Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

2 Twoba ari twe twikwegera imibabaro idushikira?

2 Twoba ari twe twikwegera imibabaro idushikira?

Igituma bihambaye ko turonka inyishu

Nimba inyishu ari ego, twoba rero dushoboye kugabanya imibabaro idushikira.

Iyumvire iki kintu:

Ibi bintu biteza imibabaro, abantu babifisemwo uruhara ku rugero rungana gute?

  • Amabi.

    Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS) rivuga ko umuntu 1 kuri 4 usanga yarakorewe amabi mu kiringo kanaka c’ubwana bwiwe be n’uko umugore 1 kuri 3 mu kiringo kanaka c’ubuzima bwiwe akubagurwa ku mubiri canke mu vy’igitsina (canke bikamubako vyompi).

  • Kubura.

    Raporo imwe yo mu 2018 yatanzwe na OMS igira iti: “Abantu bashika 477.000 baragandaguwe kw’isi yose mu 2016.” Abo biyongera ku bantu 180.000 bivugwa ko bishwe mu ntambara canke mu ndyane muri uwo mwaka.

  • Indwara.

    Mu kiganiro casohotse mu kinyamakuru kimwe (National Geographic), umwanditsi Fran Smith avuga ati: “Abantu barenga umuliyaridi baranywa itabi, kandi rirasongera isibe mu bintu bitanu nyamukuru bihitana abantu ari vyo: indwara y’umutima, indwara ifatira mu bwonko (bita AVC), indwara zo mu bihimba vy’ihemero, indwara idakira izibira impemu mu mahaha be na kanseri yo mu mahaha.”

  • Ubusumbane mu kibano.

    Umuhinga mu vy’inyifato y’abantu yitwa Jay Watts agira ati: “Ubukene, ubusumbane mu kibano, ikumirwa rifatiye ku bwoko canke ku gitsina, kwangazwa, be n’agatima ko guhiganwa, vyose birashobora gutuma abantu barushiriza kurwara intuntu n’akabonge.”

    MENYA N’IBINDI

    Raba kuri jw.org ividewo ivuga ngo Kubera iki Imana yaremye isi?

Bibiliya ibivugako iki?

Ingorane nyinshi ziriho ubu ziterwa n’abantu.

Nyinshi muri zo ziterwa n’intwaro z’agahotoro zituma ubuzima bw’abantu buba amananiza kandi ari bo zivuga ko zikorera.

“Umuntu yaganje uwundi mu kumugirira nabi.”​UMUSIGUZI 8:9.

Turashobora kugabanya imibabaro idushikira.

Impanuro zo muri Bibiliya ziradufasha kugira amagara meza no kubana neza n’abandi.

“Umutima utekanye ni ubuzima bw’umubiri w’inyama, mugabo ishari ni ububore ku magufa.”​IMIGANI 14:30.

“Umururazi ubabaza wose, n’ishavu, n’uburake, n’ugukankama, n’ugutukana, bikurwe muri mwebwe, hamwe n’ububi bwose.”​ABANYEFESO 4:31.