IKIBAZO CA 19
Ni ibiki biri mu bitabu bitandukanye vya Bibiliya?
IVYANDITSWE VY’IGIHEBURAYO («ISEZERANO RYA KERA»)
PANTATEKI (IBITABU 5):
Itanguriro, Kuvayo, Abalewi, Guharura, Gusubira mu vyagezwe
Kuva kw’irema gushika kw’ishingwa ry’ihanga rya Isirayeli
IBITABU VYIGANA INKURU ZA KAHISE (IBITABU 12):
Yosuwa, Abacamanza, Rusi
Isirayeli yinjira mu gihugu c’isezerano be n’ivyabaye mu nyuma
1 Samweli na 2 Samweli, 1 Abami na 2 Abami, 1 Ngoma na 2 Ngoma
Inkuru zerekeye ihanga rya Isirayeli gushika Yeruzalemu isanganguwe
Ezira, Nehemiya, Esiteri
Inkuru zerekeye ihanga ry’Abayuda inyuma y’aho baviriye mu bunyagano i Babiloni
IBITABU VY’INDYOSHAMVUGO (IBITABU 5):
Yobu, Zaburi, Imigani, Umusiguzi, Indirimbo ya Salomo
Ivyegeranyo vy’imvugo z’ubukerebutsi be n’indirimbo
IBITABU VY’UBUHANUZI (IBITABU 17):
Yesaya, Yeremiya, Gucura intimba, Ezekiyeli, Daniyeli, Hoseya, Yoweli, Amosi, Obadiya, Yona, Mika, Nahumu, Habakuki, Zefaniya, Hagayi, Zakariya, Malaki
Ibintu vyavuzwe imbere y’igihe vyerekeye abasavyi b’Imana
IVYANDITSWE VY’IKIGIRIKI («ISEZERANO RISHASHA»)
ZA NJILI ZINE (IBITABU 4):
Matayo, Mariko, Luka, Yohani
Inkuru zerekeye ubuzima bwa Yezu be n’ubusuku bwiwe
IVYAKOZWE N’INTUMWA (IGITABU 1):
Inkuru yerekeye intango y’ishengero rya gikirisu be n’igikorwa c’ubumisiyonari
AMAKETE (IBITABU 21):
Abaroma, 1 Abakorinto na 2 Abakorinto, Abagalatiya, Abanyefeso, Abafilipi, Abakolosayi, 1 Abatesalonika na 2 Abatesalonika
Amakete yandikiwe amashengero ya gikirisu atandukanye
1 Timoteyo na 2 Timoteyo, Tito, Filemoni
Amakete yandikiwe umuntu umwumwe ukwiwe
Abaheburayo, Yakobo, 1 Petero na 2 Petero, 1 Yohani, 2 Yohani na 3 Yohani, Yuda
Ayandi makete yandikiwe abakirisu
IVYAHISHUWE (IGITABU 1):
Ubuhanuzi butandukanye intumwa Yohani yeretswe