Gusubira mu vyagezwe 18:1-22

  • Umugabane w’abaherezi n’Abalewi (1-8)

  • Imigenzo ijanye n’ubupfumu irabujijwe (9-14)

  • Umuhanuzi ameze nka Musa (15-19)

  • Ingene bazomenya abahanuzi b’ikinyoma (20-22)

18  Abaherezi b’Abalewi, mbere umuryango wose w’Abalewi, ntibazohabwa umugabane canke intoranwa muri Isirayeli. Bazorya ibimazi vya Yehova bashikanisha umuriro, ari vyo ntoranwa yiwe+.  Nta ntoranwa bazoronka muri benewabo. Yehova ni we ntoranwa yabo nk’uko yabibabwiye.  Ibi rero ni vyo abaherezi bafitiye uburenganzira ku vyo abantu batanga: umuntu wese atanze ikimazi, yaba impfizi y’inka canke intama, ategerezwa guha umuherezi igikenye c’ukuboko, imibangabanga be n’umushishito.  Muzomuha kandi intete mwimbuye ubwa mbere, umuvinyu mushasha, amavuta hamwe n’ubwoya bwa mbere mumoye ku bitungwa vyanyu+.  Yehova Imana yanyu yaratoye Lewi n’abahungu biwe mu miryango yanyu yose kugira bakorere abantu mw’izina rya Yehova igihe cose+.  Ariko Umulewi niyava muri kimwe mu bisagara vyo muri Isirayeli yari asanzwe abamwo+, akipfuza kuja ahantu Yehova azoba yaratoye*+,  arashobora gukora igikorwa c’ubuherezi mw’izina rya Yehova Imana yiwe nka benewabo bose b’Abalewi bakorera ng’aho imbere ya Yehova+.  Azoronka umugabane w’ibifungurwa ungana n’uwabo+, wiyongereye ku mahera aronka agurishije ivyo yarazwe na ba sekuru.  Nimwamara kwinjira mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe, ntimuze mugerageze kwigana ibintu bishisha ayo mahanga akora+. 10  Muri mwebwe ntihaze haboneke uwuturira umuhungu wiwe canke umukobwa wiwe ngo amutangeko ikimazi+, uwupfumura+, uwukora ivy’amageza+, uwuragura+, umurozi+, 11  uwugundika* abandi, uwuhanuza abavugana n’abapfuye+, rumenyi+ canke uwuvugana n’abapfuye+. 12  Kuko uwukora ivyo bintu wese ashisha Yehova, kandi ivyo bintu bishisha ni vyo bitumye Yehova Imana yanyu yirukana ayo mahanga ngo ababise. 13  Mukwiye kuba intungane imbere ya Yehova Imana yanyu+. 14  Ayo mahanga mugira mwirukane yahora yumviriza abakora ivy’amageza+ n’abapfumura+, ariko mwebwe Yehova Imana yanyu ntabemerera gukora ibintu nk’ivyo. 15  Yehova Imana yanyu azobaha umuhanuzi ameze nkanje, amukuye muri benewanyu. Mukwiye kumwumviriza+. 16  Ivyo ni vyo mwasavye Yehova Imana yanyu i Horebu, igihe mwari mukoraniye hamwe+ maze mukavuga muti: “Dutabare ntidusubire kwumva ijwi rya Yehova Imana yacu canke kwitegereza uyu muriro ukomeye, ahandiho twopfa+.” 17  Yehova yaciye ambwira ati: “Ivyo bavuze ni vyiza. 18  Nzobaha umuhanuzi ameze nkawe+ avuye muri benewabo. Nzomubwira ivyo akwiye kuvuga+, na we azobabwira ivyo ndamutegetse vyose+. 19  Kandi umuntu wese atazokwumviriza ivyo uwo muhanuzi avuga mw’izina ryanje nzobimuhanira+. 20  Nihagira umuhanuzi yubahuka kuvuga ijambo ntamutumye, akarivuga mw’izina ryanje canke mw’izina ry’izindi mana, uwo muhanuzi ategerezwa gupfa+. 21  Ariko mwoshobora kwibaza muti: ‘Tuzomenya gute ko iryo jambo atari Yehova yarivuze?’ 22  Uwo muhanuzi niyavuga ibintu mw’izina rya Yehova hanyuma ivyo yavuze ntibibe canke ngo biranguke, Yehova rero si we azoba yabivuze. Uwo muhanuzi azoba yavuze ivyo yibwiye abitewe n’ubwibone. Ntimuze mumutinye.”

Utujambo tw'epfo

Ni ukuvuga ikibanza nyamukuru Yehova yatoye ngo bamusengeremwo.
Ni umuntu akoresha uburozi mu kugirira nabi abandi canke agatuma badashobora gukora ikintu kanaka.