Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IVYO WOKWIYIGISHA

Abantu b’abizigirwa barashitsa ivyo basezerana

Abantu b’abizigirwa barashitsa ivyo basezerana

Soma Abacamanza 11:​30-40 urabe ivyo wokwigira ku nkuru ya Yefuta n’umukobwa wiwe ku bijanye no gushitsa ivyo dusezerana.

Rondera kumenya ingene ibintu vyari vyifashe. Abisirayeli b’abizigirwa babona gute indagano bagiriye Yehova? (Guh. 30:2) Yefuta n’umukobwa bwiwe berekanye gute ko bizigira Yehova?—Abac. 11:​9-11, 19-24, 36.

Rondera kumenya n’ibindi. Ni indagano iyihe Yefuta yagize, kandi yasobanura iki? (w16.04 7 ing. 12) Ni ibiki Yefuta n’umukobwa wiwe bemeye guheba kugira Yefuta ashitse indagano yiwe? (w16.04 7-8 ing. 14-16) Ni indagano izihe abakirisu bashobora kugira muri iki gihe?—w17.04 5-8 ing. 10-19.

Rondera ivyigwa wohakura. Niwibaze uti:

  • «Ni ibiki vyomfasha gushitsa indagano nagize y’ukwiyegura?» (w20.03 13 ing. 20)

  • «Ni ibimazi ibihe notanga kugira nkorere Yehova bimwe bishitse?»

  • «Nokora iki kugira ngume nshitsa indagano nagize y’ukwabirana?» (Mat. 19:​5, 6; Ef. 5:​28-33)