Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Ubwami bwawe nibuze”​—Igisabisho kivugwa n’abantu amamiliyoni

“Ubwami bwawe nibuze”​—Igisabisho kivugwa n’abantu amamiliyoni

Woba urasenga usaba ko Ubwami bw’Imana bwoza? Haraciye ibinjana n’ibindi abantu amamiliyoni basenga bavuga ngo “Ubwami bwawe nibuze.” Kubera iki none bagiye barakoresha ayo majambo? Kubera ko Yezu yabwiye abigishwa biwe ko boza barasenga basaba ko Ubwami bw’Imana bwoza.

Mu ntango, abigishwa ba Yezu ntibatahura ibintu vyose Yezu yavuze ku bijanye n’Ubwami. Igihe kimwe bamubajije bati: “Mukama, iki gihe ni ho ugira usubize ubwami Isirayeli?” Abo bigishwa bashobora kuba baratangajwe no kubona Yezu atabahaye inyishu idomako. (Ivyakozwe 1:6, 7) Ivyo none vyoba bisobanura ko tudashobora kumenya Ubwami bw’Imana ico ari co be n’igihe buzozira? Habe namba!

Muri uwu Munara w’Inderetsi turaza kuronka inyishu z’ibi bibazo:

  • Kubera iki dukeneye Ubwami bw’Imana?

  • Umwami w’Ubwami bw’Imana ni nde?

  • Ubwami bw’Imana buzoganza isi ryari?

  • Ubwami bw’Imana buzokora ibiki?

  • Kubera iki twoshigikira Ubwami bw’Imana ubu?

  • Ubwami bw’Imana ni iki?