Itanguriro 16:1-16

  • Hagari na Ishimayeli (1-16)

16  Sarayi umugore wa Aburamu nta bana yari afise+, ariko yari afise umusukukazi w’Umunyamisiri yitwa Hagari+.  Sarayi rero abwira Aburamu ati: «Urabona ko Yehova atankundiye kuvyara. Ndagusavye uryamane n’umusukukazi wanje. Hari aho yomvyarira abana+.» Nuko Aburamu yemera ivyo Sarayi amubwiye.  Sarayi umugore wiwe aca afata Hagari umusukukazi wiwe w’Umunyamisiri, amuha umugabo wiwe Aburamu ngo na we amubere umugore. Ico gihe Aburamu yari amaze imyaka cumi aba mu gihugu ca Kanani.  Aburamu araheza aryamana na Hagari, hanyuma aribungenga. Hagari amenye ko yibungenze, aca atangura gusuzugura inabuja.  Maze Sarayi abwira Aburamu ati: «Ariko amfata nabi kubera wewe. Ni je naguhaye umusukukazi wanje*, mugabo amaze kumenya ko yibungenze yaciye atangura kunsuzugura. Yehova aducire urubanza twe na wewe.»  Aburamu amwishura ati: «Ehe umusukukazi wawe ari mu maboko yawe. Numugire uko ushaka.» Sarayi aca atangura kumufata nabi gushika n’aho ata akomoka.  Mu nyuma, umumarayika wa Yehova amusanga mu gahinga hafi y’iriba ry’amazi riri ku nzira ija i Shura+.  Amubaza ati: «Hagari musukukazi wa Sarayi, uva he ukaja he?» Amwishura ati: «Ndiko mpunga mabuja Sarayi.»  Umumarayika wa Yehova amubwira ati: «Subira kwa nyokobuja, wiyoroshe imbere yiwe.» 10  Uwo mumarayika wa Yehova abandanya ati: «Nzogwiza cane uruvyaro* rwawe ku buryo ata woshobora kuruharura+ 11  Umumarayika wa Yehova yongerako ati: «Raba uribungenze kandi uzovyara umuhungu. Uze umwite Ishimayeli* kuko Yehova yumvise amarira yawe. 12  Azomera nk’indogobwa* yo mw’ishamba. Azorwanya abantu bose*, kandi na bo bazomurwanya. Vyongeye, azoshinga ihema ryiwe imbere ya benewabo bose.» 13  Hagari aca yambaza izina rya Yehova Imana yariko ivugana na we, avuga ati: «Uri Imana ibona+.» Yongerako ati: «Aha nyene nabonye umwe ambona?» 14  Ni co gituma iryo riba ryiswe Beri-Lahayi-Royi*. (Riri hagati ya Kadeshi na Beredi.) 15  Mu nyuma Hagari avyarira Aburamu umuhungu, maze Aburamu amwita Ishimayeli+. 16  Aburamu yari afise imyaka 86 igihe Hagari yavyara Ishimayeli.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «ni je nashize umusukukazi wanje mu gikiriza cawe.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Bisobonura ngo «Imana irumva.»
Hari abiyumvira ko ico gikoko coba ari imparage, kumbure bafatiye ku kuntu ikunda kwigenga.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «azokwankana na benewabo bose.»
Iryo zina risobanura ngo «iriba ry’Uwuriho kandi ambona.»