Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

BE MASO! No 2 2017 | Kuraba ivy’amashetani hari ico bitwaye?

Muri iki gihe amasinema arakunda kwerekana ibintu bisiga ubwenge nk’ibihume, ubupfumu n’amareba.

Wibaza ko kubiraba ari ukwiryohera bisanzwe canke birimwo akaga?

Iki kinyamakuru Be maso! kirerekana igituma abantu basigaye bakunda ibintu bisiga ubwenge be n’akaga birimwo.

 

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ibintu vy’ibintazi bisigaye bikundwa cane

Abakora ivya maji, abapfumu, ibizombi, amashetani n’ibihume, ni bimwe mu bintu vy’ibintazi abantu basigaye bakunda gusoma no kurorera. Kubera iki abantu babikunda?

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ubupfumu?

Abantu benshi babona ko ibintu vy’ibintazi n’ivy’ubupfumu ata co bivuze, ariko Bibiliya irerekana neza ko atari ibintu vyo gufata minenegwe. None Bibiliya ibivugako iki? Kubera iki ivyo ivuga bihambaye?

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Ingene uruyuki rugwa ahantu

Kubera iki ubuhinga inzuki zikoresha mu kugwa ahantu bworoshe cane gukoresha mu gutunganya ubuhinga bwo kuyobora imashini zitwa robo ziguruka?

ICOFASHA UMURYANGO

Iyo umuvyeyi apfuye

Kubura umuvyeyi bitera umubabaro utovugwa. Ni ibiki vyofasha uwukiri muto kwihanganira uwo mubabaro?

Icofasha abana babuze uwabo

Raba ingene Bibiliya yafashije abakiri bato batatu kuvyifatamwo neza aho baburiye uwabo.

IBIHUGU N’ABABIBAMWO

Tuje muri Espanye

Igihugu ca Espanye kibamwo abantu b’ubwoko butandukanye, kikagira n’intara zifise ubwiza butandukanye. Hari igifungurwa c’agaciro Espanye ihingura cane kuruta ibindi bihugu vyose kw’isi.

TWISUNZE BIBILIYA

Umusaraba

Abantu benshi babona umusaraba nk’ikimenyetso c’ubukirisu. Yezu yoba yapfiriye ku musaraba? Abigishwa biwe boba barakoresha umusaraba mu gusenga?

Woba wipfuza gutahura Bibiliya?

Raba ivyo ukeneye n’ivyo udakeneye kugira utahure ivyo Bibiliya ivuga.

Ibindi usanga kuri internet

Novyifatamwo gute igihe nshikiwe n’ivyago?

Abakiri bato barigana ivyabafashije kwihangana.

Amadayimoni yoba abaho?

Amadayimoni ni iki? Yakomotse he?