Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 4

URURIRIMBO RWA 30 Dawe, Imana yanje, umugenzi wanje

Yehova aragukunda cane

Yehova aragukunda cane

«Yehova yuzuye ikibabarwe.»—YAK. 5:11.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Ingene urukundo rwa Yehova rutuma turushiriza kumwiyegereza, tukumva ko dutekanye, ko twitwararitswe be n’uko turuhuriwe.

1. Wiyumviriye Yehova, uca ubona iki mu bwenge?

 VYOBA birashika ukiyumvira ingene Yehova ameze? Iyo uriko uramwitura mw’isengesho, uca ubona iki mu bwenge? Naho Yehova ataboneka, Bibiliya iramudondora mu buryo butandukanye. Ivuga ko Yehova ari «izuba n’inkinzo» be n’uko ari «umuriro utema ugatongora.» (Zab. 84:11; Heb. 12:29) Mu vyo Ezekiyeli na we yeretswe, yavuze ko Yehova asa n’ibuye rya safiro n’ubutare bukayangana be n’umunywamazi wakaka. (Ezk. 1:​26-28) Ukwo kuntu Yehova adondorwa, birashobora gutuma twumva tujorewe canke mbere bikanadutera ubwoba.

2. Ni ibiki bishobora gutuma bamwebamwe biyumvira ko Yehova atobakunda?

2 Vyoshobora kukugora kwemera ko Yehova adukunda kubera ko tudashobora kumubona. Hari n’abiyumvira ko Yehova atokwigera abakunda kubera ibintu bibi baciyemwo mu buzima. Kumbure biyumvira gutyo kubera ko batigeze baronka urukundo rwa kivyeyi. Igihe ivyacu vyifashe gutyo, Yehova aradutahura kandi arazi ko bishobora kutugora kumwiyegereza. Kugira ngo Yehova adufashe, araduhishurira kamere ziwe nziza igitangaza biciye kw’Ijambo ryiwe Bibiliya.

3. Kubera iki dukwiye gufata akanya ko kuzirikana ku rukundo rwa Yehova?

3 Ijambo urukundo, ni ryo ridondora neza Yehova kuruta ayandi yose. (1 Yoh. 4:8) Urukundo ni rwo rumugize. Ivyo akora vyose abitumwa n’urukundo. Urukundo rwiwe ruragutse kandi rurakomeye cane ku buryo arugaragariza n’abatamukunda. (Mat. 5:​44, 45) Muri iki kiganiro, tugiye gufata akanya ko kuzirikana kuri Yehova no ku rukundo rwiwe. Uko turushiriza kumenya iyo Mana yacu, ni ko turushiriza kuyikunda.

YEHOVA ARADUKUNDA CANE

4. Urukundo Yehova agukunda rutuma wumva umerewe gute? (Raba n’ifoto)

4 «Yehova yuzuye ikibabarwe.» (Yak. 5:11) Muri Bibiliya, Yehova arigereranya na inabibondo yuzuye ikibabarwe. (Yes. 66:​12, 13) Iyumvire ingene inabibondo yitwararika akana kiwe. Aragaterurira ku bibero akongera akakayagisha n’ijwi ryirura. Iyo karize canke kababaye, aritwararika kukaronsa ivyo kaba gakeneye. Igihe natwe tubabaye, turahumurizwa no kumenya ko Yehova adukunda. Umwanditsi umwe wa zaburi yavuze ati: «Igihe amaganya yari yandengeye, warampumurije wongera urampoza.»—Zab. 94:19.

«Nka kurya inabibondo ahumuriza akana kiwe, ni ko na Yehova azoguma aguhumuriza» (Raba ingingo ya 4)


5. Kuba Yehova agukunda urukundo rudahemuka biguhumuriza gute?

5 Yehova ntahemuka. (Zab. 103:8) Iyo dukoze amakosa, ntaca areka kudukunda. Abo mw’ihanga rya Isirayeli baramuhemukiye incuro nyinshi. Ariko rero ntiyigeze areka gukunda abigaye. Yababwiye ati: «Wabaye uw’agaciro mu maso yanje, uterwa iteka, kandi naragukunze.» (Yes. 43:​4, 5) Yehova ntiyigeze ahinduka. Na twebwe aradukunda. Naho twoba twarakoze amakosa akomeye, ntaca aduheba. Nitwigaya tukamugarukako, azoguma adukunda. Adusezeranira “kutubabarira cane.” (Yes. 55:7) Iyo tubabariwe, Bibiliya ivuga ko duca turonka «ibiringo vy’ukuruhurirwa . . . bivuye kuri Yehova ubwiwe.»—Ivyak. 3:19.

6. Ibivugwa muri Zakariya 2:8 bitwigisha iki ku bijanye na Yehova?

6 Soma Zakariya 2:8. Kubera ko Yehova adukunda, aradutahura kandi aripfuza kudukingira. Iyo tubabaye, na we arababara. Turi n’imvo rero zo kumusenga duti: «Nunkingire nk’imbone y’ijisho ryawe.» (Zab. 17:8) Ijisho ni igihimba gihambaye cane c’umubiri. Kubona rero Yehova yagereranije abasavyi biwe n’imbone y’ijisho ryiwe, ni nk’aho yari avuze ati: “Uwurondera kugirira nabi abasavyi banje, ni nk’aho aba andondera.”

7. Kubera iki dukwiye kurushiriza kwemera ko Yehova adukunda?

7 Yehova yipfuza ko turushiriza kwemera tudakeka ko adukunda umwumwe wese ku giti ciwe. Arazi ko ivyo twaciyemwo vyoshobora gutuma dukekeranya ko adukunda. Canke ibiriko biradushikira muri iki gihe, vyoshobora gutuma dukekeranya ko adukunda. Ni igiki none codufasha kurushiriza kwemera ko adukunda? Ni ugusuzuma urukundo Yehova akunda Yezu, abakirisu barobanuwe, na twebwe twese.

INGENE YEHOVA AGARAGAZA URUKUNDO

8. Kubera iki Yezu yemera adakeka ko Se yamukunda?

8 Kubona Yehova yamaranye n’Umwana wiwe imyaka idaharurika, vyatumye bakundana urukundo rukomeye. Urukundo rwabo ni rwo rumaze igihe kirekire cane. Muri Matayo 17:​5, Yehova yaratomoye neza ko akunda Yezu. Yehova yari gushobora gusa kwivugira ngo “Uyu ni we nashimye.” Ariko kubera ko yashaka ko tumenya ko amukunda, yamwise ngo: «Umwana wanje nkunda cane.» Yehova yarishimira Yezu, na canecane kubera ko yari yemeye kudupfira. (Ef. 1:7) Na Yezu nyene ntiyakekeranya ko Se amukunda cane. Urwo Yehova yamukunda yararwiyumvamwo. Akenshi yarakunda kuvuga ajijutse ko Se amukunda.—Yoh. 3:35; 10:17; 17:24.

9. Ni imvugo iyihe idondora urwo Yehova akunda abarobanuwe? Sigura. (Abaroma 5:5)

9 Yehova kandi arerekana neza urwo akunda abarobanuwe. (Soma Abaroma 5:5.) Ivyo turabibonera ku mvugo ikoreshwa muri ico canditswe yuko urukundo rw’Imana «rwasutswe.» Mu gusigura iyo mvugo, igitabu kimwe kivuga ko urukundo rw’Imana «rudusesekako nka kurya kw’uruzi.» Umve nawe ingene ivyo bidondora mu buryo bukomeye urukundo Yehova akunda abarobanuwe! Abarobanuwe na bo nyene barazi ko “bakundwa n’Imana.” (Yuda 1) Ivyo turabibonera ku majambo intumwa Yohani yanditse agira ati: «Raba urukundo Data yadukunze uko rungana, ku buryo twitwa abana b’Imana!» (1 Yoh. 3:1) None Yehova akunda abarobanuwe gusa? Habe namba. Yehova adukunda twese, kandi ivyo yaravyerekanye.

10. Ni ikimenyamenya gikomeye ikihe cerekana ko Yehova agukunda?

10 None ni ikimenyamenya gikomeye ikihe cerekana ko Yehova agukunda? Incungu ni co kintu kidasanzwe cerekana ko adukunda. (Yoh. 3:16; Rom. 5:8) Yehova yaratanze Umwana wiwe akunda cane, aremera ko adupfira, kugira ngo tubabarirwe ibicumuro vyacu twongere tube abagenzi biwe. (1 Yoh. 4:10) Uko turushiriza kuzirikana kuri ico kintu c’agaciro Yehova na Yezu badukoreye, ni ko turushiriza gutahura cane ingene bakunda umwe wese muri twebwe. (Gal. 2:20) Yehova ntiyatanze incungu kugira ngo gusa akurikize ubutungane bwiwe. Ahubwo yayitanze kubera ko adukunda. Urwo rukundo yarwerekanye mu kwemera gutanga ikintu c’agaciro cane kuri we. Yaremeye ko Umwana wiwe Yezu ababazwa akongera agapfa ku bwacu.

11. Ibivugwa muri Yeremiya 31:3 bitwigisha iki?

11 Nk’uko twamaze kubibona, urukundo Yehova adukunda ntarwigumizamwo, ahubwo araruserura. (Soma Yeremiya 31:3.) Yehova yadukwegereye kuri we kubera ko adukunda. (Gereranya no mu Gusubira mu vyagezwe 7:​7, 8.) Nta kintu na kimwe canke umuntu n’umwe bishobora kudutandukanya n’urwo rukundo. (Rom. 8:​38, 39) None kuba agukunda gutyo, bituma wiyumva gute? Soma Zaburi 23, wirabire ingene urukundo Yehova yakunze Dawidi rwagize ico rukoze kuri we n’ingene rushobora kugira ico rukoze kuri twebwe.

URUKUNDO YEHOVA AGUKUNDA RUTUMA WIYUMVA GUTE?

12. Vuga mu ncamake ibivugwa muri Zaburi ya 23.

12 Soma Zaburi 23:​1-6. Zaburi ya 23 ni ururirimbo Dawidi yaririmvye aserura ingene Yehova amukunda akongera akamwitwararika. Muri iyo zaburi, Dawidi aradondora ubucuti bukomeye yari afitaniye n’Umwungere wiwe, ari we Yehova. Dawidi yarumva ko atekanye ariko ayoborwa na Yehova, kandi yaramwihekako aherejeko. Dawidi yari azi ko Yehova yogumye amukunda ubuzima bwise bwose. Ni ibiki none vyatumye ajijuka ukuraho?

13. Kubera iki Dawidi yemera adakeka ko Yehova yamwitwararika?

13 «Nta na kimwe nzobura.» Dawidi yarabona ko Yehova amwitwararika cane, kuko ata na kimwe yigera abura. Dawidi yari azi kandi ko Yehova ari umugenzi wiwe be n’uko yamushima. Ni co gituma yari azi ko naho ibintu vyogenda gute, Yehova yogumye amuronsa ivyo akeneye vyose. Kuba Dawidi yari azi neza ko Yehova amukunda akongera akamwitwararika, vyaratuma ahimbarwa cane akongera agatekana.—Zab. 16:11.

14. Yehova yerekana gute ko atwitwararika?

14 Yehova aratwitwararikana urukundo, na canecane iyo dushikiwe n’ibintu bitoroshe. Mushiki wacu yitwa Claire, a yakoreye kuri Beteli imyaka irenga 20, yarihebuye igihe umuryango wiwe washikirwa n’ingorane z’urutavanako. Se wiwe yarabaye pararize, mutoyi wiwe aracibwa, urudandaza rwari rutunze umuryango wabo rurahomba, inzu yabo na yo ifatwa na banki. None Yehova yerekanye gute ko yariko arabitwararika? Claire avuga ati: «Yehova yaritwararitse ko umuryango wacu wama uronka ivyo ukeneye buri musi. Akenshi mbere Yehova yaraturonsa ibirengeye ivyo twaba dukeneye. Ndakunda kuzirikana ku kuntu Yehova yatugaragarije urukundo, kandi sinzokwigera ndavyibagira. Kuguma ndavyibuka vyaramfashije kwihanganira izindi ngorane.»

15. Kubera iki Dawidi yumvise ko agaruriwe agatege? (Raba n’ifoto)

15 «Arangarurira agatege.» Hari igihe Dawidi yashikirwa n’ingorane zatuma ata umutwe. (Zab. 18:​4-6) Ariko rero urukundo Yehova yamukunda be n’ingene yamwitwararika, vyaratuma yumva agaruriwe agatege. Igihe yaba aruhijwe n’ingorane, Yehova yamujana «mu buragiriro bwuzuyemwo ubwatsi» be n’«ahantu ho kuruhukira havomerewe neza.» Ivyo vyatuma Dawidi asubira kugira inkomezi maze akabandanya gukorera Yehova adahemuka.—Zab. 18:​28-32.

N’igihe Dawidi yari mu ngorane, urukundo Yehova yamukunda be n’ingene yamwitwararika vyaramugaruriye agatege (Raba ingingo ya 15)


16. Urukundo Yehova agukunda rwakugaruriye agatege gute?

16 No muri iki gihe, «urukundo rwa Yehova rudahera ni rwo rwatumye tudahona» igihe twari mu ngorane. (Int. 3:22; Kol. 1:11) Raba akarorero k’uwitwa Rachel. Mu kiringo ca Korona, yaravunitse umutima cane igihe umugabo wiwe yamuta agata na Yehova. None Yehova yamufashije gute? Rachel avuga ati: «Yehova yaranyeretse ko ankunda. Yarambaye hafi biciye ku bagenzi bamarana umwanya nanje, bakanzanira ibifungurwa, bakandungikira amamesaje n’ivyanditswe biremesha, bakantwengera kandi bakaguma banyibutsa ko Yehova yariko aranyitwararika. Nama nshimira Yehova kuba yarandonkeje umuryango munini kandi ukundana.»

17. Kubera iki Dawidi “ata kibi na kimwe yatinya”?

17 «Nta kibi na kimwe nzotinya, kuko uri kumwe nanje.» Dawidi yarahatswe kenshi, kandi yari afise abansi bakomeye. Ariko urukundo Yehova yamukunda rwaratuma yumva ko atekanye be n’uko akingiwe. Dawidi yarabona ko ari kumwe na Yehova mu bintu vyose yacamwo, kandi ivyo vyaramuhumuriza. Ni co gituma yaririmvye ati: «[Yehova] yarankijije ivyari binteye ubwoba vyose.» (Zab. 34:4) Naho vyashika Dawidi akagira ubwoba, urukundo Yehova yamukunda rwaratuma aburengera.

18. Kumenya ko Yehova agukunda, bishobora gute kukuremesha igihe ufise ubwoba?

18 Kumenya ko Yehova adukunda, bishobora gute kuturemesha igihe dufise ubwoba? Umutsimvyi umwe yitwa Susi aravuga ingene we n’umugabo bamerewe igihe umuhungu wabo yiyahura. Avuga ati: «Gushikirwa n’icago giturumbuka biratuma umuntu ahahamuka, agasigara yumva ko yigorewe kandi ko atagira gitabara. Ariko urukundo Yehova adukunda rwaratumye twumva ko dutekanye kandi ko dukingiwe.» Umwe Rachel twavuga agira ati: «Umusi umwe mw’ijoro nararengewe n’amaganya nongera ndatekerwa n’ubwoba. Naciye ntakambira Yehova n’ijwi rirenga. Ubwo nyene naciye numva ansubirije umutima mu nda, ndatekana, nca ndasinzira, nka kurya nyene inabibondo ahendagiza umwana wiwe agaca asinzira. Uwo musi sinzokwigera ndawibagira.» Umukurambere yitwa Tasos na we yaramaze imyaka ine mw’ibohero azira ko yanse kuja mu gisirikare. None yiboneye gute ko Yehova amwitwararikana urukundo? Avuga ati: «Yehova yarandonkeje ibirenze ivyo nari nkeneye. Ivyo vyaratumye ndushiriza kumwizigira. Vyongeye, Yehova abicishije ku mpwemu yiwe, yaratumye ngumana umunezero naho nari mpfunzwe. Ivyo vyatumye mbona neza ko mbandanije kumwiyegereza norushirije kwibonera urukundo ankunda. Naciye rero ntangura ubutsimvyi busanzwe nkiri aho nyene mw’ibohero.»

NIWIYEGEREZE YA MANA IGUKUNDA

19. (a) Kumenya ko Yehova adukunda, bikwiye gutuma tumubwira iki mw’isengesho? (b) Mu vyanditswe bidondora urukundo rwa Yehova, ni ikihe wewe kigukora ku mutima? (Raba uruzitiro ruvuga ngo « Ivyanditswe bituma twumva ko Yehova adukunda.»)

19 Uburorero bwose twabonye buratwereka ko Yehova «ya Mana y’urukundo» ari kumwe natwe. (2 Kor. 13:11) Aratwitwararika umwe wese ku giti ciwe. Turazi tudakeka ko «[du]kikujwe n’urukundo rwiwe.» (Zab. 32:10) Uko turushiriza kuzirikana ku rukundo yatugaragarije, ni ko turushiriza kumwiyumvamwo no kumwiyegereza. Turamwitura twisanzuye tukamubwira ko tumukunda. Turamubwira ibituraje ishinga vyose twizigiye ko adutahura kandi ko ashashaye kudufasha.—Zab. 145:​18, 19.

20. Ni gute urukundo dukunda Yehova rutuma turushiriza kumwiyegereza?

20 Urukundo dukunda Yehova ruratuma tumwiyegereza nka kurya nyene twiyegereza umuriro igihe haba hakanye. Yehova aradukunda cane kandi aratubabaye. Nuhimbarirwe rero urukundo agukunda. Vyongeye, ese umwe wese muri twebwe yokwerekana ko amukunda, mu kuvuga ati: «Ndakunda Yehova»!—Zab. 116:1.

WOKWISHURA GUTE?

  • Wodondora gute urukundo rwa Yehova?

  • Wemezwa n’iki ko Yehova agukunda cane?

  • Urukundo Yehova agukunda rutuma wiyumva gute?

URURIRIMBO RWA 108 Urukundo rudahemuka rw’Imana

a Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.