Zaburi 56:1-13

  • Isengesho ry’uwuriko arahamwa

    • «Imana ni yo nizigiye» (4)

    • «Nushire amarira yanje mu mukuza wawe» (8)

    • «Umuntu buntu yongira iki?» (4, 11)

Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira kw’ijwi ryitwa «Inuma yihoreye iri kure cane.» Ni indirimbo* ya Dawidi, igihe Abafilisitiya bamufatira i Gati+. 56  Ewe Mana, ngirira ubuntu kuko abantu bariko barantera*. Baguma bandwanya bongera bancinyiza bukarinda bwira.   Abansi banje birirwa barandondera kugira bancakire.Abandwanya n’ubwishime n’akantu ni benshi.   Ni wewe nizigira+ igihe mfise ubwoba+.   Imana ni yo nizigiye, kandi ndahayagiza ijambo ryayo.Imana ni yo nizigiye, kandi singira ubwoba. None umuntu buntu yongira iki+?   Baguma banteza ingorane bukarinda bwira.Nta kindi barota atari ukungirira nabi+.   Barinyegeza kugira bantere,bakarereka intambuko zanje zose+bashaka kuzimanganya ubuzima bwanje+.   Ewe Mana, nubashibure kubera ikibi cabo. Nutikize amahanga washavuye+.   Urazi amagorwa yose ngira* ndiko ndahunga+. Nushire amarira yanje mu mukuza* wawe+. None ntiyanditswe mu gitabu cawe+?   Umusi nagutabaje, abansi banje bazohunga+. Ico nzi neza ni iki: Imana iri ku ruhande rwanje+. 10  Imana ni yo nizigiye, kandi ndahayagiza ijambo ryayo.Yehova ni we nizigiye, kandi ndahayagiza ijambo ryiwe. 11  Imana ni yo nizigiye, kandi singira ubwoba+. None umuntu buntu yongira iki+? 12  Ewe Mana, indagano nakugiriye ntegerezwa kuzishitsa+.Nzogushikanira ibimazi vy’ugukenguruka+. 13  Kuko wandokoye ukankiza urupfu+,kandi ukarinda ibirenge vyanje gutsitara+kugira ngendere imbere y’Imana mu muco w’abazima+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «mikitamu.» Raba Insiguro y’amajambo (Mikitamu).
Canke «baguma barondera kuncakira.»
Canke «mu mukuza w’urushato.»
Canke «intambuko zose ntera.»