Zaburi 89:1-52
Ni indirimbo* ya Etani+ mwene Zera.
89 Nzoririmba urukundo* rwa Yehova ibihe vyose.
Nzomenyesha ukudahemuka kwawe uko urunganwe* ruzokurikira urundi.
2 Kuko navuze nti: «Urukundo rwawe ruzokwamaho* ibihe vyose+,kandi warashimangiye ukudahemuka kwawe mw’ijuru.»
3 «Naragiraniye isezerano n’uwo nitoreye+.Nararahiye Dawidi umusavyi wanje+ nti:
4 “Nzoshigikira uruvyaro* rwawe+ ibihe vyose,kandi nzokomeza intebe yawe y’ubwami uko urunganwe ruzokurikira urundi+.”» (Sela*)
5 Ewe Yehova, ijuru riraninahaza ibitangaza vyawe,emwe riraninahaza ukudahemuka kwawe mw’ishengero ry’aberanda.
6 None ni nde mw’ijuru yogereranywa na Yehova+?
Ni nde asa na Yehova mu bamarayika*+?
7 Imana irubahwa cane mw’ishengero ry’aberanda+.Irahambaye kandi irateye ubwoba mu bayikikuje bose+.
8 Ewe Yehova Mana Nyeningabo,ni nde anganya inkomezi nawe ga Yehova*+?
Uri intahemuka muri vyose+.
9 Ni wewe uganza ikiyaga gisuriranya+,kandi iyo imikuba yaco yasaze urayitururuza+.
10 Warajanjaguye Rahabu*+ uramwica+.
Warashwiragije abansi bawe n’ukuboko kwawe gukomeye+.
11 Ijuru ni rwawe kandi n’isi ni rwawe+.Isi n’ibiyuzuyemwo vyose+ ni wewe wabishizeho.
12 Uburaruko n’ubumanuko ni we wabiremye.Umusozi Tabora+ na Herumoni+ birashemeza izina ryawe binezerewe.
13 Ukuboko kwawe kuri n’ububasha+.Ukuboko kwawe kurakomeye+.Ukuboko kwawe kw’ukuryo gushizwe hejuru+.
14 Ubugororotsi n’ubutungane ni vyo mushinge w’intebe yawe y’ubwami+,kandi urukundo* n’ukudahemuka vyama imbere yawe+.
15 Ewe Yehova, hahiriwe abantu bagushemeza banezerewe+.
Baguma bagendera mu muco wo mu maso hawe.
16 Barahimbarwa n’izina ryawe bukarinda bwira,kandi ubugororotsi bwawe butuma bashirwa hejuru.
17 Kuko ari wewe bwiza bwabo n’inkomezi zabo+,kandi gushimwa nawe bituma inguvu* zacu zongerekana+.
18 Kuko inkinzo yacu iva kuri Yehova,kandi umwami wacu ava kuri wa Mweranda wa Isirayeli+.
19 Ico gihe wabwiye intahemuka zawe mw’iyerekwa uti:
«Nahaye inkomezi umuntu w’intwari+,nshira hejuru uwo natoye mu bantu+.
20 Nabonye umusavyi wanje Dawidi+,kandi namurobanuje amavuta* yanje meranda+.
21 Ikiganza canje kizomushigikira+,kandi ukuboko kwanje kuzomukomeza.
22 Nta mwansi azomutoza ikori*,kandi nta muntu w’umubisha azomucinyiza+.
23 Nzomenagurira imbere yiwe abamurwanya+,kandi nzotikiza abamwanka+.
24 Nzomwereka ubwizigirwa bwanje n’urukundo* rwanje+,kandi inkomezi ziwe zizokwongerekana kubera izina ryanje.
25 Nzomuha ububasha* ku biyaga,ndamuhe n’ububasha ku nzuzi+.
26 Azosemerera ambwira ati: “Uri Dawe,Imana yanje n’Igitandara c’ubukiriro bwanje+.”
27 Nzomugira imfura+,ndamurutishe abami bose bo kw’isi+.
28 Nzomukunda* ibihe vyose+,kandi isezerano nagiraniye na we ntirizokwigera rihagarara+.
29 Nzotuma uruvyaro rwiwe rwamaho ibihe vyose,ntume intebe yiwe y’ubwami iramba nk’ijuru+.
30 Abana biwe nibaheba itegeko ryanjekandi ntibakurikize ingingo nashinze,
31 nibahonyanga ivyagezwe vyanjekandi ntibakurikize amabwirizwa yanje,
32 nzobahanisha inkoni+ kubera ubugaba* bwabo,ndabakubite kubera ikosa ryabo.
33 Ariko sinzokwigera ndeka kumukunda*+canke ngo ndeke gushitsa ivyo nasezeranye*.
34 Sinzorenga kw’isezerano ryanje+canke ngo mpindure ivyo navuze+.
35 Nararahiye rimwe rizima mu bweranda bwanje.Sinzobesha Dawidi+.
36 Uruvyaro rwiwe ruzokwamaho ibihe vyose+.Intebe yiwe y’ubwami izokwama imbere yanje nk’izuba+.
37 Izokwamaho ibihe vyose,nka kurya nyene ukwezi kwama* mu kirere.» (Sela)
38 Ariko wewe waramushibuye, uramuta+.Warashavuriye cane uwo warobanuje amavuta.
39 Warasuzuguye isezerano wagiraniye n’umusavyi wawe,uhumanya urugori rwiwe mu kuruterera hasi.
40 Warabomoye impome* ziwe zose z’amabuye,usenyurira hasi inzitiro ziwe, zisigara ari umusaka.
41 Abahita bose baramusahuye utwiwe,kandi yacitse agatwengo ku babanyi biwe+.
42 Watumye abamurwanya batahukana intsinzi*+,utuma abansi biwe bose banezerwa.
43 Vyongeye, warasubije inyuma inkota yiwe,utuma atsindwa mu rugamba.
44 Watumye atakaza icubahiro ciwe,utembagaza intebe yiwe y’ubwami.
45 Waragabanije imisi y’ubuto bwiwe,utuma yuzura ibimaramare. (Sela)
46 Ewe Yehova, uzoguma winyegeje kugeza ryari? Ibihe vyose+?
Mbega ishavu ryawe rizoguma rirurumba nk’umuriro?
47 Niwibuke ko ubuzima bwanje ari bugufi+.
None waremeye ubusa abantu bose?
48 Ni nde muntu yoshobora kuguma abaho ntiyigere apfa+?
Mbega yoshobora kwikura mu vyara vy’ukuzimu? (Sela)
49 Ewe Yehova, vya bikorwa vyawe vy’urukundo* biri hehe,bimwe warahira ko uzokorera Dawidi mu bwizigirwa bwawe+?
50 Ewe Yehova, niwibuke ibitutsi abasavyi bawe batukwa.Niwibuke ko mbwirizwa kwikorera* ibitutsi vy’amahanga yose,
51 ibitutsi abansi bawe bavuga, ewe Yehova,n’ingene batuka uwo warobanuje amavuta aho agiye hose.
52 Ese Yehova yoshemezwa ibihe vyose! Amen kandi Amen+.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «masikili.» Raba Insiguro y’amajambo (Masikili).
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «iyaruka.»
^ Canke «ruzokwama rukomeye.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Mu giheburayo havuga ngo «mu bana b’Imana.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «Ya.» Ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
^ Iryo zina rishobora kuba ryerekeza kuri Misiri canke Farawo.
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ihembe.»
^ Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
^ Canke «ikibuguro.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «nzoshira ukuboko kwiwe.»
^ Canke «nzomwereka urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «ubugarariji.»
^ Canke «kumwereka urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Mu giheburayo havuga ngo «canke ngo mve ku kudahemuka kwanje.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «nk’icabona cizigirwa.»
^ Canke «ubwugamo.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «washize hejuru ukuboko kw’ukuryo kw’abamurwanya.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Mu giheburayo havuga ngo «gutwara mu gikiriza.»