Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igenekerezo rihambaye kuruta ayandi yose

Igenekerezo rihambaye kuruta ayandi yose

Igenekerezo rihambaye kuruta ayandi yose

Iryo genekerezo ni iryo Yezu Kristu yapfiriyeko. Ni kubera iki urupfu rwa Yezu rwari ruhambaye cane? Hari impamvu nyinshi zibituma.

Kuba Yezu yarabaye umwizigirwa gushika ku rupfu vyaragaragaje ko umuntu ashobora kuguma ari intadohoka ku Mana.

Urupfu rwa Kristu kandi rwaratumye abantu bamwebamwe baronka akaryo ko kuzofatanya na we kuganza mw’ijuru. N’ikindi kandi, rwarugururiye abandi bantu benshi akaryo ko kuzoronka ubuzima budahera mw’isi y’iparadizo.

Ku mugoroba w’imbere yuko Yezu apfa, yarakoresheje umukate utambiwe be n’umuvinyu utukura bwa bimenyetso vy’inkuka yitanzeko iranga urukundo. Yaciye abwira abigishwa biwe ati: “Muragume mugira ibi mu kunyibuka.” (Luka 22:19) Woba uzokwibuka ico kintu gihambaye cabaye?

Ivyabona vya Yehova baragutumiye n’igishika cinshi ngo uze wifatanye na bo mu guhimbaza Icibutso c’urupfu rwa Yezu. Uno mwaka, urwo rubanza ruzoba ku wa kane igenekerezo rya 9 Ndamukiza, izuba rirenze. Woshobora kwitaba urwo rubanza ku Ngoro y’Ubwami yegereye aho uba. Turakwinginze ubaze neza Ivyabona vya Yehova bo ng’aho iwanyu kugira ngo bakubwire isaha be n’aho urwo rubanza ruzobera.