Guharura 16:1-50
16 Kora+ umuhungu wa Izihari+, Izihari umuhungu wa Kohati+, Kohati umuhungu wa Lewi+, arahaguruka ari kumwe na Datani na Abiramu abahungu ba Eliyabu+ hamwe na Oni umuhungu wa Peleti. Bose uko ari batatu bari abo mu muryango wa Rubeni+.
2 Batangura kurwanya Musa bari kumwe n’abagabo b’Abisirayeli 250, abagabo bahambaye, abakuru b’ishengero batowe ngo bariserukire.
3 Nuko bakoranira hamwe kugira barwanye+ Musa na Aroni, bababwira bati: «Ivyanyu turabihaze! Ishengero ryose ni ryeranda+, bose uko bangana, kandi Yehova ari hagati yabo+. Kuki none mwiduza hejuru y’ishengero rya Yehova?»
4 Musa avyumvise, aca arunama mu maso hashika hasi.
5 Hanyuma abwira Kora n’abamushigikiye bose ati: «Ejo mu gitondo Yehova azokwerekana uwumwegukira uwo ari we+. Azokwerekana uwuri mweranda n’uwukwiye kumwegera uwo wari we+. Uwo azotora+ ni we azomwegera.
6 Ubu rero nimugire gutya: Kora n’abagushigikiye+ nimutore udupanu tujamwo umuriro+,
7 hanyuma ejo muze mudushireko umuriro n’imibavu, muheze mubizane imbere ya Yehova. Uwo Yehova azotora+ ni we azoba ari mweranda. Mwarengeje urugero mwa bahungu ba Lewi+!»
8 Musa aca abwira Kora ati: «Nimunyumvirize mwa bahungu ba Lewi.
9 Mwibaza ko ari ibisanzwe kubona Imana ya Isirayeli yarabatoye mw’ishengero ry’Abisirayeli+, ikabemerera kuyegera kugira mukore ibikorwa vyo kw’ihema ryeranda rya Yehova no kugira muhagarare imbere y’ishengero ngo murikorere+?
10 Mwibaza ko ari ibisanzwe kubona yarabemereye kuyegera, mwe na benewanyu bose, abahungu ba Lewi? None muriko murondera n’ubuherezi na bwo+?
11 Umenye rero ko wewe n’abagushigikiye bose muriko murwanya Yehova. Aroni ni iki aho mumwidogera+?»
12 Mu nyuma, Musa atumako Datani na Abiramu+ abahungu ba Eliyabu, mugabo bamwishura bati: «Ntituza!
13 Wadukuye mu gihugu gitemba amata n’ubuki utuzana gupfira muri ubu bugaragwa+. Ubu na ho ushaka kwigira umutware wacu ntayegayezwa*? Wibaza ko ivyo ari ibisanzwe?
14 Ca gihugu gitemba amata n’ubuki+ hamwe na ya matongo n’imirima y’imizabibu watwemerera biri hehe? Ushaka ko abo bagabo bagukurikira nk’impumyi*? Ntituza!»
15 Musa aca arashavura cane maze abwira Yehova ati: «Ntiwemere amashikanwa yabo y’intete. Nta ndogobwa yabo n’imwe nigeze ntwara, kandi nta n’umwe muri bo nagiriye nabi+.»
16 Hanyuma Musa abwira Kora ati: «Ejo uzoze imbere ya Yehova uri kumwe n’abagushigikiye bose hamwe na Aroni.
17 Umwe wese azotore agapanu kajako umuriro, agashireko imibavu aheze akazane imbere ya Yehova. Tuzoba ari udupanu 250, kandi na wewe na Aroni umwe wese azoba afise agapanu kiwe.»
18 Umwe wese rero afata agapanu kiwe, agashirako umuriro n’imibavu, hanyuma bahagarara ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro bari kumwe na Musa na Aroni.
19 Kora amaze kwegeranya abamushigikiye bose+ kugira bahangane na bo ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro, ubuninahazwa bwa Yehova buca bubonekera ishengero ryose+.
20 Yehova aca abwira Musa na Aroni ati:
21 «Nimwitandukanye n’ako kagwi. Ngira ndabarandure mu kanya isase+.»
22 Baca barunama mu maso hashika hasi, maze bavuga bati: «Ewe Mana, Mana uha ubuzima abantu bose+, mbega umuntu umwe yocumura ugaca ushavurira ishengero ryose+?»
23 Yehova aca abwira Musa ati:
24 «Bwira ishengero ryose uti: “Nimuve iruhande y’amahema ya Kora na Datani na Abiramu+!”»
25 Musa aca aja kwa Datani na Abiramu, agenda ajanye n’abashingantahe+ bo muri Isirayeli.
26 Araheza abwira ishengero ati: «Ndabasavye muve iruhande y’amahema y’abo babisha, kandi ntihagire ikintu na kimwe cabo mukorako kugira ntimupfe kubera igicumuro cabo.»
27 Ubwo nyene baca bigira kure y’amahema ya Kora na Datani na Abiramu. Datani na Abiramu baca barasohoka, bahagarara ku bwinjiriro bw’amahema yabo bari kumwe n’abagore babo, abahungu babo n’abana babo batoyi.
28 Musa aca avuga ati: «Iki ni co kiza kubereka ko ari Yehova yantumye gukora ivyo bintu vyose, ko atari ivyo nibwira*:
29 Aba bantu nibapfa urupfu rusanzwe nk’urw’abantu bose, canke bakaronka igihano gisanzwe nk’ic’abantu bose, muce mumenya ko atari Yehova yantumye+.
30 Ariko Yehova niyabakorera ikintu c’akataraboneka, isi ikasama ikabamirana n’ibintu vyabo vyose, bakamanuka mu kuzimu ari bazima, muce mumenya ko aba bagabo bagaye Yehova.»
31 Agiheza kuvuga ayo majambo, aho bari bahagaze haca harasaduka+,
32 isi irasama irabamira bari kumwe n’imiryango yabo n’abari bashigikiye Kora bose+ n’ibintu vyabo vyose.
33 Bamanuka mu kuzimu ari bazima bari kumwe n’ababashigikiye bose. Isi irabapfuka, ntibasubira kuboneka mw’ishengero+.
34 Abisirayeli bari ng’aho bumvise induru yabo, baca barahunga kuko bibwira bati: «Isi ihava itumira natwe!»
35 Haca haza umuriro uvuye kuri Yehova+, urigata ba bagabo 250 bariko bashikana imibavu+.
36 Yehova aca abwira Musa ati:
37 «Bwira Eleyazari umuhungu wa Aroni umuherezi akure mu muriro turya dupanu+ kuko ari tweranda. Mubwire kandi asanzaze uwo muriro kure.
38 Udupanu tw’abo bagabo bapfuye kubera bacumuye, mukwiye kudukoramwo utwuma dufyase two guhomeka ku gicaniro+. Ni tweranda kuko batuzanye imbere ya Yehova. Tuzobera imburi* Abisirayeli+.»
39 Eleyazari umuherezi aca atora twa dupanu tw’umujumbu twazanwa na ba bagabo baturirwa n’umuriro, araduhonda kugira aduhomeke ku gicaniro,
40 nk’uko Yehova yari yabimutegetse biciye kuri Musa. Ivyo vyokwibukije Abisirayeli ko umuntu wese atabifitiye uburenganzira*, ni ukuvuga uwutari uwo mu ruvyaro rwa Aroni, adakwiye guturira imibavu imbere ya Yehova+. Vyobibukije kandi ko badakwiye kumera nka Kora n’abamushigikiye+.
41 Bukeye, ishengero ryose ry’Abisirayeli rica ritangura kwidogera Musa na Aroni+, rivuga riti: «Ni mwe mwishe abantu ba Yehova.»
42 Ishengero rimaze gukoranira hamwe ngo rirwanye Musa na Aroni, baca barahindukira baraba kw’ihema ry’ibonaniro maze babona ca gicu caripfutse, ubuninahazwa bwa Yehova na bwo buca butangura kuboneka+.
43 Musa na Aroni baca baja imbere y’ihema ry’ibonaniro+.
44 Maze Yehova abwira Musa ati:
45 «Nimuve muri iryo shengero kugira ndaritikize mu kanya isase+.» Baca barunama mu maso hashika hasi+.
46 Musa aca abwira Aroni ati: «Tora agapanu ugashireko umuriro ukuye ku gicaniro+ hamwe n’imibavu, uce unyarukira aho ikoraniro riri ubatangire impongano+ kuko Yehova yashavuye. Ikiza camaze gutangura!»
47 Aroni aca atora agapanu kajako umuriro nk’uko Musa yari amubwiye, hanyuma yiruka hagati y’ishengero, asanga ikiza camaze gutera mu bantu! Araheza ashira imibavu kuri ka gapanu, atangura kubatangira impongano.
48 Aguma ahagaze hagati y’imivyimba y’abapfuye n’abakiri bazima gushika ico kiza gihagaze.
49 Abishwe n’ico kiza bari 14.700, udashizemwo abapfuye kubera Kora.
50 Igihe Aroni yasubira aho Musa ari ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro, ikiza cari camaze guhagarara.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «ushaka kudukandamiza?»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ushaka kunogora amaso aba bagabo?»
^ Canke «ko atari ivyo nikurira mu mutima.»
^ Canke «ikimenyetso.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «uw’ahandi.»