Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Udukuru tw’irya n’ino

Udukuru tw’irya n’ino

Leta Zunze Ubumwe za Amerika

Urwego rumwe rwo muri ico gihugu rujejwe umutekano ruvuga yuko mu myaka cumi iheze, abakozi bo ku bibuga vy’indege bajejwe umutekano bafashe ibintu nk’imiliyoni 50 bibujijwe. Mu 2011 honyene, abo bakozi batumye ibirwanisho bicira umuriro birenga 1.200 bitinjira mu ndege. Benshi mu bo babifatanye bavuze ko kwabaye gusa ukwibagira ko bavyitwaje.

Brezile

Abakuru mu vy’indero baratanguye kuza barashira mu mpuzu z’abanyeshure utuntu two mu buhinga bwa none kugira ngo barwanye ingeso yo gusiba ivyigwa batabifitiye uruhusha. Umwana ashitse kw’ishure, ivyuma bica bimenya ko yinjiye maze umuvyeyi wiwe agaca aronka ubutumwa bwanditse bubimumenyesha. Bishitse na ho hagahera iminota irenga 20 atarashika kw’ishure, umuvyeyi wiwe aca aronka ubundi butumwa bubimumenyesha.

Norveje

Idini ry’abaluteri ntirikiri ryo dini ry’igihugu. Inama nshingamateka y’ico gihugu yaratoye yuko ibwirizwa shingiro ryohinduka maze idini na Leta ntibibe bigifatanye cane, ivyo bikaba bitari bwigere biba muri ico gihugu.

République Tchèque

Mw’itohoza rimwe ryagizwe, ibice bibiri kuri bitatu vy’abakozi bavuze yuko igihe bataba bari ku kazi babona ko bategerezwa kwitaba ababatelefona canke ababandikira biciye kuri Internet canke kuri telefone ngendanwa bababaza ibijanye n’akazi. Kandi abarenga ica gatatu cabo babona ko kudaca bitaba iyo telefone canke ngo bishure ubwo butumwa bitaranga urupfasoni.

Ubuhindi

Naho umwimbu wongerekanye ibice hafi 50 kw’ijana mu myaka 20 iheze, hakaba hari n’ibigega vy’amatoni imiliyoni 71 y’umuceri n’ingano, Ubuhindi biracabugora kuronsa ibifungurwa abanyagihugu babwo. Ibice nka 40 kw’ijana gusa vy’ibiri muri ivyo bigega ni vyo bishikira abanyagihugu. Imwe mu mvo ibitera ni igiturire hamwe n’ugusesagura.