Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Haheze imyaka mirongo icenda ntanguye ‘kwibuka Umuremyi wanje Ahambaye’

Haheze imyaka mirongo icenda ntanguye ‘kwibuka Umuremyi wanje Ahambaye’

Haheze imyaka mirongo icenda ntanguye ‘kwibuka Umuremyi wanje Ahambaye’

Nk’uko vyavuzwe na Edwin Ridgwell

KU MUSI wo gusinya amasezerano yo guhagarika ya Ntambara ihambaye, ni ukuvuga ku wa 11 Munyonyo 1918, abana bo kw’ishure nigako barakoranijwe batari bavyiteze kugira ngo bahimbaze ukurangira kw’iyo ntambara, iyahavuye yitwa Intambara ya mbere y’isi yose. Nari mfise imyaka itanu gusa kandi sinatahura neza ico kintu cariko kirahimbazwa. Naho ari ukwo, mfatiye ku vyo abavyeyi banje bari baranyigishije ku bijanye n’Imana, nari nzi ko ntari nkwiye kugira uruhara muri ivyo birori. Narasenze Imana, mugabo rero vyaranse ko nigumya, nca ntangura kurira. Yamara rero, sinagize uruhara muri ivyo birori. Ico gihe nari ntanguye ‘kwibuka Umuremyi wanje Ahambaye.’​—Umus. 12:1, NW.

Amezi nk’angahe imbere y’ico kintu cabaye kw’ishure, umuryango wacu wari warimutse uja kuba hafi y’i Glasgow muri Ekose. Muri ico gihe, dawe yaritavye insiguro y’icese yari ifise umutwe uvuga ngo “Abantu amamiliyoni bariho ubu ntibazokwigera bapfa.” Iyo nsiguro yarahinduye ubuzima bwiwe. Dawe na mawe baciye batangura kwiga Bibiliya kandi akenshi baraganira ku bijanye n’Ubwami bw’Imana be n’imihezagiro yari yimirije. Ndakengurukira Imana kubona guhera ico gihe no kubandanya abavyeyi banje baranyigishije gukunda Imana no kuyizigira.​—Imig. 22:6.

Ntangura ubusuku bw’igihe cose

Igihe nari mfise imyaka 15, nari gushobora kuja kwiga amashure ahanitse, ariko naripfuza vy’ukuri gusukura ndi umusuku w’igihe cose. Dawe yabona ko nkiri muto cane, akaba ari co gituma naciye mara igihe kinaka nkorera mu biro bimwe. Ariko rero, icipfuzo nari mfise co gusukurira Yehova igihe cose cari gikomeye cane ku buryo umusi umwe nandikiye ikete J. F. Rutherford, uno akaba ari we yari ahagarikiye igikorwa co kwamamaza kw’isi yose ico gihe. Naramubajije ico yiyumvira ku bijanye n’imigambi yanje. Umuvukanyi Rutherford yanyishuye, ati: “Niba ukuze bihagije ku buryo ushobora gukora akazi, ni ukuvuga ko ukuze bihagije ku buryo ushobora kuja mu murimo w’Umukama. . . . Ndizigiye ko Umukama azoguhezagira niwagira utwigoro two kumusukurira uri umwizigirwa.” Iryo kete ryo ku wa 10 Ntwarante 1928 ryarakoze ku mutima cane umuryango wacu. Butaraca na kabiri, dawe, mawe, mushikanje mukuru be na jewe, twaciye dutangura gusukura turi abasuku b’igihe cose.

Mu 1931 kw’ihwaniro ryabereye i Londres, umuvukanyi Rutherford yarateye akamo abavyishakiye ngo baje kwamamaza inkuru nziza mu bihugu vyo mu mahanga. Naritanze, maze ndi kumwe n’uwitwa Andrew Jack, ndungikwa gukorera muri Kaunas, ukaba ari wo wari umurwa mukuru wa Lituwaniya ico gihe. Nari mfise imyaka 18.

Namamaza ubutumwa bw’Ubwami mu mahanga

Ico gihe, Lituwaniya cari igihugu gikenye kibeshejweho canecane n’uburimyi, kandi kwamamaza mu turere two hagati mu gihugu ntivyari vyoroshe. Vyari bigoye kuronka amazu, kandi ntituzokwigera twibagira ahantu hamwehamwe twabaye. Nk’akarorero, mw’ijoro rimwe jewe na Andrew twaravyutse kubera yuko twumva turiko turasasatwa. Tumaze kudomeka ikoroboyi, twasanze igitanda cuzuyeko ibihere amajana n’amajana. Vyari vyaturiye kuva ku mutwe gushika ku maguru! Imisi yose mu gitondo mu kiringo c’indwi yose, nategerejwe kuza ndaja mu ruzi rwari mu micungararo maze nkibirayo gushika amazi yarwo akanye angeze mw’izosi kugira ngo ndabe ko notora agahengwe. Naho vyari ukwo, twari twiyemeje kubandanya ubusuku. Haheze igihe gitoya, ingorane zijanye n’uburaro zaratorewe umuti igihe twabonana n’umugabo n’umugore bari baherutse kwubaka urwabo, bano bakaba bari baremeye ukuri kwo muri Bibiliya. Baratwakiriye mu nzu yabo, ino ikaba yari ntoya mugabo isukuye. Twariryamiye hasi n’umunezero ntangere, kandi ese ingene twari turuhuriwe!

Ico gihe Lituwaniya yari yiganziwe n’abakuru ba Gatolika y’i Roma be n’abakuru b’idini rya Orotodogisi ryo mu Burusiya. Abatunzi bonyene ni bo bashobora kugura Bibiliya. Intumbero yacu nyamukuru yari iyo guhetura icibare kinini gishoboka be no gusigira ababa bashimishijwe ibisohokayandikiro vyinshi bishoboka bishingiye kuri Bibiliya. Ica mbere coco, twabwirizwa kurondera uburaro mu gisagara kinaka. Ubukurikira, tubigiranye ukwiyubara, twaca dukorera mu turere duherereye kure, maze tugaca dukorera ningoga na ningoga muri ico gisagara ubwaco. Muri ubwo buryo, muri rusangi twarashobora gusozera igikorwa cacu abapadiri b’aho hantu bataratangura kutuburabuza.

Ibintu vyateye uruyogoyogo bigatuma tumenyekana

Mu 1934, Andrew yararungitswe gukorera ku biro vy’ishami muri Kaunas, maze nca nkorana n’uwitwa John Sempey. Twarashikiwe n’ibintu vy’intibagirwa. Umusi umwe, naragendeye ibiro vy’umushingwamanza mukuru wo mu gasagara kamwe. Uwo mugabo yaciye ashangashirwa, akura agakoho gatoya mu kabati k’imeza, aca antegeka gusohoka. Naratuye isengesho ryo ku mutima maze nca nibuka impanuro yo muri Bibiliya igira iti: “Ukwishura kwiyoroheje guhwama uburake.” (Imig. 15:1) Naciye rero mvuga nti: “Nari ndabagendeye nk’umugenzi ndabazaniye ubutumwa bw’inkuru nziza.” Uwo mugabo yaciye akura urutoke kuri ka kuma bafyonda mu kurasa, maze ndabigiranye ukwiyubara nca ngendesha umugongo ndasohoka ibiro vyiwe.

Igihe nabonana na John, yambwiye ko na we nyene yari yashikiwe n’ikintu gitesha umutwe cane. Yari yajanywe ku biro vy’abapolisi kubera yuko yari yabeshewe ngo yivye inoti y’igiciro kinini umugore umwe bari bahwanye. Kuri ivyo biro, John baramwambuye impuzu zose baramusaka. Birumvikana ko iyo noti ata yo bamusanzemwo. Mu nyuma barafashe uwari yayivye vy’ukuri.

Ivyo bintu vyompi vyarateye uruyogoyogo muri ako gasagara kari gasanzwe gatekanye maze bituma igikorwa cacu kimenyekana cane ata co turinze gukora!

Ibikorwa twaranguriye mu mpisho

Igikorwa carimwo akaga twaranguye cari ico kujana ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya mu gihugu kibanyi ca Letoniya, aho igikorwa cacu co kwamamaza cari kibujijwe. Nka rimwe mu kwezi, twaragira ingendo tuja muri Letoniya, tukaba twaza turagenda na gariyamoshi yagenda mw’ijoro. Rimwe na rimwe, tumaze gusiga ibisohokayandikiro muri Letoniya, twaca tubandanya tukaja muri Esitoniya gutora ibindi bisohokayandikiro, bino tukaba twaca tubisiga muri Letoniya turiko turasubira inyuma.

Igihe kimwe, hari umupolisi akorera ku mupaka yari yarabwiwe ivyerekeye igikorwa cacu maze aca adusaba ko twururuka iyo gariyamoshi tukajana ibisohokayandikiro twari dufise ku wumukurira. Jewe na John twempi twarasenze Yehova tumusaba ngo adufashe. Igitangaje, wa mupolisi ntiyabwiye uwumukurira ivyo twari dutwaye, ahubwo yivugiye gusa ati: “Aba bagabo barafise ikintu bashaka kumenyesha.” Emwe, nanje naciye menyesha ivyo nadondoye ko ari ibitabu vyofashije abantu bo mu mashure matomato, ayisumbuye canke kaminuza, kugira ngo batahure insobanuro y’ibiriko biraba muri ino si yacu idurumbanye cane. Uwo mupolisi akorera ku mupaka yaciye atubwira ngo twibandanirize urugendo, turaheza turatanga ibisohokayandikiro vyacu ata nkomanzi.

Uko ivya politike vyagenda biradabuka muri vya bihugu vyo mu Buraya bwo mu Buraruko bushira Uburengero ari vyo Esitoniya, Letoniya na Lituwaniya, ni ko abantu barushiriza kwanka Ivyabona kandi igikorwa cacu co kwamamaza caciye kibuzwa no muri Lituwaniya. Andrew na John barangajwe, kandi kubera vyaboneka ko hashobora kwaduka Intambara ya kabiri y’isi yose, Abongereza bose bahanuwe gukura meza. Na jewe naciye mvayo mfise umubabaro mwinshi.

Uduteka be n’imihezagiro twaronkeye muri Irilande yo mu Buraruko

Ico gihe abavyeyi banje bari barimukiye muri Irilande yo mu Buraruko, maze mu 1937 nca ndabasangayo. Ibisohokayandikiro vyacu vyari vyarabujijwe no muri ico gihugu kubera yuko abantu bari bateshejwe umutwe n’intambara, ariko muri iyo ntambara twarabandanije kwamamaza. Intambara ya kabiri y’isi yose imaze kurangira, twarashoboye gusubira kurangura igikorwa cacu mu mwidegemvyo. Uwitwa Harold King, uno akaba yari umutsimvyi yari azi utuntu n’utundi yahavuye asukura ari umumisiyonari mu Bushinwa, ni we yagiye imbere mu gutanguza no gutunganya ivyo gushikiriza insiguro z’icese ku mugaragaro. Yavuze ati: “Kuri uwu wa gatandatu, ni jewe nzoshikiriza insiguro yo ku mugaragaro ya mbere.” Yarandavye maze avuga ati: “Ni wewe uzoshikiriza insiguro ku wa gatandatu uzokurikira.” Vyarampagaritse umutima.

Ndibuka neza cane insiguro ya mbere nashikirije. Abantu amajana ni bo bari bahari. Nayishikirije mpagaze ku gisandugu kandi navuga ata vyuma vyo kuduza amajwi bihari. Mpejeje gushikiriza iyo nsiguro, hari umugabo yanyegereye, ankora mu minwe n’igishika, maze aca ambwira ko yitwa Bill Smith. Yavuze yuko yari yabonye iryo sinzi maze aca arahagarara kugira ngo arabe ivyariko biraba. Nahavuye menya ko Bill yari yaraganiriye na dawe mugabo akaba atasubiye kumubona igihe dawe be na mukiwe bimukira i Dublin kugira ngo bakorereyo ubutsimvyi. Twaciye dutangura inyigisho ya Bibiliya. Haciye igihe, icenda mu bagize umuryango wa Bill bahavuye baba abasavyi ba Yehova.

Mu nyuma naragendeye amazu maninimanini kandi mezameza ari ku nkengera ya Belfast, aho nkaba narahahuriye n’umukenyezi umwe w’Umurusiyakazi yari yarabaye muri Lituwaniya. Igihe namwereka ibisohokayandikiro bimwebimwe, yaciye atunga urutoke igitabu kimwe aca avuga ati: “Iki ndagifise. Datawacu yigisha kuri kaminuza i Kaunas ni we yakimpaye.” Yaranyeretse ico gitabu Création, cari mu gipolonye. Imibari yaco yari yuzuyemwo utuntu yari yariyandikiye. Ese ingene yatangajwe no kumenya yuko ari jewe nari narahaye ico gitabu sewabo igihe twahurira i Kaunas!​—Umus. 11:1.

Igihe John Sempey yumva ko ngira ngende muri Irilande yo mu Buraruko, yaransavye ngo nze ngendere mushikiwe mutoya yitwa Nellie, kuko yari yaragaragaje ko ashimishwa n’ukuri kwo muri Bibiliya ku rugero runaka. Jewe na mushikanje Connie twaramurongoreye inyigisho ya Bibiliya. Nellie ntiyatevye gutera imbere maze aregurira Yehova ubuzima bwiwe. Haciye igihe, twarareshanije maze turubaka urwacu.

Jewe na Nellie twaramaze imyaka 56 turi kumwe mu murimo wa Yehova kandi twaratewe agateka ko gufasha abantu barenga ijana baramenya ukuri kwo muri Bibiliya. Twari twizigiye ko twobandanije kubana tukarengana Harumagedoni tugashika mw’isi nshasha ya Yehova, ariko wa mwansi ruburakigongwe ari we rupfu yaramuhitanye mu 1998. Ico cari icago c’agacavutu, kikaba cari kimwe mu bigeragezo bikomeye kuruta ibindi vyose vyanshikiye mu buzima.

Nsubira muri vya bihugu biri mu Buraya bwo mu Buraruko bushira Uburengero

Haheze nk’umwaka umwe Nellie apfuye, nararonse umuhezagiro mwiza igitangaza. Naratumiwe ngo nje kugendera ibiro vy’ishami i Tallinn, muri Esitoniya. Ikete narungikiwe n’abavukanyi bo muri Esitoniya ryavuga riti: “Mu bavukanyi cumi bari bararungitswe gukorera mu bihugu biri mu Buraya bwo mu Buraruko bushira Uburengero mu mpera z’imyaka ya 1920 be no mu ntango z’imyaka ya 1930, ni wewe wenyene ukiriho.” Ryabandanya rivuga yuko ibiro vy’ishami vyariko birategura inkuru ivuga ibijanye na kahise k’igikorwa muri Esitoniya, Letoniya na Lituwaniya, maze rigaca ribaza riti: “Ubona woza?”

Ese ukuntu kari agateka kwiganira abandi ivyari vyaradushikiye n’abo twakoranye muri iyo myaka ya kera! Muri Letoniya narashoboye kwereka abavukanyi inyubakwa yatanguye gukoreshwa nk’ibiro vy’ishami be n’ikibanza twanyegezamwo ibisohokayandikiro vyacu mu gisenge, bino igipolisi kikaba kitigeze kibica n’ikanda. Muri Lituwaniya baranjanye mu gasagara kamwe kwitwa Šiauliai, hano nkaba nari narahakoreye ndi umutsimvyi. Umuvukanyi umwe yarambariye turi aho twari twahuriye n’abandi, ati: “Haraheze imyaka myinshi jewe na mawe tuguze inzu mu gisagara. Twariko turavumbura ibintu vy’ubucafu tubikura mu cumba co hejuru, maze nubuka ku bitabu Le divin Plan des Âges na La Harpe de Dieu. Igihe nabisoma, naciye mbona ko nubuye ukuri. Emwe, utegerezwa kuba ari wewe wasize ivyo bitabu muri iyo nzu kuva kera cane!”

Naritavye kandi iteraniro ry’umuzunguruko mu gisagara nari narakoreyemwo ubutsimvyi. Hari haheze imyaka 65 nitavye iteraniro ryabereye aho hantu. Ico gihe, ryari ryitabwe n’abantu 35. Yamara, ese ukuntu nahimbawe no kwitegereza abantu 1.500 bari baryitavye kuri uwo musi! Mbega ukuntu Yehova yahezagiye igikorwa!

‘Yehova ntiyampevye’

Mperutse kuronka umuhezagiro ntari niteze namba igihe umuvukanyikazi mukirisu w’igikundiro yitwa Bee yemera kumbera umukenyezi. Twubatse urwacu muri Munyonyo 2006.

Ndashobora gukura amazinda uwukiri muto wese yoba yibaza ico yokoresha ubuzima bwiwe, yuko biranga ubukerebutsi cane kwumvira amajambo yahumetswe agira ati: ‘Wibuke Umuremyi wawe Ahambaye mu misi y’ubusore bwawe.’ Ubu ndashobora kunezerwa nk’uko umwanditsi wa Zaburi yari anezerewe, uwanditse amajambo dusanga muri Bibiliya agira ati: “Mana, ni wewe wanyigishije, uhereye mu buto bganje, kugeza n’ubu ndacavuga ibikorwa vyawe bitangaje. Mana, ntumpebe, kugeza no mu butāma bganje mmeze imvi; ntarabarira ab’igihe kizoza amaboko yawe, ntarabarira abazovuka bose inkomezi zawe.”​—Zab. 71:17, 18.

[Ikarata ku rup. 25]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

Igikorwa carimwo akaga twaranguye cari ico kujana ibisohokayandikiro muri Letoniya

ESITONIYA

TALLINN

Ikigobe ca Riga

LETONIYA

RIGA

LITUWANIYA

VILNIUS

Kaunas

[Ifoto ku rup. 26]

Natanguye gusukura ndi umutsimvyi muri Ekose mfise imyaka 15

[Ifoto ku rup. 26]

Ndi kumwe na Nellie ku musi w’ubugeni bwacu, mu 1942