Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Imana yoba yemera amadini yose?

Imana yoba yemera amadini yose?

Insiguro y’icese idasanzwe

Imana yoba yemera amadini yose?

Abantu benshi usanga bari mu madini bavukiyemwo. Abandi na bo usanga idini barimwo barihisemwo bamaze gukura. Emwe, nta gukeka ko amadini umuntu yohitamwo ari igifyo. Kumbure uramaze kwibaza uti: ‘Ubwo vy’ukuri hari ico bitwaye mpfuye idini ngiyemwo?’

Ico kibazo kizokwishurwa mu nsiguro y’icese ifise umutwe uvuga ngo “Imana yoba yemera amadini yose?” Iyo nsiguro ishingiye kuri Bibiliya izoshikirizwa hirya no hino kw’isi mu bihugu birenga 230. Mu mihingo nka yose, izotangirwa mu Ngoro z’Ubwami z’Ivyabona vya Yehova ku w’iyinga igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2009. Ivyabona bo ng’aho iwanyu bazohimbarwa no kukumenyesha isaha be n’ikibanza izoshikiririzwamwo. Uratumiwe n’igishika cinshi kuyitaba.