Matayo 1:1-25

  • Amamuko ya Yezu Kristu (1-17)

  • Ivuka rya Yezu (18-25)

1  Igitabu cigana kahise* ka Yezu Kristu* mwene Dawidi+, mwene Aburahamu+:   Aburahamu yavyaye Izahaki+,Izahaki avyara Yakobo+,Yakobo na we avyara Yuda+ na benewabo.   Yuda yavyaye Peresi na Zera+ kuri Tamari,Peresi avyara Hesironi+,Hesironi na we avyara Ramu+.   Ramu yavyaye Aminadabu,Aminadabu avyara Nahashoni+,Nahashoni na we avyara Salumoni.   Salumoni yavyaye Bowazi kuri Rahabu+,Bowazi avyara Obedi kuri Rusi+,Obedi na we avyara Yese+.   Yese yavyaye umwami Dawidi+, Dawidi na we avyara Salomo+ kuri muka Uriya.   Salomo yavyaye Rehobowamu+,Rehobowamu avyara Abiya,Abiya na we avyara Asa+.   Asa yavyaye Yehoshafati+,Yehoshafati avyara Yehoramu+,Yehoramu na we avyara Uziya.   Uziya yavyaye Yotamu+,Yotamu avyara Ahazi+,Ahazi na we avyara Hezekiya+. 10  Hezekiya yavyaye Manase+,Manase avyara Amoni+,Amoni na we avyara Yosiya+. 11  Yosiya+ yavyaye Yekoniya+ na benewabo igihe Abayuda bajanwa kugirwa imbohe i Babiloni+. 12  Bamaze kujanwa kugirwa imbohe i Babiloni, Yekoniya yavyaye Shalutiyeli,Shalutiyeli na we avyara Zerubabeli+. 13  Zerubabeli yavyaye Abihudi,Abihudi avyara Eliyakimu,Eliyakimu na we avyara Azori. 14  Azori yavyaye Sadoki,Sadoki avyara Akimu,Akimu na we avyara Elihudi. 15  Elihudi yavyaye Eleyazari,Eleyazari avyara Matani,Matani na we avyara Yakobo. 16  Yakobo yavyaye Yozefu umugabo wa Mariya nyina wa Yezu+, uwitwa Kristu+. 17  Imvyaro* zose rero zahaciye kuva kuri Aburahamu gushika kuri Dawidi zari 14. Kuva kuri Dawidi gushika igihe Abayuda bajanwa kugirwa imbohe i Babiloni haciye imvyaro 14, hanyuma kuva Abayuda bajanywe kugirwa imbohe i Babiloni gushika kuri Kristu haca imvyaro 14. 18  Uku rero ni ko ivuka rya Yezu Kristu ryagenze: Igihe nyina wiwe Mariya yari akowe na Yozefu, basanze yibungenze biciye ku mpwemu nyeranda*+, imbere y’uko babana. 19  Ariko kubera yuko umugabo wiwe Yozefu yari umugororotsi, kandi akaba atashaka kumumaramaza*, yaciye yiyumvira kumuheba* mu mpisho+. 20  Mugabo amaze kuvyiyumvira, umumarayika wa Yehova* yaciye amubonekera mu ndoto, amubwira ati: «Yozefu mwene Dawidi, ntutinye gutwara muhira iwawe Mariya umugore wawe, kuko yasamye inda biciye ku mpwemu nyeranda+. 21  Azovyara umwana w’umuhungu kandi uzomwite Yezu*+, kuko azokiza abantu biwe ibicumuro vyabo+ 22  Ivyo vyose vyabaye kugira haranguke ivyo Yehova* yari yaravuze biciye ku muhanuzi wiwe ati: 23  «Umve, umwigeme w’isugi azosama inda maze avyare umuhungu, kandi bazomwita Emanweli+», bikaba bisobanura ngo: «Imana iri kumwe natwe+ 24  Yozefu aca arikangura maze akora ivyo umumarayika wa Yehova* yari yamutegetse, atwara umugore wiwe muhira. 25  Ariko ntibigeze barangura amabanga y’abubatse gushika Mariya avyaye umuhungu+. Yozefu araheza amwita Yezu+.

Utujambo tw'epfo

Canke «Mesiya», «Uwarobanuwe.»
Canke «amamuko.»
Canke «ba sekuruza.»
Canke «ku nguvu z’Imana.»
Canke «kwahukana na we.»
Canke «kumugira akamenyo.»
Aha ni ho ha mbere mu ncuro 237 izina ry’Imana «Yehova» riboneka mu gisomwa nyamukuru c’Ivyanditswe vy’ikigiriki. Raba Inyongera ya A5.
Bihuye n’izina ry’igiheburayo «Yeshuwa» canke «Yosuwa.» Iryo zina risobanura ngo «Yehova arakiza.»