Yesaya 54:1-17
54 Yehova avuze ati: «Niwihe akamo k’umunezero, yewe mugore w’ingumba utigeze uvyara+!
Nezerwa wihe akamo k’umunezero+, wewe utigeze ugira ububabare bwo kwibaruka+,kuko abana* b’umugore yatawe ari benshikuruta ab’umugore afise umugabo*+.»
2 «Agura ikibanza c’ihema ryawe+.
Sanza ibitambara vy’ihema ryawe rihambaye.
Ntiwitinye. Rehura imigozi y’ihema ryawe,ukomeze imambo z’ihema ryawe+.
3 Kuko uzokwiragira iburyo n’ibubamfu.
Uruvyaro rwawe ruzokwigarurira amahanga,kandi ruzoba mu bisagara vyagizwe umusaka+.
4 Ntutinye+ kuko utazoteterwa+.Ntumaramare kuko utazotaha zirayoye.
Uzokwibagira agateterwe ko mu buto bwawe,kandi ibimaramare watewe no kuba uri umupfakazi ntuzosubira kuvyibuka.»
5 «Kuko Umuremyi* wawe ahambaye+ ameze nk’umugabo wawe*+.Yitwa Yehova Nyeningabo,kandi wa Mweranda wa Isirayeli ni Umucunguzi wawe+.
Azokwitwa Imana y’isi yose+.
6 Kuko igihe jewe Yehova naguhamagara, wari umeze nk’umugore yahebwe kandi yishwe n’intuntu*+,nk’umugore yarongowe mu buto agaca atabwa», ni ko Imana yawe ivuze.
7 «Kuko naguhevye akanya gatoyi,mugabo nzokugarukana+ ndabigiranye imbabazi nyinshi.
8 Ishavu ryinshi nari mfise ryatumye ndaguhisha mu maso hanje akanya gatoyi+.Mugabo kubera ubuntu* bwanje bwamaho nzokugirira imbabazi+», ni ko Umucunguzi wawe+ Yehova avuze.
9 «Kuri jewe ivyo bimeze nko mu misi ya Nowa+.
Kurya nyene narahiye yuko amazi yo mu gihe ca Nowa atazokwongera kurengera isi+,n’ubu ndarahiye yuko ntazokwongera kugushavurira canke ngo ndagukosore+.
10 Kuko imisozi ishobora kuvahon’imirambi ikanyiganyizwa,ariko urukundo* ndabakunda ntiruzohera+,n’isezerano ryanje ry’amahoro ntirizonyiganyizwa+», ni ko Yehova avuze, Umwe akwumvira impuhwe+.
11 «Ewe mugore watejwe amarushwa+, ukazungazungishwa n’igihuhusi, ntuhozwe+.Amabuye yawe ngira ndayubakishe ubudongo bugumye*,umushinge wawe ndawubakishe amabuye ya safiro+.
12 Iminara yo hejuru ku nzitiro zawe nzoyubakisha amabuye ya rubi,amarembo yawe ndayubakishe amabuye aca ibibatsi*,imbibe zawe zose na zo ndazubakishe amabuye y’agaciro.
13 Abana* bawe bose bazokwigishwa na Yehova+,kandi amahoro y’abana* bawe azoba menshi+.
14 Uzoshinga imizi mu bugororotsi+.
Agacinyizo kazokwigizwa kure yawe+.Ntuzotinya ikintu na kimwe canke ngo hagire ikikurandura umutima,kuko kitazokwegera+.
15 Nihagira uwugutera,si je nzoba ndamutumye.
Uwo wese azogutera ntazotsinda+.»
16 «Raba! Ni jewe ubwanje naremye umucuziahuha amakara,agahingura ikirwanisho.
Ni jewe kandi naremye umuntu ahonya kugira ngo atikize inganda+.
17 Rero nta kirwanisho cakozwe kugira bakurwanye kizororanirwa+.Kandi ururimi rwose ruzoguhagurukira ngo rukuburanye, uzorutsinda.
Iyo ni yo ntoranwa y’abasavyi ba Yehova,kandi mbona ko bagororotse», ni ko Yehova avuze+.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
^ Canke «shebuja.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «Umuhinguzi.»
^ Canke «nka shobuja.»
^ Canke «yababaye mu mutima.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Ubwo budongo rwari uruvange rw’ishwagara, umusenyi n’amazi.
^ Canke «amabuye y’umuriro.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»