Yesaya 25:1-12
25 Ewe Yehova, uri Imana yanje.
Ndaguhaya ngashemeza izina ryawe,kuko wakoze ibintu vy’agatangaza+,ibintu wateguye* kuva kera+.Warabishikije, werekana ko uri umwizigirwa+.
2 Kuko igisagara wagihinduye ikirundo c’amabuye,igisagara gikingijwe ibihome ugihindura ibihomvagurike gusa.
Umunara w’abanyamahanga ntukiri igisagara.Ntuzopfa usubiye kwubakwa.
3 Ni co gituma ihanga rikomeye rizokuninahaza,igisagara c’amahanga atwaza umukazo kikagutinya+.
4 Kuko umuntu mutoyi wamubereye igihome gikomeye kimukingira,n’umworo umubera igihome gikomeye mu marushwa yiwe+,ubuhungiro bwo kwikinga imvura y’igihuhusi,n’igitutu co kwikinga ubushuhe+.
Igihe impemu z’abatwaza umukazo zibaye nk’imvura y’igihuhusi yisuka ku ruhome,
5 nk’ubushuhe mu gihugu kigadutse,uranumya urwamo rw’abanyamahanga.
Indirimbo y’abatwaza umukazo warayinumijenka kurya igitutu c’igicu gicuvya ubushuhe.
6 Kuri uyu musozi+, Yehova Nyeningabo azotegurira amahanga yoseinzimano y’ibifungurwa vyizavyiza+n’umuvinyu uryoshe*,inzimano y’ibifungurwa vyizavyiza vyuzuye umusokoron’umuvinyu uryoshe umiminye.
7 Kuri uyu musozi azokuraho* ikintu gitwikiriye abantu bosen’igitambara* kijishe gipfutse amahanga yose.
8 Urupfu azorumira* ubutakigaruka+kandi Umukama Segaba Yehova azohanagura amosozi ku maso ya bose+.
Agacokoro abantu biwe bacokowe azogakuraho kw’isi yose,kuko Yehova ubwiwe abivuze.
9 Kuri uwo musi bazovuga bati:
«Raba! Iyi ni yo Mana yacu+.
Twarayizigiye+kandi izodukiza+.
Uyu ni Yehova.
Twaramwizigiye.
Tunezerwe duhimbarwe kubera ubukiriro atanga+.»
10 Kuko ukuboko kwa Yehova kuzoguma kuri uyu musozi+,kandi Mowabu izohonyangirwa aho iri+nk’uko ivyatsi* bihonyangirwa mu kirundo c’intabire.
11 Azosanza amaboko akubite Mowabunka kurya uwoga mu mazi menshi asanza amaboko akubita amazi.Azokoresha amaboko yiwe ku buhinga,ashire hasi ubwibone bwa Mowabu+.
12 Igisagara cawe gikingijwe ibihome vy’umutekano,azogisenyurira hasi.Azogisambura gushika hasi mu mukungugu.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «ivyo wigiriye inama.»
^ Canke «umuvinyu baretse ukirēka.»
^ Canke «umwitwikiro.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «azomira.»
^ Canke «azorukuraho.»
^ Canke «ibikumbi.»