Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 18

URURIRIMBO RWA 1 Ibiranga Yehova

Niwizigire wa «Mucamanza w’isi yose» yuzuye imbabazi

Niwizigire wa «Mucamanza w’isi yose» yuzuye imbabazi

«Mbega Umucamanza w’isi yose ntazokora ibigororotse?»—ITA. 18:25.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Turaza kurushiriza gutahura imbabazi za Yehova n’ubutungane bwiwe ku bijanye n’izuka ry’abatari abagororotsi.

1. Ni ikintu gihumuriza ikihe Yehova yigishije?

 IKIYAGO Aburahamu yagiranye n’Imana, ntiyokwigeze acibagira. Biciye ku mumarayika, Imana yaramenyesheje Aburahamu yuko yari igiye kuzimanganya ibisagara vya Sodomu na Gomora. Uwo mugabo w’umwizigirwa yaciye ahagarika umutima. Yabajije Imana ati: «Aho nyene ugira ujaniranye umugororotsi n’umubisha? . . . Mbega Umucamanza w’isi yose ntazokora ibigororotse?» Yehova abigiranye ukwihangana yarigishije uwo mugenzi wiwe yakunda cane ikintu kiduhumuriza twese, kandi kidufitiye akamaro, na co kikaba ari iki: Imana ntizokwigera ihonya abagororotsi.—Ita. 18:​23-33.

2. Twemezwa n’iki ko Yehova aca imanza zigororotse, kandi akabigirana imbabazi?

2 None twemezwa n’iki ko Yehova yama aca imanza zigororotse, kandi akabigirana imbabazi? Ni kubera tuzi ko «Yehova . . . araba mu mutima.» (1 Sam. 16:7) Emwe, arazi «umutima w’umuntu wese.» (1 Abm. 8:39; 1 Ngo. 28:9) Iyumvire nawe ingene ico kintu gitangaje! Mu vy’ukuri, imanza za Yehova zirarengeye ugutahura kwacu. Ntibitangaje rero kubona intumwa Pawulo yavuze ku bijanye na Yehova ati: «Ese ukuntu imanza [ziwe] zisiga ubwenge!»—Rom. 11:33.

3-4. Ni ibibazo ibihe dushobora kwibaza, kandi ni ibiki tuza kuraba muri iki kiganiro? (Yohani 5:​28, 29)

3 Naho ari ukwo, vyoshika tukibaza ibibazo nk’ivyo Aburahamu yibajije. Vyoshika mbere tukibaza duti: «Mbega abantu Imana yahoneje, nk’akarorero bamwe b’i Sodomu n’i Gomora, boba bazosubira kubaho? Ubwo muri bo nta bo Imana izozura mu ‘batari abagororotsi’?»—Ivyak. 24:15.

4 Reka dusubire twihweze ivyo tuzi ku bijanye n’izuka. Duherutse kuronka umuco mushasha ku bijanye n’‘abazukira ubuzima’ be n’‘abazukira urubanza.’ a (Soma Yohani 5:​28, 29.) Uwo muco mushasha watumye hagira ibindi biryohorwa, akaba ari vyo tugiye kuganirako muri iki kiganiro no mu gikurikira. Ku bijanye n’imanza za Yehova zigororotse, tugira tubanze twihweze ivyo tutazi mu nyuma na ho twihweze ivyo tuzi.

IVYO TUTAZI

5. Muri kahise, ibitabu vyacu vyavuze iki ku bijanye n’abo Imana yahoneje i Sodomu n’i Gomora?

5 Muri kahise, ibitabu vyacu vyaragize ico bivuga ku bijanye n’ingene bigendera abatagororotse igihe Yehova abaciriye urubanza. Vyavuze ko abantu nk’abo, nk’akarorero ab’i Sodomu n’i Gomora, ata cizigiro c’izuka bafise. Ariko rero tumaze kugira ubushakashatsi bwitondewe tukongera tugasenga cane Yehova, haciye havyuka iki kibazo: Twoba vy’ukuri twokwemeza ko batazozuka?

6. Ni uburorero bumwebumwe ubuhe bw’imanza Yehova yaciriye abatagororotse, kandi ni ibiki tutazi?

6 Reka turimbure uburorero bumwebumwe buvugwa muri Bibiliya bw’imanza Yehova yaciriye abatagororotse. Twovuga nk’akajanye n’abantu batazwi igitigiri bahitanywe n’umwuzure, akajanye n’amahanga indwi yaba mu Gihugu c’isezerano Yehova yategetse abasavyi biwe guhonya, canke akajanye n’abasoda 185.000 b’Abasiriya bishwe n’umumarayika wa Yehova mw’ijoro rimwe gusa. (Ita. 7:23; Gus. 7:​1-3; Yes. 37:​36, 37) None muri ivyo bihe vyose, Bibiliya yoba itanga amakuru ahagije yotuma twemeza ko Yehova yaciriye abo bantu bose urubanza rwo gutikizwa ibihe bidahera, ku buryo ata n’umwe muri bo azozuka? Habe namba. Kubera iki tuvuze gutyo?

7. Ni ibiki tutazi ku bijanye n’abahitanywe na wa mwuzure wo mugihe ca Nowa, canke abahonejwe n’Abisirayeli igihe bigarurira igihugu ca Kanani? (Raba ifoto yo kugipfukisho.)

7 Muri ubwo burorero bwose, ntituzi ingene Yehova yaciriye urubanza umwumwe wese muri bo. Vyongeye, ntituzi nimba abo bantu bose bararonse akaryo ko kumenya ivyerekeye Yehova maze bakigaya. Ku bijanye n’igihe c’umwuzure, Bibiliya ivuga ko Nowa «yamamaza ubugororotsi.» (2 Pet. 2:5) Ariko rero ntivuga ko igihe Nowa yariko arubaka bwa bwato amahero, yagerageje no gushikira umwumwe wese mu bari kw’isi kugira amuburire. No ku bijanye na ya mahanga y’i Kanani ntituzi nimba abo bantu bose b’ababisha bararonse akaryo ko kumenya ivyerekeye Yehova no guhindura ingendo.

Nowa n’umuryango wiwe bariko barukaba ubwato amahero. Nta wuzi ko igihe ubwo bwato bwariko burubakwa, Nowa yoba yaratunganije n’isekeza ryo kuburira abantu bose bari kw’isi imbere y’uko Umwuzure uza (Raba ingingo ya 7)


8. Ni ibiki tutazi ku bijanye n’abantu b’i Sodomu n’i Gomora?

8 Tuvuge iki ku bijanye n’abantu b’i Sodomu n’i Gomora? Wa mugabo w’umugororotsi Loti yaba muri bo. None twoba tuzi nimba Loti yarababuriye bose? Nta vyo tuzi. Ego ni ko bari abanyakibi. Ariko none bose boba bari bazi ikibereye n’ikitabereye? Biboneka ko atari ko biri. Niwibuke ko isinzi ry’abantu bo muri ico gisagara «uhereye ku gahungu gatoyi gushika ku mutama», barondeye gufata ku nguvu abashitsi bari baje kwa Loti. (Ita. 19:4; 2 Pet. 2:7) Twoba vy’ukuri tuzi ko ya Mana y’imbabazi Yehova, bose yabaciriye urubanza rwo gupfa ku buryo ata n’umwe muri bo azozuka? Ego ni ko Yehova yabwiye Aburahamu ko ata abagororotsi na cumi bari muri ico gisagara. (Ita. 18:32) Kubera rero ko batari bagororotse, vyari bibereye ko Yehova abahana. Ariko none twoba twokwemeza ko ata n’umwe muri bo azozuka muri wa mugwi w’«abatari abagororotsi»? Nta vyo twokwemeza.

9. Ni ibiki tutazi ku bijanye na Salomo?

9 Ku rundi ruhande, Bibiliya iravuga n’abantu bari bagororotse mugabo mu nyuma bakoze ibitagororotse. Umwe muri bo ni umwami Salomo. Yari azi neza inzira za Yehova, kandi Yehova yaramuhezagiye cane. Naho ari ukwo, yahavuye aheba Yehova maze atangura gusenga imana z’ikinyoma. Ivyo vyarababaje cane Yehova vyongera bikwegera ihanga rya Isirayeli ingorane zamaze ibinjana n’ibindi. Ni ivy’ukuri ko Bibiliya ivuga ko igihe Salomo yapfa yahambwe hamwe na ba sekuruza biwe, ushizemwo na Dawidi wa mwami w’intahemuka. (1 Abm. 11:​5-9, 43; 2 Abm. 23:13) None kuba yahambwe muri ubwo buryo, coba ari icemeza ko azozuka? Bibiliya nta vyo ivuga. Ariko rero, hari abokwibaza bati: «None Bibiliya ntivuga ko ‘umuntu apfuye aba akuweko ibicumuro vyiwe’»? (Rom. 6:7) Ukwo ni ukuri. Ariko rero, ntibisigura ko abantu bose bapfuye bazozuka, nk’aho umengo gupfa bica bibaha uburenganzira bwo gusubira kubaho. Izuka ni ingabire itangwa na Yehova, ya Mana y’urukundo. Iyo ngabire ayironsa abo yipfuza guha akaryo ko kumukorera ibihe bidahera. (Yobu 14:​13, 14; Yoh. 6:44) Salomo yoba azoronka iyo ngabire? Nta vyo tuzi. Yehava ni we abizi. Ariko ico tuzi, ni uko Yehova azokora ikibereye.

IVYO TUZI

10. Yehova abona gute ibijanye no guhonya abantu? (Ezekiyeli 33:11) (Raba n’ifoto.)

10 Soma Ezekiyeli 33:11. Yehova araduhishurira ingene abona ibijanye no gucira imanza abantu. Intumwa Petero ahumekewe n’Imana yaravuze iciyumviro gisa n’ico umuhanuzi Ezekiyeli yanditse. Yavuze ati: «Yehova . . . [ntashaka] yuko hagira n’umwe ahona.» (2 Pet. 3:9) Dufatiye kuri ayo majambo ahumuriza, turazi ko Yehova atihutira gufata ingingo yo guhonya abantu burundu. Kubera ko yuzuye imbabazi, arazigaragaza igihe cose bishoboka.

Mw’izuka ry’abatari abagororotsi, abantu batandukanye bazoronka akaryo ko kwiga ivyerekeye Yehova (Raba ingingo ya 10)


11. Ni bande batazozuka, kandi tuvyemezwa n’iki?

11 Ni ibiki tuzi ku bijanye n’abatazozuka? Bibiliya ivuga bakeyi gusa muri bo. b Nk’akarorero, Yezu yaravuze ko Yuda Isikariyoti atazozuka. (Mrk. 14:21; raba kandi Yohani 17:12.) Yuda yari azi neza ko ivyo yakoze vyari biteye kubiri n’ivyo Yehova agomba be n’Umwana wiwe, ariko ararengako arabikora. (Raba Mariko 3:29 be n’ikiganiro co kuri jw.org kivuga ngo «Icaha kidaharirwa ni iki?») Yezu yaravuze kandi ko bamwebamwe mu ndongozi z’idini bamurwanya, bopfuye ubutagisubira kubaho. (Mat. 23:33) Intumwa Pawulo na we nyene, yaraburiye abahuni batigaya ko batazozuka.—Heb. 6:​4-8; 10:29.

12. Ni ibiki tuzi ku bijanye n’imbabazi za Yehova? Tanga uburorero.

12 Tuvuge iki hoho ku bijanye n’imbabazi za Yehova? Ni ibiki tuzi? Yerekanye gute ko «adashaka ko hagira n’umwe ahona»? Raba uburorero bw’abantu bamwebamwe bakoze ibicumuro bikomeye, mugabo akababarira. Umwami Dawidi yarakoze ibicumuro bikomeye, ushizemwo ukurenga ibigo be n’ukwica. Ariko yarigaye Yehova na we aramubabarira. (2 Sam. 12:​1-13) Umwami Manase yarakoze ibibi vy’agahomerabunwa hafi ubuzima bwiwe bwose. Ariko naho yakoze ibibi gushika kuri urwo rugero, igihe yigaya Yehova yaramubabariye. (2 Ngo. 33:​9-16) Ubwo burorero, buratwereka ko Yehova atanga imbabazi igihe cose abona ko bikenewe. Abantu nk’abo bemanze ko bakoze ibicumuro bikomeye maze bakigaya, Yehova azobazura.

13. (a) Kubera iki Yehova yagiriye imbabazi Abanyaninewe? (b) Ni ibiki Yezu yahavuye avuga ku bijanye n’Abanyaninewe?

13 Turazi kandi ko Yehova yagiriye imbabazi Abanyaninewe. Imana yabwiye Yona ko «[yumvise] ububisha bw’abahaba.» Ariko igihe bigaya ibicumuro vyabo, Yehova yaciye abababarira. Yehova yarabagaragarije imbabazi ziruta kure n’iyo izo Yona yabagaragarije. Yona yaratwawe n’ishavu ku buryo biba ngombwa ko Imana imwibutsa ko Abanyaninewe batari «[bazi] gutandukanya iciza n’ikibi.» (Yona 1:​1, 2; 3:10; 4:​9-11) Haciye igihe, Yezu yarakoresheje ako karorero kugira ngo yigishe abantu ibijanye n’ubutungane bwa Yehova be n’imbabazi ziwe. Yezu yavuze ko Abanyaninewe bigaye ‘bazozuka ku musi w’urubanza.’—Mat. 12:41.

14. Kuba Abanyaninewe ‘bazozukira urubanza’ bisobanura iki?

14 None kuba Abanyaninewe ‘bazozukira urubanza’ bisobanura iki? Yezu yaravuze ibijanye n’ ‘abazozukira urubanza’ muri kazoza. (Yoh. 5:29) Aho Yezu yariko yerekeza ku kiringo ca ya Ngoma yiwe y’imyaka igihumbi, aho «abagororotsi n’abatari abagororotsi» bazozuka. (Ivyak. 24:15) Abatari abagororotsi ‘bazozukira urubanza.’ Ivyo bisobanura ko Yehova na Yezu bazokurikiranira hafi inyifato yabo, barabe nimba bariko barashira mu ngiro ivyo bariko bariga. Umunyaninewe azoba yazutse niyanka gusenga Yehova, azoba yazukiye urubanza rubi kuko atazobandanya kubaho. (Yes. 65:20) Ariko abantu bose bazohitamwo gusenga Yehova badahemuka, bazoba bazukiye urubanza rwiza, bafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera.—Dan. 12:2.

15. (a) Kubera iki twokwirinda kuvuga ko mu bantu bahonejwe i Sodomu n’i Gomora ata n’umwe azozuka? (b) Dukwiye gutahura gute ibivugwa muri Yuda 7? (Raba uruzitiro ruvuga ngo « Yuda yashatse kuvuga iki?»)

15 Igihe Yezu yariko aravuga ibijanye n’abantu b’i Sodomu n’i Gomora, yavuze ko «ku musi w’urubanza» ivyabo vyobaye bigendeka kuruta ivy’abantu bamwiyamirije bakiyamiriza n’inyigisho ziwe. (Mat. 10:​14, 15; 11:​23, 24; Luka 10:12) None yashaka kuvuga iki? Vyoshika tukiyumvira ko ico gihe Yezu yariko akoresha imvugo ndenzarugero. Ariko si ko biri, kuko n’igihe yavuga ivyerekeye Abanyaninewe, yariko avuga ibintu bizoba koko. c Biboneka rero ko n’ivyo yavuze ku bantu b’i Sodomu n’i Gomora ari ibintu bizoba koko. Muri ivyo biringo vyompi, «umusi w’urubanza» yavuze ni umwe. Cokimwe n’Abanyaninewe, abantu b’i Sodomu n’i Gomora na bo nyene bakoze ibibi, ariko Abanyaninewe bobo bararonse akaryo ko kwigaya. Vyongeye, niwibuke ko Yezu yavuze yuko mu ‘bazozukira urubanza’ harimwo «abagiye barakora ibintu bishisha.» (Yoh. 5:29) Biboneka rero ko hariho icizere ku bantu b’i Sodomu n’i Gomora. Birashoboka ko muri abo bantu hoba harimwo abazozuka, tukaronka akaryo ko kubigisha ivyerekeye Yehova na Yezu Kristu.

16. Ni ibiki tuzi ku bijanye n’ingene Yehova azohitamwo abo yozura? (Yeremiya 17:10)

16 Soma Yeremiya 17:10. Uwo murongo urerekana muri make ivyo tuzi ku bijanye n’ingene Yehova aca imanza: Yehova yama «[asesa] umutima, [aga]suzuma ivyiyumviro vy’ibwina.» Nihagera ko azura abantu, umwe wese «[azomuha] ibihuye n’ingeso ziwe» nk’uko yamye abigira. Aho bikenewe azotanga igihano, ariko aho bishoboka atange imbabazi. Ntidukwiye rero kwiyumvira ko umuntu kanaka atazozuka, kiretse tuzi neza ko Bibiliya ibitomora.

‘UMUCAMANZA W’ISI YOSE AZOKORA IBIGOROROTSE’

17. Abapfuye bizobagendera gute?

17 Kuva igihe Adamu na Eva biyunga kuri Shetani bakagarariza Yehova, haramaze gupfa abantu amamiliyaridi. Wa ‘mwansi wacu rupfu’ yarihaye inkumbi, n’ubu akiriko. (1 Kor. 15:26) None abo bose bizobagendera gute? Abayoboke bakeyi ba Kristu b’intahemuka, ni ukuvuga abantu 144.000, bazozukira ijuru bahabwe ubuzima budapfa. (Ivyah. 14:1) Abandi bagabo n’abagore benshi cane bapfuye ari abizigirwa kuri Yehova, bazozuka muri rya ‘zuka ry’abagororotsi.’ Nibaguma ari intahemuka mu kiringo ca ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi be no muri ca kigeragezo ca nyuma, bazokwibera kw’isi ibihe bidahera. (Dan. 12:13; Heb. 12:1) Vyongeye, muri ico kiringo c’imyaka igihumbi, «abatari abagororotsi», ushizemwo n’abatigeze bamenya Yehova canke mbere «abagiye barakora ibintu bishisha», bazohabwa akaryo ko guhindura ingendo kugira babe abasavyi ba Yehova b’intahemuka. (Luka 23:​42, 43) Ariko rero, hari abantu babaye abanyakibi katwa, biyemeza bivuye inyuma kurwanya Yehova n’imigambi yiwe, ku buryo yafashe ingingo yuko batazokwigera bazuka.—Luka 12:​4, 5.

18-19. (a) Kubera iki tudakwiye kugira amakenga ku manza Yehova azocira abapfuye? (Yesaya 55:​8, 9) (b) Tuzokwihweza iki mu kiganiro gikurikira?

18 Hoba hari imvo yumvikana yotuma twizigira ko imanza zose Yehova acira abantu ziba zigororotse? Ego cane. Yehova ni «Umucamanza w’isi yose» atunganye, afise ubukerebutsi, kandi yuzuye imbabazi. Ico kintu na Aburahamu yaragitahura. Yehova yaramenyereje Umwana wiwe yongera aramushinga ibanga ryo gucira imanza abantu bose. (Yoh. 5:22) Yehova na Yezu barazi ibiri mu mutima w’umuntu wese. (Mat. 9:4) Urubanza rero bazocira umwumwe wese ruzoba ‘rugororotse.’

19 Nimuze twizigire duherejeko ingingo zose Yehova afata. Wewe ntameze nkatwe, kuko ashoboye guca imanza zigororotse. (Soma Yesaya 55:​8, 9.) Ni co gituma ibijanye no guca imanza vyose tubimurekera we n’Umwana wiwe, wa Mwami yigana Se wiwe ata gahaze mu bijanye no kugaragaza ubutungane n’imbabazi. (Yes. 11:​3, 4) Tuvuge iki none ku bijanye n’imanza Yehova azocira abantu mu kiringo ca ya makuba akomeye? Ni ibiki tutazi? Kandi ni ibiki tuzi? Ikiganiro gikurikira kizokwishura ivyo bibazo.

URURIRIMBO RWA 57 Twigishe abantu b’uburyo bwose

b Ku bijanye na Adamu na Eva be na Kayini, raba akajambo k’epfo mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nzero 2013, rup. 12.

c Imvugo ngo «umwana wo kurandurwa» yakoreshejwe muri Yohani 17:​12, isobanura yuko Yuda aramutse apfuye yogiriweko burundu, ata cizigiro co kuzuka.