Gusubira mu vyagezwe 8:1-20

  • Musa asubiramwo imihezagiro ya Yehova (1-9)

    • «Umuntu ntabeshwaho n’umukate gusa» (3)

  • Ntimuze mwibagire Yehova (10-20)

8  Mukwiye gukurikiza neza amabwirizwa ndabahaye uno musi, kugira mubandanye kubaho+, mugwire kandi mwigarurire igihugu Yehova yarahiye ko azoha ba sokuruza banyu+.  Mwibuke urugendo rurerure Yehova Imana yanyu yabagirishije muri iyi myaka 40 mu bugaragwa+, kugira abacishe bugufi, abagerageze+, maze amenye ibiri mu mitima yanyu+, ko muzokurikiza amabwirizwa yiwe canke ko mutazoyakurikiza.  Yarabacishije bugufi rero, arabareka murasonza+ maze abagaburira manu+ mutari bwabone mwe na ba sokuru banyu, kugira mumenye ko umuntu atabeshwaho n’umukate gusa, ahubwo ko abeshwaho n’ijambo ryose riva mu kanwa ka Yehova+.  Impuzu zanyu ntizigeze zihera, kandi n’ibirenge vyanyu ntivyigeze bivyimba muri iyi myaka 40 yose+.  Murazi neza mu mitima yanyu ko Yehova Imana yanyu yariko arabakosora, nka kurya umuvyeyi* akosora umwana wiwe+.  Mutegerezwa rero kwubahiriza amabwirizwa ya Yehova Imana yanyu mu kugendera mu nzira ziwe no mu kumutinya.  Kuko Yehova Imana yanyu agira abinjize mu gihugu ciza+, igihugu c’imigezi* y’amazi, amariba n’imbizi* bitemba mu biyaya no mu misozi,  igihugu cuzuyemwo ingano na sayiri, imizabibu, imisukoni n’amakomamanga+, igihugu cuzuyemwo amavuta y’imyelayo* n’ubuki+,  igihugu mutazokenamwo ibifungurwa canke ngo mubure ikintu na kimwe, igihugu cuzuyemwo amabuye y’ubutare bw’icuma, igihugu muzocukuramwo ubutare bw’umujumpu mu misozi yaco. 10  Nimwamara kurya mugahaga, muze muhayagize Yehova Imana yanyu kubera igihugu ciza yabahaye+. 11  Muraba maso ntimuze mwibagire Yehova Imana yanyu mu kudakurikiza amabwirizwa yiwe, ingingo yashinze n’ivyagezwe vyiwe ndabahaye uyu musi. 12  Nimwamara kurya mugahaga, mukubaka amazu meza mukayabamwo+, 13  ibitungwa vyanyu bikagwira, mukaronka ifeza n’inzahabu nyinshi, mukagira umusesekara muri vyose, 14  ntimuze mwivyimvye*+ ngo mwibagire Yehova Imana yanyu, uwabakuye mu gihugu ca Misiri mwabayemwo muri abashumba*+, 15  akabacisha muri bwa bugaragwa bunini kandi buteye ubwoba+, bwuzuyemwo inzoka z’ubumara na za sikorupiyo* hamwe n’isi yumye itagiramwo amazi. Yarabakuriye amazi mu gitandara c’isare+, 16  abagaburira manu+ mu bugaragwa, iyo ba sokuru banyu batari bwabone, kugira abacishe bugufi+ yongere abagerageze, maze bibagendere neza muri kazoza+. 17  Nimwibwira mu mutima muti: “Ububasha bwacu n’inguvu zacu ni vyo vyaturonkeje iri tunga+”, 18  muze mwibuke ko Yehova Imana yanyu ari we abaha ububasha bwo kurondera itunga+, kugira ashitse isezerano yagiraniye na ba sokuruza banyu nk’uko biri uyu musi+. 19  Nimwaramuka mwibagiye Yehova Imana yanyu mugakurikira izindi mana, mukazikorera kandi mukazunamira, emwe ndabarahiye uno musi ko mutazogenda mudatikiye+. 20  Muzotikira nk’ayo mahanga Yehova ariko arahonereza imbere yanyu, kuko mutazoba mwumviye Yehova Imana yanyu+.

Utujambo tw'epfo

Canke «sebibondo.»
Canke «imyonga.»
Canke «ibinogo birebire vy’amasoko y’amazi.»
Bayita kandi amavuta ya olive.
Canke «ntimuze mureke imitima yanyu yishime.»
Mu giheburayo havuga ngo «inzu y’abashumba.»
Canke «utumina.»