko nkora ivyo ntashaka, vyerekana ko nemera yuko amategeko ari meza.
17 Mugabo uwubikora ntaba akiri jewe, ahubwo ni igicumuro kiba muri jewe+.
18 Ndazi ko muri jewe, ni ukuvuga mu mubiri wanje, ata ciza na kimwe kibayo, kuko nipfuza gukora iciza mugabo sinshobore kugikora+.
19 Iciza nshaka gukora si co nkora, mugabo ikibi ntashaka gukora ni co nkora.
20 Ko nkora rero ico ntashaka gukora, uwugikora ntaba akiri jewe, ahubwo ni igicumuro kiba muri jewe.
21 Ng’iki rero ikintu* mbona ku binyerekeye: iyo nshatse gukora ikibereye, ikibi kiba kiri muri jewe+.
22 Mu mutima wanje* ndahimbarwa vy’ukuri n’amategeko y’Imana+,
23 mugabo mu mubiri* wanje mbona irindi tegeko rirwanya itegeko riyobora ubwenge* bwanje+, rikanjana ndi imbohe kw’itegeko ry’igicumuro+ riri mu mubiri* wanje.
24 Ewe jewe ndagowe! Ni nde azonkiza umubiri unjana kuri urwo rupfu*?
25 Imana ishimwe biciye kuri Yezu Kristu Umukama wacu! Nuko rero, mu bwenge* bwanje ndi umushumba w’itegeko ry’Imana, mugabo mu mubiri wanje nkaba umushumba w’itegeko ry’igicumuro+.
Utujambo tw'epfo
^ Mu kigiriki havuga ngo «mwarapfuye ku vyerekeye.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «mu bihimba.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «twapfuye ku bijanye n’icahora kituboshe.»
^ Canke «umwina.»
^ Canke «umwina.»
^ Canke «ava ku Mana.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «itegeko.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «mu muntu w’imbere.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «mu bihimba.»
^ Canke «umuzirikanyi.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «mu bihimba.»
^ Ni ukuvuga urupfu ruterwa n’igicumuro twarazwe.
^ Canke «mu muzirikanyi.»