Ese ukwitanga kwawe kwoshemagiza Yehova!
“Kubera ko abantu bitanga babikunze, nimuhezagire Yehova.”
1, 2. (a) Elifazi na Biludadi bavuze iki ku bijanye n’ingene Imana ibona igikorwa tuyirangurira? (b) Yehova yerekanye gute ingene abibona?
ELIFAZI Umutemani yabajije Yobu ati: “Mbega umuntu w’umugabo yogira ico amariye Imana, ngo uwufise ugutahura kwimbitse agire ico amaze kuri yo? Hari agahimbare Mushoboravyose agira ngo ni uko ugororotse, canke hari inyungu ahakura ngo ni uko urinda inzira yawe umugayo.” (Yobu 22:1-3) Woba uribaza ingene wokwishura ivyo bibazo? Igihe Elifazi yabibaza Yobu, nta gukeka yuko yabona ko inyishu ari oya. Mugenziwe Biludadi Umushuhi, na we nyene yavuze ko umuntu adashobora kuboneka ko agororotse imbere y’Imana.
2 Abo bagabo bitwa ko baje kwirura Yobu bavuze ko akigoro tugira mu gukorera Yehova tudahemuka ari impfagusa, be n’uko imbere y’Imana tumeze nk’urunyo canke umusiba. (Yobu 4:19; 25:6) Ukivyumva, womengo Elifazi na Biludadi baricisha bugufi. (Yobu 22:29) Nakare, iyo uri kw’isonga ry’umusozi canke hejuru mu ndege ukaraba hasi, ivyo abantu bakora ubona umenga nta co bivuze. None Yehova ari mw’ijuru, yoba ari ukwo abona akigoro tugira mu gikorwa c’Ubwami ng’aha kw’isi? Yehova yarerekanye ingene abibona igihe yahambarira Elifazi, Biludadi na Zofari, kuko bari bavuze ibinyoma. Ariko yarashimagije Yobu, avuga ko ari ‘umusavyi wiwe.’ (Yobu 42:7, 8) Ku bw’ivyo, umuntu arashobora kugira “ico amariye Imana.”
“UYIHA IKI?”
3. Elihu yavuze iki ku bijanye n’akigoro tugira mu gukorera Yehova, kandi yashatse kuvuga iki?
3 Imana ntiyakosoye Elihu kubona yarabajije Yobu ati: “Nimba koko uri mu kuri, uyiha iki, canke ironka iki mu kuboko kwawe?” (Yobu 35:7) Elihu yoba yashatse kuvuga ko akigoro tugira mu gukorera Imana, ata co kamaze? Habe namba. Yariko avuga ko Yehova atabeshwaho n’uko tumusenga. Yehova arikwiye. Nta co twokora ngo tumutungishe canke dutume arushiriza kuba uwukomeye. Ahubwo kamere nziza zose, ububangukirwe canke inkomezi dufise, vyose tubikesha Imana, kandi iritwararika ingene tubikoresha.
4. Ibintu biranga ubuntu tugirira abandi, Yehova abigereranya n’iki?
4 Iyo dukoreye abasavyi ba Yehova ibintu biranga urukundo rudahemuka, abona ko ari we tuba tubikoreye. Mu Migani 19:17 hagira hati: “Uwugirira ubutoni umuntu mutoyi aba aguranye Yehova, kandi ivyo akoze azobimwishura.” Ico canditswe coba gisobanura ko igihe cose dukoreye umuntu ikintu kiranga ubuntu, Yehova abibona? Twoba twovuga ko Umuremyi w’ibiriho vyose abona ko afitiye ideni abantu bakora ibiranga imbabazi, akabibona nk’ingurane abishura mu kubahezagira? Cane rwose. Mbere n’Umwana w’Imana yaravyemeje.
5. Tugiye kurimbura ibibazo ibihe?
5 Yehova yarasavye umuhanuzi Yesaya ko yomuserukira, aba yerekanye ko ahimbarwa no gukoresha abantu b’abizigirwa mw’iranguka ry’umugambi wiwe. (Yes. 6:8-10) Yesaya yaremeye ata guhigimanga, ati: “Ndi hano! Ntuma.” Muri kino gihe, hari abasavyi ba Yehova ibihumbi n’ibihumbi bagaragaza agatima nk’ako, mu kwemera igikorwa cose bashingwa naho coba kitoroshe. Ariko rero, hari uwokwibaza ati: ‘Ivyo nkora ku giti canje vyoba koko biri n’ico bivuze? Naho Yehova antera agateka ko kugira uruhara muri ico gikorwa, none kizobuza ko arangura umugambi wiwe naho ntobigiramwo uruhara?’ Nitwarimbura ivyabaye mu gihe ca Debora na Baraki, turaza kuronka inyishu z’ivyo bibazo.
IMANA YARAKOMEJE ABARI BATEKEWE N’UBWOBA
6. Abisirayeli bari batandukaniye he n’abasoda ba Yabini?
6 Yabini umwami w’Abanyakanani yari amaze imyaka 20 “ahahaza” Abisirayeli. Bari basigaye batinya no kunyeguruka ngo baje ahabona. Nta birwanisho bikwiye bari bafise, vyaba ivyo gutera umwansi canke kwikingira. Ariko abansi babo bari bafise imikogote y’intambara 900 yariko ibikeruzo.
7, 8. (a) Ni ubuyobozi ubuhe Yehova yatanguye guha Baraki? (b) Isirayeli yatsinze gute ingabo za Yabini? (Raba ishusho itangura.)
7 Ariko rero biciye ku muhanuzikazi Debora, Yehova yategetse Baraki ati: “Genda ushware umusozi Tabori, kandi ujane n’abagabo ibihumbi cumi bo muri bene Nafutali no muri bene Zebuloni. Nanje ata gukeka, Sisera umukuru w’ingabo za Yabini n’imikogote yiwe y’intambara be n’isinzi ryiwe
8 Baraki yaciye atera akamo abokwitanga, maze bakoranira ku Musozi Tabori. Baraki yaciye akwakwanya akora nk’uko Yehova yari yavuze. (Soma Abacamanza 4:14-16.) Igihe urugamba rwari rushushe i Tayanaki, bagiye babona hagwa imvura y’isegenya, haca hacika urushanga. Baraki yarakinagije ingabo za Sisera gushika i Harosheti, nko ku bilometero 24. Harageze igihe Sisera arata wa mukogote wiwe wari utinyitse, atungwa n’ayo yameze gushika i Zayananimu. Yaciye aja kwinyegeza mw’ihema rya Yayeli, umugore wa Heberi Umukeni, Yayeli na we amwakirana igishika. Kubera ko Sisera yari arushe cane, yaciye asinzira. Yayeli yarariye umutima amenyo, aca aramugandagura. (Abac. 4:17-21) Emwe, abansi ba Isirayeli bari bamazwe igabo! *
UBUDASA MU BIJANYE N’UKWITANGA
9. Mu Bacamanza 5:20, 21 hatanga ayandi makuru ayahe ku bijanye n’intambara yo kurwanya Sisera?
9 Kugira dutahure ibivugwa mu Bacamanza ikigabane ca 4, bisaba ko turimbura n’ibivugwa mu ca 5, kuko kimwe cose kirimwo amakuru tudasanga mu kindi. Nk’akarorero, mu Bacamanza 5:20, 21 havuga ko ‘inyenyeri zarwanye ziri mw’ijuru, zirwanya Sisera ziri ku nzira zizungurukirako, uruzi rw’isumo Kishoni na rwo rurabatwara.’ Aho none hoba hashaka kuvuga ko abamarayika bafashije Abisirayeli, canke ko ari ibinyenyeri vyatibaguritse? Iyo nkuru ntibitomora. Ariko wibuke ko muri ako karere haguye imvura y’isegenya ku gihe nyene kibereye, bituma ya mikogote 900 ishaya. Wumva none ari nde yari gutuma bigenda gutyo uretse Yehova? Mu Bacamanza 4:14, 15, harerekana incuro zitatu zose ko iyo ntsinzi yavuye kuri Yehova. Muri ba Bisirayeli 10.000 bitanga, nta n’umwe yari kwishira hejuru ngo ni we yatumye baronka iyo ntsinzi.
10, 11. “Merozi” ishobora kuba yari iki, kandi yavumwe kubera iki?
10 Ariko rero, hari ikintu gitangaje Debora na Baraki bavuze mu ruririmbo rwo guhayagiza Yehova kubera iyo ntsinzi yari yabahaye ku gitangaro. Bavuze bati: “‘Nimuvume Merozi,’ ni ko umumarayika wa Yehova avuze, ‘nimuvume abahaba mudahengeshanya, kuko bataje gufasha Yehova, gufasha Yehova, bari kumwe n’abanyenkomezi.’”
11 Umuvumo Merozi yavumwe warafashe, ku buryo ata wuzi neza n’aho yahora. None Merozi yari iki? Gishobora kuba cari igisagara canse kwitabira ka kamo ko kwitanga. Canke na ho, gishobora kuba cari igisagara Sisera yaciyemwo ariko arahunga, abanyagihugu baho bakamubona ariko ntibamufate. Kubera iki none batitabiriye akamo Yehova yabateye ko kwitanga, kandi abantu 10.000 bo mu micungararo yaho baritanze bakaja ku rugamba? Nimba ab’i Merozi barabonye uwo mubisha Sisera ariko arahunga yataye umutwe, kari akaryo keza ko kugira ico bakoze ngo bashigikire umugambi wa Yehova, maze bahezagirwe. Yamara rero igihe baronka ako karyo, babaye ba sindabibazwa. Mbega ukuntu bari batandukanye cane na Yayeli yagize umutima rugabo, nk’uko vyerekanwa mu mirongo ikurikira!
12. Abavugwa mu Bacamanza 5:9, 10 bari batandukanye gute, kandi ivyo bitwigisha iki muri kino gihe?
12 Mu Bacamanza 5:9, 10 haratwereka irindi tandukaniro hagati y’abifatanije na Baraki be n’abanse. Debora na Baraki barakeje “abakomanda ba Isirayeli, bo bitanze babikunze mu bantu.” Ese ukuntu bari batandukanye n’“abagendera ku ndogobwa z’ingore z’ibara ry’akagajo” bagize ubwibone bakanka kuja ku rugamba, be n’“abicara ku bisaswa vyizavyiza” bakidibamira mu bihinda, hamwe n’abariko “bagendera mu nzira!” Bobo bahisemwo kwiyorohereza, aho kwitanga nk’abandi ngo bajane na Baraki kurwanira mu bitandara vyo ku musozi Tabori no muri rwa rushanga rwo mu kiyaya Kishoni. Abarondeye kwidibamira bose bahimirijwe ‘kuzirikana.’ Bari bakwiye kuzirikana ingene bariko bagisha akaryo ko gushigikira umugambi wa Yehova. No muri kino gihe, abagonanwa gukorera Yehova bimwe bishitse barakwiye kuzirikana.
13. Abo mu muryango wa Rubeni, uwa Dani n’uwa Asheri bari batandukaniye he n’abo mu muryango wa Zebuloni na Nafutali?
13 Abitanze bariboneye ingene Yehova yagaragaje ko ari Rudasumbwa. Bararonse ico bayagira abandi igihe ‘bigana ibikorwa vy’ubugororotsi vya Yehova.’ (Abac. 5:11) Ariko mu Bacamanza 5:15-17, herekana ko abo mu muryango wa Rubeni, uwa Dani n’uwa Asheri bariko bitwararika amatungo yabo, ni ukuvuga imikuku yabo, imeri zabo n’ibivuko vyabo, aho kwitwararika igikorwa ca Yehova. Abo mu muryango wa Zebuloni na Nafutali bobo, “ba[ra]kengereye ubuzima bwabo n’imbere y’urupfu,” bashigikira Debora na Baraki. (Abac. 5:18) Ubwo budasa mu bijanye no kwitanga buratwigisha ikintu gihambaye.
“NIMUHEZAGIRE YEHOVA!”
14. Muri iki gihe, twerekana gute ko dushigikiye ubusegaba bwa Yehova?
14 Muri iki gihe, naho Yehova atadusaba kuja mu ntambara, yaraduteye agateka ko kwamamaza n’umwete tubigiranye umutima rugabo. Ubu kuruta ikindi gihe, ishirahamwe rya Yehova rirakeneye abitanga. Abavukanyi na bashiki bacu amamiliyoni, abato
15. Twomenya gute ko tutariko dufata minenegwe igikorwa ca Yehova?
15 Vyoba vyiza umwe wese muri twebwe yibajije ati: ‘Noba ndiko ndatana abandi ivyo bikorwa? Noba niruka inyuma y’ivy’umubiri ku buryo mbura umwanya wo kwitanga ngo nkorere Yehova? Cokimwe na Baraki, Debora, Yayeli na bamwe 10.000 bitanga, noba ngaragaza ukwizera n’umutima rugabo, ngakoresha ico noba mfise cose mu gushira mu ngiro itegeko ritomoye Yehova yaduhaye? Nimba ndiko niyumvira kuja kurondera ubuzima mu kindi gisagara canke mu kindi gihugu, noba nzirikana nitonze ku ngaruka vyogira ku muryango wanje no kw’ishengero?’ *
16. Naho Yehova afise vyose, ni igiki twomuha?
16 Yehova aradutera iteka ryo kugira uruhara mu gushigikira ubusegaba bwiwe. Kubera ko Shetani yahereye kera arondera kwonkora abantu ku Mana, igihe ugamburukiye Yehova uba utomoreye Shetani aho uhagaze. Iyo twitanze tubitumwe n’ukwizera be n’ukudahemuka, Yehova arabikenguruka. (Imig. 23:15, 16) Iyo werekanye ko umushigikiye, aba aronse ico yishura agacokoro ka Shetani. (Imig. 27:11) Igihe rero ugamburutse udahigimanga, uba uhaye Yehova ikintu c’agaciro, kandi ivyo biramuhimbara cane.
17. Mu Bacamanza 5:31 herekana gute ivyimirije kuba?
17 Vuba isi yose izoba yuzuye abantu bashira imbere ubusegaba bwa Yehova. Si twe tuzobona ico gihe kirashitse! Cokimwe na Debora be na Baraki, tuvuga duti: “Abansi bawe bose nibayogere gutyo, ewe Yehova, abagukunda na bo babe nk’igihe izuba riseruka mu bushobozi bwaryo.” (Abac. 5:31) Ico kintu dusaba kizoja mu ngiro Yehova niyakuraho iyi si mbi ya Shetani. Intambara ya Harumagedoni niyatangura, ntibizokenerwa ko twitanga ngo tuje kurwanya umwansi. Ico gihe ‘tuzohagarara tudakoma maze tubone ubukiriro bwa Yehova.’ (2 Ngo. 20:17) Mu kurindira, turafise uturyo twinshi two gushigikira ubutegetsi bwa Yehova tubigiranye umwete n’umutima rugabo.
18. Umutima wawe wo kwitanga ushobora kugira ico ukoze gute ku bandi?
18 Indirimbo y’intsinzi Debora na Baraki baririmvye, bayitanguye mu gushemagiza Rudasumbwa, aho gushemagiza abantu. Bavuze bati: “Kubera ko abantu bitanga babikunze, nimuhezagire Yehova!” (Abac. 5:1, 2) No muri kino gihe, ese umutima wawe wo kwitanga wotuma abandi bashemagiza Yehova!
^ ing. 6 Ivyo bikeruzo vyari birebire, bikarishe, kandi rimwe na rimwe wasanga vyigonze nk’imihoro. Babishira ku mikogote, kumbure hagati ku makurudumu. Wumva none ari nde yari guhirahira ngo yegere imikogote itinyitse gutyo?
^ ing. 8 Ayandi makuru ajanye n’iyo nkuru ishimishije, yasohowe mu kiganiro kivuga ngo ‘Nahagurutse nka inabibondo muri Isirayeli’ mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Myandagaro 2015.
^ ing. 15 Raba ikiganiro kivuga ngo “Amaganya yerekeye amahera”, mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Mukakaro 2015.