Yohani 18:1-40

  • Yuda agurisha Yezu (1-9)

  • Petero akoresha inkota (10, 11)

  • Yezu ajanwa kwa Anasi (12-14)

  • Petero yihakana Yezu ubwa mbere (15-18)

  • Yezu imbere ya Anasi (19-24)

  • Petero yihakana Yezu ubwa kabiri n’ubwa gatatu (25-27)

  • Yezu imbere ya Pilato (28-40)

    • «Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si» (36)

18  Yezu ahejeje kuvuga ivyo bintu, aca ajana n’abigishwa biwe hakurya y’umwonga Kidironi*+, ahantu hari umurima, yinjirayo ari kumwe n’abigishwa biwe+.  Yuda, umwe yagira amugurishe, na we nyene yari azi aho hantu, kuko Yezu yakunda gukoranirayo n’abigishwa biwe.  Yuda aca azana umugwi w’abasoda n’abapolisi barungitswe n’abakuru b’abaherezi n’Abafarizayo, baza ng’aho bafise ibimuri n’amatara n’ibirwanisho+.  Yezu rero, kubera yari azi ibintu vyose bigira bimushikire, aca yegera imbere maze ababaza ati: «Murondera nde?»  Na bo bati: «Yezu Umunyanazareti+.» Aca ababwira ati: «Ni jewe.» Yuda, umwe yagira amugurishe, na we nyene yari kumwe na bo+.  Ariko aho Yezu ababwiriye ati: «Ni jewe», baca basubiza imigongo inyuma, bagwa hasi+.  Yongera kubabaza ati: «Murondera nde?» Na bo bati: «Yezu Umunyanazareti.»  Yezu abishura ati: «Nababwiye ko ari jewe. Nimba rero ari jewe murondera, nimureke aba bigire.»  Ivyo yabivuze kugira haranguke ivyo yari yaravuze ati: «Mu bo wampaye nta n’umwe yatakaye+ 10  Simoni Petero yari afise inkota, aca arayisokora, ayikubita umushumba w’umuherezi mukuru, amuca ugutwi kw’iburyo+. Uwo mushumba yitwa Malikusi. 11  Ariko Yezu abwira Petero ati: «Subiza inkota yawe mu rwubati*+. Mbega simbwirizwa kunywa ku gikombe Dawe yampaye+ 12  Ba basoda na komanda hamwe n’abapolisi barungitswe n’Abayuda baca bafata Yezu baramuboha. 13  Babanza kumujana kwa Anasi, kuko yari sebukwe wa Kayifa+, uwari umuherezi mukuru muri uwo mwaka+. 14  Kayifa ni we yari yahanuye Abayuda yuko hari ku neza yabo ko umuntu umwe apfira abantu+. 15  Simoni Petero n’uwundi mwigishwa bariko barakurikira Yezu+. Uwo mwigishwa yari azinanyi n’umuherezi mukuru, aca yinjirana na Yezu mu rugo rw’umuherezi mukuru, 16  mugabo Petero aguma ahagaze hanze ku muryango*. Wa mwigishwa yari azinanyi n’umuherezi mukuru aca arasohoka hanze, avugana n’umusukukazi yari acunze irembo maze yinjiza Petero. 17  Uwo musukukazi aca abwira Petero ati: «Ubwo weho nturi mu bigishwa b’uwo muntu?» Na we avuga ati: «Oya, sindi uwo muri bo+ 18  Ico gihe abasuku n’abapolisi bari bahagaze iruhande y’umucanwa w’amakara bari bacanye bariko barota, kuko hari hakanye. Petero na we nyene yari ahagararanye na bo ariko arota. 19  Umukuru w’abaherezi rero abaza ibibazo Yezu ku vyerekeye abigishwa biwe no ku vyerekeye inyigisho ziwe. 20  Yezu amwishura ati: «Navugira imbere y’abantu bose ku mugaragaro. Igihe cose nama nigisha mu masinagogi no mu rusengero+ aho Abayuda bakoraniye, kandi nta kintu na kimwe navugiye mu kinyegero. 21  None umbariza iki? Baza abumvise ivyo nababwiye. Barazi ivyo navuze.» 22  Yezu ahejeje kuvuga ivyo, umwe mu bapolisi bari bahagaze ng’aho aca amukubita ikofe mu maso+, amubwira ati: «Ukwo ni ko wishura umukuru w’abaherezi?» 23  Yezu amwishura ati: «Nimba mvuze amakosa, erekana ayo makosa ayo ari yo, ariko nimba mvuze ukuri, unkubitiye iki?» 24  Anasi aca amurungika aboshe ku muherezi mukuru Kayifa+. 25  Simoni Petero yari ahagaze ng’aho ariko arota. Baca bamubaza bati: «Ubwo weho nturi mu bigishwa biwe?» Petero aca arabihakana, avuga ati: «Oya sindi uwo muri bo+ 26  Umwe mu basuku b’umuherezi mukuru, akaba yari incuti ya wa muntu Petero yaca ugutwi+, aca avuga ati: «Wewe sinakubonye mu murima uri kumwe na we?» 27  Ariko Petero yongera kubihakana, ubwo nyene isake ica irabika+. 28  Hanyuma bakura Yezu kwa Kayifa, bamujana ku kirimba kwa buramatari+. Hari mu gatondo ka kare. Mugabo Abayuda ntibinjiye mu kirimba ca buramatari, kugira ntibahumane+ maze bashobore kurya Pasika. 29  Pilato aca arasohoka aja aho bari, ababaza ati: «Uyu muntu mumwagiriza iki?» 30  Bamwishura bati: «Uyu muntu iyaba atari inkozi y’ikibi* ntituba twamukuzaniye.» 31  Pilato ababwira ati: «Nimumutware mwebwe nyene mumucire urubanza mwisunze amategeko yanyu+.» Abayuda baca bamubwira bati: «Amategeko yacu ntatwemerera kwica umuntu n’umwe+ 32  Ivyo vyabaye kugira haranguke ivyo Yezu yari yaravuze kugira yerekane urupfu yari agiye gupfa urwo ari rwo+. 33  Pilato yongera kwinjira mu kirimba ca buramatari maze ahamagara Yezu, amubaza ati: «Uri Umwami w’Abayuda+ 34  Yezu amwishura ati: «Ivyo ubivuze uvyibwiye, canke ni abandi bakubwiye ivyanje?» 35  Pilato amwishura ati: «Ugira ngo jewe ndi Umuyuda? Ihanga ryawe n’abakuru b’abaherezi ni bo bakunzaniye. Wakoze iki?» 36  Yezu amwishura+ ati: «Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si+. Iyo ubwami bwanje buba ubwo muri iyi si, abasuku banje bari kurwana kugira sinshirwe mu maboko y’Abayuda+. Ariko noneho ubwami bwanje si ubwo muri iyi si.» 37  Pilato aca amubaza ati: «Wewe rero uri umwami?» Yezu amwishura ati: «Wewe ubwawe urabivuze ko ndi umwami+. Iki ni co navukiye kandi ni co canzanye mw’isi: ni ukugira nshingire intahe ukuri+. Uwuri ku ruhande rw’ukuri wese arumviriza ijwi ryanje.» 38  Pilato aca amubaza ati: «Ukuri ni iki?» Ahejeje kuvuga ivyo, Pilato aca arasohoka aja aho Abayuda bari, ababwira ati: «Nta kosa ndamubonako+. 39  Vyongeye, murafise umugenzo w’uko ndabarekurira umuntu kuri Pasika+. Mushaka none ndabarekurire Umwami w’Abayuda?» 40  Bongera gusemerera bati: «Ntuturekurire uyo, turekurire Baraba!» Uwo Baraba rero yari umwambuzi+.

Utujambo tw'epfo

Canke «y’uruzi rwo mu rushana rwitwa Kidironi.»
Urwubati ni ikintu barokezamwo inkota mu kuyibika.
Canke «kw’irembo.»
Canke «umwicanyi.»