IKIGANIRO TWAGIRANYE NA | RACQUEL HALL
Umuyahudikazi asigura icatumye asubira gusuzuma ivyo yemera
Nyina wa Racquel Hall yari Umuyahudikazi, se wiwe na we akaba ari umugabo akomoka muri Otrishe yinjiye mw’idini ry’Abayahudi. Sekuru na inakuru bavyara nyina bari abo mu muhari w’abaharanira inyungu za Leta ya Israyeli, bakaba bimukiye muri ico gihugu mu 1948, ari na wo mwaka Israyeli yacika Leta yigenga. Ikinyamakuru Be maso! caramubajije icatumye asuzuma neza ibijanye n’ivyo yahoze yemera akiri mw’idini ry’Abayahudi.
Wotubwira ivyerekeye kahise kawe?
Navukiye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu 1979. Igihe nari mfise imyaka itatu, abavyeyi banje barahukanye. Mawe yandeze yisunze imico n’imigenzo vy’Abayahudi, anshira mu mashure y’Abayahudi. Mfise imyaka indwi, twarimukiye muri Israyeli tumarayo umwaka umwe, ico gihe nkaba nize mw’ishure ryo mu kigwati kimwe cabamwo abakozi bakorera hamwe. Twe na mawe twahavuye twimukira i Megizike.
Naho ata sinagogi yariho muri Megizike, nagumye nkurikiza imigenzo y’Abayahudi. Ku musi w’Isabato naracana amabuji, ngasoma igitabu cacu ceranda citwa Itorati, nkongera ngasenga nkoresheje igitabu cacu c’ibisabisho. Kw’ishure, narakunda kubwira abana twigana yuko idini ryacu ari ryo ryatanguye. Sinari bwigere nsoma Isezerano rishasha, rino rikaba rivuga ahanini ivyo Yezu Kristu yigishije be n’igikorwa yaranguye. Mu bisanzwe, mawe yari yarangabishije ngo sinze ndarisome nimba ntashaka kwanduzwa n’inyigisho ziri muri ryo.
Kubera iki none wafashe ingingo yo gusoma Isezerano rishasha?
Nshikanye imyaka 17, naciye nsubira muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika kurangirizayo amashure. Hari umuntu twari tuzinanye wo muri ico gihugu yavuga ko ari umukirisu. Yambwiye yuko nimba ntemera Yezu ubuzima bwanje bwogumye buri n’agahaze.
Namwishuye nti: “Abemera Yezu barazimiye.”
Yaciye ambaza ati: “Mbe hoho uramaze gusoma Isezerano rishasha?”
Nanje nti: “Oya.”
Ni kwo guca ambwira ati: “Wumva none ukwo atari ukutamenya? Wokwiyamiriza gute ikintu kandi ata na kimwe ukiziko?”
Iryo jambo yavuze ryarankoze cane ku mutima, narirya nari nsanzwe mbona ko kugira ico uvuze ku bintu utazi ari ubujuju. Amaze kunkebura gutyo, naciye ntahana Bibiliya yiwe maze ntangura gusoma Isezerano rishasha.
None waribonye gute umaze kurisoma?
Naratangaye mbonye yuko abanditse Isezerano rishasha bari Abayahudi. Vyongeye, uko narushiriza kurisoma ni ko narushiriza kubona ko Yezu yari Umuyahudi w’umutima mwiza kandi yicisha bugufi, yipfuza gufasha abantu aho kubaronderamwo inyungu. Mbere naragiye ahari ububiko bw’ibitabu, ndatira ibitabu bivuga ivyerekeye Yezu. Ariko nta na kimwe muri ivyo bitabu canjijuye yuko Yezu yari Mesiya. Hari mbere n’ivyavuga ngo Yezu ni Imana, ariko jewe nabona ko ivyo bitumvikana. None ko Yezu yasenga, yasenga nde? Yoba yarisenga? Vyongeye, Yezu yarapfuye. Ariko ku vyerekeye Imana Bibiliya ivuga iti: “Wewe ntupfa.” *
None ivyo bibazo wabironkeye inyishu gute?
Kubera ko ukuri kutivuguruza, nari niyemeje kukumenya. Naciye rero nsenga Imana bivuye ku mutima, n’amosozi arakoroka, rikaba ari ryo rya mbere nari nsenze ntakoresheje ca gitabu canje c’ibisabisho. Ntaraheza no gusenga, nagiye numva umuntu adodora ku rugi. Bari Ivyabona vya Yehova babiri. Barampaye kimwe mu bitabu vyabo bifasha umuntu kwiga Bibiliya. Ico gitabu, hamwe n’ibiyago twahavuye tugirana, vyaranyeretse neza yuko ivyo bemera bishingiye kuri Bibiliya. Nk’akarorero, Ivyabona bemera ko Yezu atari umwe mu bagize Ubutatu, ahubwo ko ari “Umwana w’Imana” * akaba n’ “intango y’ivyaremwe n’Imana.” *
Haciye igihe gito, narasubiye i Megizike, ndabandanya gutohoza ibijanye n’ubuhanuzi bwerekeye Mesiya ndabifashijwemwo n’Ivyabona vya Yehova. Naratangaye mbonye ukuntu ubuhanuzi bwerekeye Mesiya ari bwinshi! Naho ari ukwo, sinari bwanyurwe neza. Naribaza nti: ‘Yezu yoba ari we wenyene ubwo buhanuzi bwarangukiyeko? Nemezwa n’iki yuko Yezu atari umunyamayeri yagerageje gusa gukora ibivugwa muri ubwo buhanuzi?’
Ni igiki none cakujijuye vy’ukuri?
Ivyabona vya Yehova baranyeretse ubuhanuzi ata muntu w’umwangushi yoshobora gushitsa. Nk’akarorero, imyaka irenga 700 imbere y’uko Mesiya avuka, umuhanuzi Mika yavuze yuko Mesiya yovukiye mu gisagara ca Betelehemu, i Yudaya. * Hari umuntu none yoshobora kwihitiramwo aho azovukira? Yesaya na we yanditse yuko Mesiya yokwishwe nk’inkozi y’ikibi igayitse, yamara agahambanwa n’abatunzi. * Ubwo buhanuzi bwose bwararangukiye kuri Yezu.
Ikimenyamenya ca nyuma banyeretse ni icerekeye uwo Yezu yakomotseko. Bibiliya yavuze yuko Mesiya yokomotse ku Mwami Dawidi. * Kubera yuko Abayahudi ba kera bazigama inzandiko zerekana amamuko yabo, zaba iza Leta canke iz’abantu ku giti cabo, iyo Yezu ataza kuba uwo mu muryango wa Dawidi, abamurwanya ntibari kubura kubifatirako bakerekana icese yuko atari Mesiya! Mugabo nta vyo bagize kubera ko hari hariho ibimenyamenya ntaharirizwa vyerekana ko Yezu yava mu muryango wa Dawidi. Mbere amasinzi y’abantu yamwita “Umwana wa Dawidi.” *
Mu 70 G.C.(G.C. bisobanura ngo “mu Gihe Cacu”), aho hakaba hari haciye imyaka 37 Yezu apfuye, ingabo z’Abaroma zaratikije Yeruzalemu, maze inzandiko zerekana amamuko y’abantu ziratakara canke ziraturirwa. Kugira ngo rero amamuko ya Mesiya amenyekane, yabwirizwa kuboneka imbere y’umwaka wa 70 G.C.
None ivyo hari ico vyagufashije?
Mu Gusubira mu vyagezwe 18:18, 19, hari haravuze yuko Imana yohagurukije muri Isirayeli umuhanuzi ameze nka Musa. Imana yavuze iti: “Umuntu atazokwumviriza amajambo yanje uno azovuga mw’izina ryanje, jewe ubwanje nzobimubaza.” Kwiga ubuhanuzi buri muri Bibiliya yose nkabuca mu mizi, vyaranjijuye ko uwo muhanuzi yari Yezu w’i Nazareti.
^ ing. 21 Yesaya 9:6, 7; Luka 1:30-32. Matayo ikigabane ca 1 harerekana abo Yezu yakomotseko dufatiye kuri se murezi, muri Luka ikigabane ca 3 na ho hakerekana amamuko yiwe dufatiye kuri nyina.