Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Amadini yose yoba ashikana ku Mana imwe?

Amadini yose yoba ashikana ku Mana imwe?

Amadini yose yoba ashikana ku Mana imwe?

“Ndifitiye idini ryanje, kandi sinshobora kurihindura. Nakare, idini iryo ari ryo ryose umuntu yoba arimwo nta co ritwaye kubera yuko amadini yose ashikana ku Mana imwe.”

WOBA umaze kwumva umuntu avuga gutyo? Abantu benshi bemera yuko idini iryo ari ryo ryose rishobora kugufasha kumenya Imana no gutahura intumbero y’ubuzima. Ikindi kintu cemerwa na benshi ni uko ngo mu madini yose harimwo ivyiza n’ibibi be n’uko ata dini na rimwe rikwiye kuvuga ko ari ryo ryonyene ryigisha ukuri canke ko ari ryo ryonyene rishikana umuntu ku Mana.

Ivyiyumviro nk’ivyo biremerwa cane n’abantu bo muri kino gihe bavuga ko bubahiriza ivyiyumviro vy’abandi be n’uko ibintu bitandukanye abantu bemera ari ivy’ukuri. Nkako, abatabona ibintu muri ubwo buryo akenshi usanga bafatwa ko ari abantu batemera ivyiyumviro vy’abandi, mbere bakabonwa ko binubana. Weho ubibona gute? Woba ubona ko amadini yose amaherezo ashikana ku Mana imwe? Hoba hari ico bitwaye umuntu agiye mw’idini iryo ari ryo ryose?

Hoba hari aho atandukaniye vy’ukuri?

Nk’uko inkoranyabumenyi imwe ibivuga, muri kino gihe kw’isi yose hariho amadini 9.900, amwe muri yo akaba akwiragiye hirya no hino kw’isi kandi akaba afise abanywanyi benshi cane. Ibiharuro vyagizwe vyerekana ko nk’ibice 70 kw’ijana vy’abantu bari mu madini atanu nyamukuru, ni ukuvuga iry’ababuda, iry’abakirisu, iry’abahindu, iry’abisilamu be n’iry’Abayuda. Iyaba amadini yose ashikana ku Mana imwe, nta gukeka ko ayo madini atanu yobaye afise ibintu vyinshi ahurizako mu bijanye n’inyigisho, mu kuntu adondora Imana be no mu kuntu asigura umugambi Imana ifise. None ibintu biba vyerekana iki?

Umunyatewolojiya wo muri gatolika y’i Roma yitwa Hans Küng avuga yuko ayo madini nyamukuru mu vy’ukuri ahuza ku nyigisho zimwezimwe z’ishimikiro zijanye n’ukuntu umuntu akwiye gufata mugenziwe. Nk’akarorero, menshi arigisha ko ari bibi kwica, kubesha, kwiba, kugoka, kandi arigisha ivyo kwubaha abavyeyi no gukunda abana. Ariko rero mu bindi, na canecane mu kuntu adondora Imana, ayo madini nyamukuru aratandukanye bimwe bikomeye.

Nk’akarorero, abahindu basenga ibimanakazi vyinshi, mu gihe ababuda bo bivugwa ko bakekeranya nimba Imana yoba ifise kamere nk’iz’umuntu. Abisilamu bigisha ko hariho Imana imwe. N’amadini y’abiyita abakirisu ni vyo yigisha, mugabo menshi muri yo avuga kandi ko Imana ari Ubutatu. Mbere no muri ayo madini nyene y’abiyita abakirisu, bemera ibintu vyinshi bitandukanye. Mariya nyina wa Yezu arasengwa n’abagatolika mugabo abaporotisanti bo ntibamusenga. Ivyo gutandukanya imvyaro ahenshi usanga bibujijwe abagatolika ariko abaporotisanti benshi ugasanga ntibabibujijwe. Vyongeye abaporotisanti bo ubwabo ntibumvikana ku bijanye n’ikibazo c’uguhuza ibitsina kw’ababisangiye.

Ubwo vyoba vyumvikana kwiyumvira yuko amadini yemera ivyo bintu bitandukanye ashobora kuba yose asenga Imana imwe? Eka namba. Ahubwo nyabuna, ivyo bishobora gusa gutuma abantu bavurugwa ubwenge ku bijanye no kumenya Imana iyo ari yo be n’ivyo yiteze ku bayisenga.

Amadini yoba atuma abantu bunga ubumwe, canke atuma bicamwo imice?

Iyaba amadini yose ashikana ku Mana imwe, nta gukeka ko rimwerimwe ryose ryogize ico riterereye kugira ngo abantu bunge ubumwe mu mahoro. None ibiba vyoba vyemeza ko abigira? Kahise kerekana ko idini aho gutuma abantu bunga ubumwe usanga nyabuna ari isôko ry’amacakubiri n’indyane. Reka turimbure uburorero bukeya.

Kuva mu kinjana ca 11 gushika mu ca 13, amahanga agizwe ahanini n’abiyita abakirisu yararwanye n’ibihugu vy’abisilamu muri za ntambara z’amadini ziswe ngo Croisades. Mu kinjana ca 17 i Buraya, abagatolika n’abaporotisanti baratanye mu mitwe muri ya ntambara y’urutavanako y’imyaka mirongo itatu. Mu 1947, Ubwongereza bukimara guha ukwikukira ca gihugu amahanga c’Ubuhindi, abahindu n’abisilamu baciye bafatana mu kanigo. Abagatolika n’abaporotisanti baheruka kumara imyaka itari mike barwana muri Irilande yo mu Buraruko. Mu karere k’ibihugu vy’Abarabu, Abayuda n’abisilamu n’ubu ntibacana uwaka. Akarorero kaza imbere ya twose ni ak’Intambara ya kabiri y’isi yose, iyagizwemwo uruhara n’abanywanyi ba ya madini nyamukuru yose uko ari atanu, mbere ugasanga abasangiye idini bari ku mpande zitandukanye zishamiranye muri iyo ntambara.

Iciyumviro ivyo bituma dushikako kiribonekeza: Amadini yo mw’isi ntiyazanye amahoro n’ubumwe canke ngo ashikane abantu ku Mana imwe. Ahubwo riho, yatumye abantu bicamwo imice yongera arabavuruga ubwenge ku vyerekeye Imana iyo ari yo be n’ukuntu ikwiye gusengwa. Ku bw’ivyo, uwo wese yipfuza gushika ku Mana y’ukuri ategerezwa guhitamwo avyitondeye inzira yojana iyo ari yo. Ivyo birahuye n’ivyo Bibiliya ituremesha kugira, iyo na yo ikaba ari kimwe mu bitabu vya kera cane gusumba ibindi vyose abantu bazi bivuga ibijanye n’Imana.

Nimwitoranirize uwo muzosaba

Bibiliya irerekana mu buryo butomoye yuko kugira ngo umenye inzira igushikana ku Mana y’ukuri bisaba kwiyumvira witonze no guhitamwo ubanje kuzirikana neza. Yosuwa, uno akaba yari umusavyi wa Yehova Imana, yabwiye ihanga rya Isirayeli ya kera ati: “Uyu musi ni mwitoranirize uwo muzosaba, namb’ari za mana ba sogokuruza bāsaba hakurya ya rwa ruzi, cank’imana z’Abamori ben’iki gihugu murimwo; ariko jeho n’abo mu rugo rwanje tuzokwama tugendanira [“Yehova,” NW].” Haciye imyaka itari mike, umuhanuzi Eliya yahimirije abasavyi b’Imana kugira ihitamwo nk’iryo, ati: “Muzogeza ryari kuba ba nyamujiryanino? Asangwa [“Yehova,” NW] ari we Mana, ni mumukurikire; na ho nyene ni yaba Bayali [imana y’Abanyakanani], abe ari yo mukurikira.”​—Yosuwa 24:15, 16; 1 Abami 18:21.

Ivyo vyanditswe vyo muri Bibiliya be n’ibindi birerekana bishimitse yuko kuva kera ababa bashaka gusukurira Imana y’ukuri bategerezwa guhitamwo bavyitondeye. Ukwo nyene ni ko biri no muri kino gihe. Nimba twipfuza gusenga no gukorera Imana y’ukuri, na twebwe dutegerezwa guhitamwo neza. Yamara, ni ibiki bishobora kudufasha kugira iryo hitamwo mu bijanye no gusenga? Dushobora gute kumenya abasenga b’ukuri?

Abasenga b’ukuri bamenyekanira ku vyo bama

Ku bijanye n’abasenga b’ukuri be n’ab’ikinyoma, Yezu Kristu yabwiye abayoboke biwe ati: “None abantu barigera bamura inzabibu ku mahwa canke insukoni ku bitovu? N’igiti ciza cose cama ivyamwa vyiza, mugabo igiti cose caboze cama ivyamwa ata co bimaze; igiti ciza ntigishobora kwama ivyamwa ata co bimaze, eka n’igiti caboze ntigishobora kwama ivyamwa vyiza. . . . Nuko rero, abo bantu muzobamenyera ku vyamwa vyabo.” Muri ubwo buryo rero, abasenga b’ukuri bomenyekaniye ku vyo bama, canke ku bikorwa vyabo. None ivyo vyamwa ni ibihe?​—Matayo 7:16-20.

Ubwa mbere, idini ry’ukuri rituma abaririmwo bunga ubumwe mu rukundo. Yezu yasiguriye abigishwa biwe ati: “Ndabahaye ibwirizwa rishasha: mukundane; nk’uko nabakunze, abe ari ko namwe mukundana. Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje, nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.” Abayoboke ba Kristu b’ukuri bategerezwa kugaragarizanya urukundo bimwe biboneka ku buryo ababihweza ruba ari rwo babamenyerako yuko ari abasenga b’ukuri.​—Yohani 13:34, 35.

Kubera ico, ntivyoba rero vyumvikana abakirisu b’ukuri bafashe ibirwanisho ngo barwane na bagenzi babo mu ntambara. None abanywanyi b’amadini boba bakurikiza iyo ngingo mfatirwako? Mu Ntambara ya kabiri y’isi yose, umugwi nyamukuru w’ivy’idini umwe gusa wagumye wanka ushikamye gushigikira intambara wabaye uw’Ivyabona vya Yehova. Umuhinga umwe yitwa Hanns Lilje, uno akaba yahoze ari umusenyeri w’idini ry’abaporotisanti i Hanovre mu Budagi, yanditse ku bijanye n’Ivyabona ati: “Barashobora kuvuga ata kubesha ko ari bo bonyene bagize umugwi nyamukuru wanse kwisuka mu ntambara mu gihe c’intwaro ya Hitler kubera ivyo bemera.” Mu kiringo c’izo ndyane, Ivyabona bo mu bihugu vyinshi bahisemwo kugirirwa nabi aho gukorereza canke gushigikira intambara.

Ni ibindi vyamwa ibihe Yezu yari afise ku muzirikanyi vyokwerekanye abigishwa b’ukuri abo ari bo? Muri rya sengesho benshi bita Dawe wa twese, Yezu yatanguye avuga ati: “Data wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe. Ubwami bwawe nibuze. Ivyo ugomba nibibe kw’isi nko mw’ijuru.” Yezu yashize mu kibanza ca mbere ivyo kweza izina ry’uruharo ry’Imana, ari ryo Yehova. Yaraseruye icipfuzo yari afise c’uko biciye ku Bwami bw’Imana, ivyo Yehova agomba vyokorwa ng’aha kw’isi. Ni idini irihe rizwi kubera ryamamaza izina rya Yehova rikongera rigatangaza ko Ubwami bw’Imana ari bwo bwonyene abantu bakwiye kwizigira yuko buzozana amahoro kw’isi? Ivyabona vya Yehova baramamaza inkuru nziza y’Ubwami mu bihugu no mu turere 236, bagakwiragiza ibitabu mu ndimi zirenga 470.​—Matayo 6:9, 10.

Vyongeye, Ivyabona vya Yehova barakurikiza akarorero ka Yezu mu kutisuka mu matati y’ivya politike n’ayo mu kibano. Yezu yavuze ku bijanye n’abigishwa biwe ati: “[Si] ab’isi, nk’uko nanje ntari uw’isi.” Vyongeye, Ivyabona baremera ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana kandi barajijutse ko “Icanditswe cose cahumetswe n’Imana kandi [ari] ngirakamaro ku kwigisha, ku gukangira, ku kugorora ibintu, ku gutoza indero mu bugororotsi, ngo umuntu w’Imana abe uwubishoboye neza, afise ibikenewe vyose ku bw’igikorwa ciza cose.”​—Yohani 17:14, 17; 2 Timoteyo 3:16, 17.

Idini ry’ukuri riratandukanye n’ayandi

Ibi vyamwa nk’urukundo rwo kwitanga, icipfuzo co kweza izina rya Yehova, kwamamaza Ubwami bw’Imana, kwitandukanya n’isi be no kwizera Bibiliya, vyose ni vyo biranga abasenga b’ukuri. Ivyo vyamwa kandi bituma abasenga b’ukuri baba abatandukanye n’abo mu yandi madini. Umukenyezi umwe yari amaze kuyaga n’Ivyabona vya Yehova akatari gake we ubwiwe yaragize ivyiyumviro ashitseko maze avuga ati: “Ndazi amadini menshi, kandi yose ameze cokimwe. Ni mwebwe mwenyene mutandukanye rwose n’ayo yandi yose.”

Biratomoye rero ko amadini yose adashikana ku Mana imwe. Mugabo hariho umugwi umwe utandukanye n’ayo yandi yose, uwo na wo ni Ivyabona vya Yehova, ubu bakaba barenga imiliyoni indwi kw’isi yose. Biciye ku gushigikira no ku kwisunga Ijambo ry’Imana Bibiliya, barashitse ku kintu kitarigera gishikwako n’uwundi mugwi n’umwe canke irindi shirahamwe na rimwe, ico na co kikaba ari ugutuma abantu bo mu bihugu bitandukanye, bavuga indimi zitandukanye, baturuka mu bwoko be no mu miryango itandukanye, bunga ubumwe mu gusenga Imana imwe y’ukuri ari yo Yehova. Bohimbarwa no kugufasha kumenya ibijanye n’iyo Mana y’ukuri, kumenya ivyo igusaba be no kuronka amahoro n’umutekano biva ku gusenga Imana mu buryo yemera. None uyo si umugambi mwiza wokwishingira?

[Ifoto ku rup. 14]

Umupatiri w’umworotodogisi ariko arahezagira ingabo nshasha zo muri Ukraine mu 2004

[Abo dukesha ifoto]]

GENIA SAVILOV/AFP/Getty Images

[Ifoto ku rup. 15]

Ivyabona vya Yehova barafasha abantu aho baba bari hose kugira ngo bamenye ibijanye n’Imana be n’Ubwami bwayo

[Abo dukesha amafoto ku rup. 12]

Urupapuro rwa 12: Umugore w’umubuda: © Yan Liao/Alamy; Umugabo w’umweranda w’umuhindu: © imagebroker/Alamy; urupapuro rwa 13: Umugabo ariko arasoma Ikorowani: Mohamed Amin/Camerapix; Umugabo w’Umuyuda: Todd Bolen/Bible Places.com