BE MASO! No 6 2016 | Ingene twokwirinda indwara

Indwara zandukira nshasha n’izasubiye kwaduka zirashobora kubangamira amagara yawe. Wokwikingira neza gute?

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ingene twokwirinda indwara

Umubiri wacu wama imisi yose uri mu rugamba rwo kurwanya abansi bihoreye kandi bataboneka mugabo bashobora kwica.

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Wokwikingira gute?

Raba ibintu bitanu bishobora gutuma urwara n’ingene wokwikingira neza.

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Utugozi tw’agakoko kitwa moule marine

Udukoko twitwa moules marines turamata ahantu dukoresheje utuntu tumeze nk’utugozi. Gutahura ubwo buhinga vyofasha gutora uburyo bushasha kandi bwiza kuruta bwo kumadika ibintu ku mazu canke gufatanya imitsi n’amagufa.

ICOFASHA UMURYANGO

Kwubaha uwo mwubakanye

Kwubahana mu rugo si ikintu wokora canke ntukore. Ni ikintu gikenewe. None wokwerekana gute ko wubaha uwo mwubakanye?

KAHISE KATWIGISHA IKI?

Érasme

Yiswe “umuntu wa kera yamenyekanye cane nk’abantu rurangiranwa kw’isi yose bo muri iki gihe.” Ni ibiki vyatumye aba rurangiranwa?

Ifi y’igitangaza

Iyo fi ifise amabara menshi kandi ikaba ibana mu buryo butangaje n’agakoko kitwa anémone. Bigenda gute ngo bibane kandi ni igiki gituma uwo mubano uba uwudasanzwe?

TWISUNZE BIBILIYA

Kwubahiriza umwanya

Kwubahiriza umwanya canke kutawubahiriza biratuma umuntu avugwa neza canke nabi. Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kwubahiriza umwanya? Ni ibiki vyogufasha kuba umuntu yubahiriza umwanya?

Ironderero ry’ibiganiro vyo muri Be maso! zo mu 2016

Urutonde rw’ibiganiro vyasohowe muri Be maso! mu 2016, bitondetse hisunzwe ico bivuga.

Ibindi usanga kuri internet

Nupange neza ibintu vyawe

Yehova arafise aho ashira ikintu cose. Nurabe nawe ingene ushobora gupanga neza ibintu vyawe!

Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye Noweli?

Wotangara umenye inkomoko y’imigenzo itandatu ikundwa na benshi ijanye na Noweli.