Yehova arakunda ‘abama ivyamwa bihanganye’
‘Nayo izo mw’ivu ryiza, ni bamwe bama ivyamwa bihanganye.’—LUKA 8:15.
1, 2. (a) Kubera iki turemeshwa n’abaguma bamamaza mu vyibare bitimbuka? (Raba ishusho itangura.) (b) Yezu yavuze iki ku bijanye no kwamamaza mu “karere iwabo”? (Raba akajambo k’epfo.)
SERGIO n’umugore wiwe OLINDA ni abatsimvyi bageze mu myaka 80 baba muri Amerika. Ubu ntibiborohera gutambuka kubera barwaye amaguru. Yamara rero, nk’uko bamaze imyaka mirongo babigira, mu gitondo bama baja mu kibanza kimwe kirimwo uruja n’uruza mu gisagara. Isaha imwe yo mu gitondo baba bahashitse. Baca bicara hafi y’igituro ca bisi maze bagaha abahita ibitabu bishingiye kuri Bibiliya. Naho abantu benshi batabitaho, bigumira muri ico kibanza bakaza baramwenyurira ababitegereje. Ku muhingamo baca bataha. Bukeye kuri ya saha nyene barasubirayo. Buri mwaka, abo bavukanyi b’abizigirwa baraja kwamamaza muri ico kibanza gatandatu mu ndwi.
2 Nk’uko kwa Sergio na Olinda, abavukanyi na bashiki bacu benshi b’abizigirwa bo hirya no hino kw’isi, baramaze imyaka mirongo bamamaza mu vyibare bitimbuka. Nimba nawe ari ko vyifashe, * Akarorero utanga kararemesha benshi, mbere n’abo musangiye ukwemera bazi utuntu n’utundi. Raba ivyo abacungezi b’imizunguruko bavuze: “Iyo nkoranye mu ndimiro n’abavukanyi na bashiki bacu b’abizigirwa nk’abo, akarorero kabo karankomeza.” “Ubwizigirwa bwabo burandemesha kwumirako no kugira umutima rugabo mu murimo ndangura.” “Akarorero kabo karankora ku mutima cane.”
turagukeje cane kubona uguma wihanganye.3. Tugiye kurimbura ibibazo bitatu ibihe, kandi kubera iki?
3 Kugira dukomeze umwiyemezo wacu wo gusozera igikorwa co kwamamaza Yezu yadushinze, nimuze turimbure inyishu z’ibi bibazo bitatu: Kubera iki bishobora gushika tugacika intege? Twokwama ivyamwa gute? Ni igiki kizodufasha kuguma twama ivyamwa twihanganye?
KUBERA IKI BISHOBORA GUSHIKA TUGACIKA INTEGE?
4. (a) Ukuba Abayuda benshi batakiriye neza inkuru nziza vyatumye Paulo yiyumva gute? (b) Kubera iki yiyumvise gutyo?
4 Nimba bimaze kugushikira ukumva ucitse intege kubera ko ukorera mu cibare kitimbuka, woshobora gutahura ivyashikiye intumwa Paulo. Mu kiringo c’ubusuku bwiwe bwamaze hafi imyaka 30, yarafashije abantu benshi gucika abigishwa ba Kristu. (Ivyak. 14:21; 2 Kor. 3:2, 3) Ariko rero, ntiyashoboye gutuma Abayuda benshi bemera ugusenga kw’ukuri. Ahubwo riho, benshi baramwiyamirije, mbere bamwebamwe baramurwanya. (Ivyak. 14:19; 17:1, 4, 5, 13) None ivyo vyatumye Paulo yiyumva gute? Yariyemereye ati: “Ndiko mvuga ukuri muri Kristu . . . yuko mfise intuntu nyinshi n’umubabaro udatezura mu mutima wanje.” (Rom. 9:1-3) Kubera iki Paulo yumvise amerewe gutyo? Yarakunda cane igikorwa co kwamamaza. Yabwira inkuru nziza Abayuda kubera ko yabitwararika cane. Vyaramubabaza rero kubona batemera imbabazi z’Imana.
5. (a) Ni igiki gituma tubwira inkuru nziza abandi? (b) Kubera iki bidatangaje kubona bishika tugacika intege?
5 Nk’uko kwa Paulo, na twebwe tubwira inkuru nziza abantu kubera ko tubitwararika. (Mat. 22:39; 1 Kor. 11:1) Uti gute? Turazi ko abahitamwo gukorera Yehova biteze imihezagiro myinshi. Iyo tuzirikanye abantu bo mu cibare cacu duca twibwira duti: ‘Ese bokwemera tukabereka ivyo bariko barahomba!’ Ni co gituma tuguma tubaremesha kwiga ivyerekeye Yehova n’umugambi afitiye abantu. Ni nk’aho tubabwira duti: ‘Turabasavye mwakire agakemanyi tubazaniye.’ Igihe rero abantu banse kwakira ako gakemanyi, birumvikana ko tugira ‘umubabaro mu mutima.’ Ivyo ntivyerekana ko tutagira ukwizera, ahubwo vyerekana ko dukunda cane igikorwa co kwamamaza. Naho rero bishika tugacika intege, tuguma twihangana. Uwitwa Elena, akaba amaze imyaka irenga 25 ari umutsimvyi, araserura uko benshi muri twebwe biyumva ati: “Igikorwa co kwamamaza nticoroshe. Naho ari ukwo, nta kindi gikorwa numva nokora.”
TWOKWAMA IVYAMWA GUTE?
6. Tugiye kurimbura ikibazo ikihe, kandi tukirimbura gute?
6 Ni igiki kitwemeza ko dushobora kuroranirwa mu busuku naho twoba twamamaza ahantu hameze gute? Kugira turonke inyishu y’ico kibazo gihambaye, nimuze twihweze ibigereranyo bibiri Yezu yatanze mu kwerekana ko dukeneye ‘kwama ivyamwa.’ Mat. 13:23) Ica mbere cerekeye umuzabibu.
(7. (a) Ni bande bagereranywa n’“umurimyi,” “umuzabibu” be n’“amashami”? (b) Ni ikibazo ikihe dukeneye kwishura?
7 Soma Yohani 15:1-5, 8. Yezu yabwiye intumwa ziwe ati: “Dawe araninahazwa muri ibi: ko muguma mwama ivyamwa vyinshi kandi mukerekana ko muri abigishwa banje.” Yezu yavuze ko Yehova ari we “murimyi,” na we akaba “umuzabibu w’ukuri.” Abigishwa biwe na bo ni “amashami.” * None ivyamwa abayoboke ba Kristu bakwiye kwama ni ibihe? Muri ico kigereranyo, Yezu ntiyatomoye ivyo vyamwa ivyo ari vyo, ariko yaravuze ikintu gihambaye kidufasha kumenya inyishu.
8. (a) Muri ico kigereranyo, kubera iki ivyamwa biterekeza ku bigishwa bashasha? (b) Ni ibiki Yehova atigera adusaba?
8 Ku bijanye na Se wiwe, Yezu yavuze ati: “Ishami ryose ryo muri jewe ritama ararikura.” Mu yandi majambo, Yehova adufata ko turi abasavyi biwe igihe gusa twama ivyamwa. (Mat. 13:23; 21:43) Ku bw’ivyo, ivyamwa umukirisu wese ategerezwa kwama bivugwa muri ico kigereranyo, ntivyerekeza ku bigishwa bashasha. (Mat. 28:19) Hamwe vyoba bimeze gutyo, Ivyabona b’abizigirwa bidashoboka ko bafasha abantu ngo bacike abigishwa kubera ko bakorera mu vyibare bitimbuka, boba bameze nk’ayo mashami atama. Ariko ivyo ntivyoba vyumvikana! Uti kubera iki? Kuko tudashobora guhata abantu ngo bacike abigishwa. Yehova ni Imana y’urukundo. Ntiyokwubahuka rero gucira urubanza abasavyi biwe ngo n’uko batakoze ikintu badashoboye. Yehova ntiyigera adusaba ivyo tudashoboye.—Gus. 30:11-14.
9. (a) Twama ivyamwa mu kurangura igikorwa ikihe? (b) Tugiye kurimbura ikigereranyo ikihe, kandi kubera iki?
9 None ivyamwa dutegerezwa kwama ni ibihe? Birumvikana ko ivyo vyamwa bitegerezwa kuba vyerekeza ku gikorwa twese dushobora kurangura. None ni igikorwa ikihe Yehova yashinze abasavyi biwe bose? Ni igikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. * (Mat. 24:14) Ikigereranyo Yezu yatanze cerekeye umubivyi kiremeza ico kintu. Nimuze twihweze ico kigereranyo.
10. (a) Muri ico kigereranyo, imbuto n’ivu bigereranya iki? (b) Ihundo ry’ingano ryama iki?
10 Soma Luka 8:5-8, 11-15. Muri ico kigereranyo c’umubivyi, imbuto ni “ijambo ry’Imana,” ni ukuvuga ubutumwa bw’Ubwami. Ivu rigereranya umutima. Imbuto zaguye mw’ivu ryiza zarameze, zirakura, mu nyuma zirama. Dufate ko zari ingano. “[Zaramye] incuro ijana.” None ihundo ry’ingano ryama iki? Ryoba ryama ayandi mahundo y’ingano? Oya, ahubwo ryama intete, izishobora kubibwa zikavamwo ayandi mahundo. Muri ico kigereranyo, urutete rumwe rwavuyemwo intete ijana. None ivyo bifitaniye isano gute n’ubusuku bwacu?
11. (a) Ikigereranyo c’umubivyi cerekeye gute ubusuku turangura? (b) Twama gute izindi mbuto z’Ubwami?
11 Dufate ko haciye imyaka Ivyabona vya Yehova canke abavyeyi bacu batubwiye inkuru nziza y’Ubwami. Barahimbawe babonye ko twakiriye neza izo mbuto z’Ubwami. Nka kurya nyene za mbuto zagumye muri rya vu ryiza rivugwa mu kigereranyo ca Yezu, twaremeye ubwo butumwa maze turabugumya. * None twama gute izindi mbuto z’Ubwami? Igihe cose dutangaje ubutumwa bw’Ubwami mu buryo bumwe canke ubundi, ni nk’aho tuba dukwiragije imbuto yabibwe mu mutima wacu. (Luka 6:45; 8:1) Ico kigereranyo rero kiratwereka ko igihe tuguma dutangaza ubutumwa bw’Ubwami, tuba turiko ‘turama ivyamwa twihanganye.’
Ivyo vyatumye izo mbuto z’Ubwami zimera maze zirakura mu mutima wacu, zirama ihundo ry’ingano tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo. Kurya nyene ihundo ry’ingano ritama ayandi mahundo y’ingano ahubwo ryama intete, na twebwe ntitwama abigishwa bashasha ahubwo twama izindi mbuto z’Ubwami.12. (a) Twigira iki ku kigereranyo ca Yezu cerekeye umuzabibu be n’icerekeye umubivyi? (b) Ubona gute ico cigwa?
12 Twigira iki ku kigereranyo ca Yezu cerekeye umuzabibu n’icerekeye umubivyi? Ivyo bigereranyo biradufasha gutahura ko ivyamwa twama bitavana n’ingene abantu bo mu cibare cacu bakira inkuru nziza. Ahubwo nyabuna bivana n’ubwizigirwa bwacu. Paulo yarashigikiye ico kintu igihe yavuga ati: “Umuntu wese azoronka impembo yiwe bwite nk’uko yabize akuya.” (1 Kor. 3:8) Turonka impembo rero bivanye n’akuya twabize. Ntituyironka kubera ibiva mu vyo twakoze. Umutsimvyi w’imyaka 20 yitwa Matilda avuga ati: “Kumenya ko Yehova aduha impembo kubera utwigoro tugira birampimbara.”
NI IGIKI CODUFASHA KUGUMA TWAMA IVYAMWA TWIHANGANYE?
13, 14. Twisunze Abaroma 10:1, 2, ni kubera iki Paulo ataciye aheba abanse kwakira ubutumwa bw’Ubwami?
13 Ni igiki kizodufasha kuguma twama ivyamwa twihanganye? Nk’uko twabibonye, Paulo yaracitse intege kubera Abayuda banse kwakira ubutumwa bw’Ubwami. Naho ari ukwo, ntiyaciye abakurako amaboko. Raba ivyo yahavuye avuga mw’ikete yandikiye abakirisu b’i Roma ababwira ukuntu yabona abo Bayuda. Yavuze ati: “Ico umutima wanje ushima be n’ico ntakambira Imana ku bwabo, mu Rom. 10:1, 2) None Paulo yavuze ko ari ibiki vyamufashije kubandanya ubusuku bwiwe?
vy’ukuri ni ukugira ngo bakizwe. Kuko ndabashingira intahe yuko bafitiye Imana umwete; mugabo si mu bumenyi butagira amakosa.” (14 Ubwa mbere, yaravuze icatumye abandanya kubwira inkuru nziza Abayuda. Yavuze ko ari vyo ‘umutima wiwe washima.’ Yaripfuza ko Abayuda bamwebamwe baronka ubukiriro. (Rom. 11:13, 14) Ubwa kabiri, yavuze ko “[y]atakambira Imana ku bwabo.” Yaratakambira Imana ngo ifashe Abayuda bamwebamwe kwemera ubutumwa bw’Ubwami. Ubwa gatatu, yavuze ko “bafitiye Imana umwete.” Yarabona ivyiza mu bantu. Yari azi neza ko abo Bayuda b’umwete bari gushobora guhinduka bakaba abayoboke ba Kristu bafise umwete.
15. Twokwigana gute Paulo? Tanga uturorero.
15 None twokwigana gute Paulo? Ubwa mbere, turihatira kuguma dufise icipfuzo co kurondera abantu bose boba bafise “agatima kabereye kotuma baronka ubuzima budahera.” Ubwa kabiri, turatakambira Yehova ngo yugurure umutima w’abantu b’inziraburyarya. (Ivyak. 13:48; 16:14) Uwitwa Silvana, akaba amaze imyaka hafi 30 ari umutsimvyi, avuga ati: “Imbere yo kugendera umuhana mu cibare canje, ndasaba Yehova ngo amfashe kubona ibintu mu buryo bwiza.” Vyongeye, turasaba Imana ngo abamarayika batuyobore ku bantu b’umutima nziraburyarya. (Mat. 10:11-13; Ivyah. 14:6) Uwitwa Robert, akaba amaze imyaka irenga 30 ari umutsimvyi, avuga ati: “Biraryoshe gukorana n’abamarayika baba bazi ivyo abo tugendera baba bariko baracamwo.” Ubwa gatatu, turihatira kubona iciza mu bantu. Uwitwa Carl, akaba ari umukurambere amaze imyaka irenga 50 abatijwe, avuga ati: “Ndagerageza kuraba akantu akari ko kose kerekana ko umuntu afise umutima nziraburyarya, nko kumwenyura, kundaba ryiza, canke kubaza ikibazo kivuye ku mutima.” Ego cane, nka kumwe kwa Paulo, turashobora kwama ivyamwa twihanganye.
“NTUREKE UKUBOKO KWAWE NGO KURUHUKE”
16, 17. (a) Twigira iki ku majambo ari mu Musiguzi 11:6? (b) Tanga akarorero kerekana ukuntu igikorwa turangura co kubiba gishobora gufasha abatwihweza.
16 N’igihe twoba tubona umengo abantu ntibariko barakira ubutumwa bw’Ubwami tubashikiriza, ntidukwiye gufatira mu rwara ivyo igikorwa co kubiba gishikako. (Soma Umusiguzi 11:6.) Naho benshi batatwumviriza, baratwihweza. Barabona ko twambaye neza, twigenza neza kandi tumwenyura. Haciye igihe, inyifato yacu yoshobora gufasha bamwebamwe kubona ko batwishizemwo ukutari kwo. Bamwe Sergio na Olinda twavuga, bariboneye ico kintu.
17 Sergio yigana ati: “Twaramaze igihe tutaja muri ca kibanza kubera twari turwaye. Igihe twasubirayo, abahita baguma batubaza bati: ‘Mwahora he? Twari tubakumbuye.’” Olinda yongerako amwenyura ati: “Abatwara amabisi baraturamutsa, bamwebamwe bakatubwira bati: ‘Komera kw’ibanga!’ Mbere baradusaba ibinyamakuru.” Vyongeye, baratangaye igihe umugabo umwe yahagarara arabaha ishurwe maze arabakengurukira kubera ico gikorwa bakora.
18. Kubera iki wiyemeje ‘kwama ivyamwa wihanganye’?
18 ‘Nitutareka ngo ukuboko kwacu kureke’ kubiba imbuto z’Ubwami, tuzoba turiko turashinga “intahe ku mahanga yose.” (Mat. 24:14) Ikiruta vyose, tuzohimbarwa cane kubera tuzoba tuzi ko Yehova adushima, kuko akunda abantu bose ‘bama ivyamwa bihanganye’!
^ ing. 2 Na Yezu yariyemereye ko kwamamaza mu “karere iwabo” bitari vyoroshe, ivyo bikaba bivugwa n’abanditsi bose ba za Njili zine.—Mat. 13:57; Mrk. 6:4; Luka 4:24; Yoh. 4:44.
^ ing. 7 Naho amashami avugwa muri ico kigereranyo yerekeza ku bafise icizigiro c’ijuru, ico kigereranyo kirimwo ivyigwa bifasha abasavyi b’Imana bose.
^ ing. 9 Naho ‘kwama ivyamwa’ birimwo no kugaragaza “icamwa c’impwemu,” muri iki kiganiro no mu gikurikira, dushimika ku “camwa c’iminwa” yacu, ni ukuvuga kwamamaza Ubwami.—Gal. 5:22, 23; Heb. 13:15.
^ ing. 11 Mu bindi bihe Yezu yarakoresheje ikigereranyo co kubiba no kwimbura mu kwerekeza ku gikorwa co guhindura abantu abigishwa.—Mat. 9:37; Yoh. 4:35-38.