Udukuru tw’irya n’ino
Muri Équateur
Ikibira ca Amazone kirafise agace kangana n’ibilometero kwadarato hafi 10.000 katarononwa n’abantu. Mu 2007, igihugu ca Équateur caramenyesheje ko gifise imigambi yo gukingira ako gace aho kugacukuramwo igitoro. Ariko cahavuye giheba iyo migambi kubera ko amakungu atafashe mu mugongo iyo migambi. Ako gace k’ikibira ka Amazone ni kamwe mu turere tubamwo ibinyabuzima vy’ubwoko bwinshi cane kw’isi.
Mu Buyapani
Ikinyamakuru kimwe co mu Buyapani (The Japan News) cavuze yuko bigoye cane ko abapima amaraso bamenya amaraso yose yanduye. Cabivuze hamaze kuvugwa inkuru y’umutama arenza imyaka 60 yanduye umugera wa SIDA mu 2013, biturutse ku maraso yatewe. Igihe umuntu atanze amaraso arimwo uwo mugera, hariho ikiringo umugera utegerezwa kuba umaze mu maraso kugira abayapima bashobore kuwubona.
Muri Zimbabwe
Naho haciye imyaka irenga 30 abarwanya Leta ya Zimbabwe bahagaritse intambara ku mupaka ico gihugu gihana na Mozambike, amamine araciha inkumbi. Abo atishe abasiga ari ibimuga. Ishirahamwe mpuzamakungu ritabara imbabare (Croix-Rouge) ryavuze riti: “Kuva mu 1980, abantu barenga 1.500 n’ibitungwa birenga 120.000 vyarahasize ubuzima, abantu 2.000 baracika amaguru canke amaboko kubera amamine ari ku ruhande rw’uwo mupaka rwegukira Zimbabwe.”
Muri Ostraliya
Itohoza rimwe ryerekana yuko abubakanye benshi basigaye barwanira ibikoko batunze igihe bahukanye. Mu matungo abubakanye basangiye akunze gutera ingorane, havuye inzu n’amatongo, amahera n’utundi tuntu, haca hakurikira ibikoko batunze.