Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Umusi wanje ntiwari bwashike”

“Umusi wanje ntiwari bwashike”

“Umusi wanje ntiwari bwashike”

Umushoferi w’uruduga rumwe rutwara umwavu vyaranse ko arutumbereza neza. Urwo ruduga rwarataye ibarabara, ruca ruhitana umugabo umwe n’umugore wiwe hamwe n’umusore w’imyaka 23 bariko barirenganira. Nk’uko vyavuzwe n’ikinyamakuru kimwe candikirwa mu gisagara ca New York, uwo mugabo n’umugore baciye bapfa ubwo nyene, wa musore na we aca arata ubwenge. Igihe yatora akenge maze akabona ivyari vyabaye, yaciye ubwo nyene yiyumvira ati: ‘Ibi bintu ntibishoboka. Ewe Mana, umfashe nkure agatwe muri ibi bintu.’ Yavuze ati: “Umusi wanje ntiwari bwashike.”

BIRASHOBOKA ko umaze kwumva inkuru zisa n’izo. Igihe umuntu agarukiye ku munwa w’icobo, abantu bavuga bati: ‘Umusi wiwe ntiwari bwashike,’ mugabo igihe umuntu ahitanywe n’isanganya ritangaje, baca bavuga ngo ‘umusi wiwe wari washitse’ canke ngo ‘Imana ni yo yabishatse.’ Abo bantu ivyiyumviro vyabo ahanini ni bimwe, baba bavuga yuko ibishikira umuntu biba biturutse ku bintu aba yarandikiwe, ku gihamana, canke ku Mana. Abantu benshi bemera yuko ibibashikira mu buzima bwabo be n’ingaruka zavyo, biba vyaranditswe be n’uko ata co bashobora kubihindurako. Bisubiye, abantu ntibabona ibintu muri ubwo buryo igihe gusa haba hari umuntu yapfuye canke igihe habaye amasanganya; kandi ukubona ibintu nk’ukwo ni ukwo kuva kera cane.

Nk’akarorero, Abanyababiloni ba kera baremera yuko inyenyeri be n’ingene ziyunguruza bigira ico bikoze ku bintu abantu bakora. Ku bw’ivyo, baritegereza mu kirere barondera ibimenyetso vy’ibizoba kugira ngo bibayobore. Abagiriki be n’Abaroma barasenga ibimanakazi ngo vyashinga imbere y’igihe ibizoba, ububasha bwavyo bwo gushinga niba umuntu azogira kazoza keza canke kabi bukaba mbere rimwe na rimwe bwasa n’uburengeye kure n’iyo ivyo ibimana vyabo bikuru ari vyo Zeyu na Jipiteri vyaba bishaka.

Muri Aziya yo mu Buseruko, Abahindu be n’Ababuda bemera yuko ibintu bishikira umuntu muri kino gihe biba ari ingaruka z’ivyo yakoze mu buzima imbere y’uko aba nk’uko ameze ubu, be n’uko ivyo akora muri buno buzima ari vyo vyerekana ivyo azocamwo mu buzima buzokurikira. Ayandi madini, ushizemwo n’amadini menshi y’abiyita abakirisu, na yo nyene aremera mwene izo nyigisho mu kwigisha ko ibiba vyose biba vyaranditswe.

Ntibitangaje rero kubona mbere no muri kino gihe cacu aho usanga bivugwa yuko ngo inyigisho z’abantu be n’ivyiyumviro vyabo babishingira ku bimenyamenya bifadika, abantu benshi bacemera yuko uko ivyabo vyifashe mu buzima, ingaruka z’ivyo bakora buri musi be n’ibintu impera n’imperuka bizobashikira, vyose bihagaze ku vyo baba barandikiwe be n’uko ata kintu kinini bashobora kubihindurako. Ukwo kwoba ari ko nawe ubona ibijanye n’ubuzima? Ibintu bishika mu buzima hamwe n’impanuka zishika, ibigenda neza be n’ibitagenda neza, dushizemwo mbere ukuvuka be n’ugupfa, vyoba vy’ukuri vyaranditswe? Ubuzima bwawe bwoba bugengwa n’ibintu wandikiwe imbere y’igihe? Nimuze turabe ukuntu Bibiliya ishobora kudufasha kwishura ivyo bibazo.

[Picture credit on page 3]

Ken Murray/New York Daily News