BE MASO! Myandagaro 2014 | Icofasha abantu gusubiza hamwe

Benshi muri twebwe turipfuza kubana n’ababanyi bacu mu mahoro no mu mwumvikano, ariko birashobora gushika tukagira inyifato zitabereye canke tukababara. Dushobora gute none gutunganya ingorane dufitaniye n’abandi mu mahoro?

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Icofasha abantu gusubiza hamwe

Ingingo ngenderwako ngirakamaro zo muri Bibiliya zarafashije abahoze ari abansi gusubiza hamwe, basigara mbere ari abagenzi.

Udukuru tw’irya n’ino

Muri utwo dukuru harimwo utwerekeye: ibikoresho biriko birasubirira hamwehamwe ibitabu bikoreshwa mu mashure no mu makaminuza, iyongerekana ry’abantu bapfa biturutse kw’itosekara ry’ikirere riterwa n’igitoro citwa ko kidatosekaza ikirere, n’idini rimwe ry’abakirisu ririmwo abanywanyi benshi batarigera basoma Bibiliya.

ICOFASHA UMURYANGO

Ntuhe umwana ico asavye cose

Wovyifatamwo gute hamwe umwana wawe yokwiriza canke akaguma akubuza amahoro kugira arabe ko woteba ukagondozwa?

“Ihweze neza inyoni”

Ni icigwa ikihe Yezu yariko arigisha abantu igihe yavuga ivyo?

KAHISE KATWIGISHA IKI?

William Whiston

“Yaratakaje ikibanza co kuba umwigisha rurangiranwa muri kaminuza asigara ari igicibwa.” Kubera iki?

TWISUNZE BIBILIYA

Indoto zivuye ku Mana

Imana yoba ikoresha indoto kugira ivugane n’abantu muri iki gihe?

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Ingene ibaba ry’ikinyugunyugu rikwega umuco

Ibara ryirabura ry’amababa y’ibinyugunyugu bimwebimwe, si ryo ryonyene rituma bikwega umuco.