Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igituma Bibiliya ari ngirakamaro muri iki gihe cacu

Igituma Bibiliya ari ngirakamaro muri iki gihe cacu

Igituma Bibiliya ari ngirakamaro muri iki gihe cacu

“Icanditswe cose cahumetswe n’Imana kandi ni ngirakamaro ku . . . kugorora ibintu.”​—2 TIMOTEYO 3:16.

MU BINJANA n’ibindi, Bibiliya yaratumye abantu b’imico kama itandukanye bahindura ukuntu bari basanzwe babayeho, bituma babaho mu buryo bwiza kuruta. Ico canditswe casubiwemwo aho haruguru kirasigura igituma Bibiliya ari ngirakamaro muri ubwo buryo. Ubukerebutsi buri muri yo buva ku Mana. Naho Bibiliya yanditswe n’abantu, itubwira ivyiyumviro vy’Imana. Isigura iti: “Abantu bavuze ivyava ku Mana nk’uko bari barongowe n’impwemu nyeranda.”​—2 Petero 1:21.

Bibiliya ni igitabu ngirakamaro n’imiburiburi mu buryo bubiri. Ubwa mbere, irerekana mu buryo butomoye ico ari co kubaho mu buryo bwiza kuruta. Ubwa kabiri, irafise ububasha bwo gutuma abantu bagira umutima wo guhindura ibikenewe kugira bashikire ubwo buryo bwo kubaho bwiza kuruta. Nimuze turimbure iyo mice ibiri.

Inyigisho zidufasha gushika ku migambi ngirakamaro

Muri Bibiliya, Imana yasezeranye iti: “Nzokwigisha nkwereke inzira ucamwo, nzokugīra inama, ijisho ryanje rizokugumako.” (Zaburi 32:8) Urabona ko Imana itanga impanuro be n’inyigisho bidufasha kurushiriza kuba inkerebutsi. Kuronka inyigisho zidufasha kumenya imigambi ngirakamaro vy’ukuri iyo ari yo, birashobora gutuma tudakoresha nabi ubuzima bwacu mu gukurikirana ibintu ata co bimaze.

Nk’akarorero, abantu benshi usanga umugambi bafise mu buzima ari uwo kuba ba rurangiranwa canke gutunga bagatunganirwa. Ibitabu bivuga ukuntu umuntu yokwitunganiriza ibintu mu buzima usanga vyuzuyemwo amakuru y’ukuntu umuntu yobigenza ngo ace imbere abandi kugira aronke icubahiro canke abe umutunzi. Bibiliya yoyo, itubwira iti: “Ubukeba bw’umwe ku wundi . . . ni ubusa n’ukwiyahagura ukurikira umuyaga.” Ivuga kandi iti: “Inkunzi y’amahera ntizohāzwa n’amahera.” (Umusiguzi 4:4, NW; 5:10) Iyo mpanuro yoba idufitiye akamaro muri iki gihe?

Kugira dutange akarorero k’ukuntu iyo mpanuro Bibiliya itanga ari ngirakamaro, reka turimbure ivyerekeye Akinori, aba mu Buyapani. Amaze gutsinda uguhiganwa gukomeye, Akinori yarashitse ku mugambi yari yarishingiye wo kuronka urupapuro rw’umutsindo kuri kaminuza yemerwa cane hanyuma araronka akazi mw’ishirahamwe rikomeye. Ibintu vyose vyasa n’ibiriko bimugendera neza. Yamara, ukuroranirwa kwiwe ntikwamushikanye ku gahimbare yari yiteze. Ahubwo, umukazo n’umuruho vyarononye amagara yiwe. Abagenzi biwe bakorana nta kintu kinini bamufashije. Kubera ukuvunika umutima, yaciye aba umuja w’inzoga ariyumvira mbere n’ivyo kwiyahura. Yahavuye atangura kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Ivyo yize vyarahinduye ukuntu yabona ibihambaye mu buzima ivyo ari vyo. Bidatevye, za ndwara zava ku mukazo, zaratanguye gukira. Aho gutwarwa n’ubwibone be n’uguhahamira ubukuru, Akinori yariboneye ubwiwe ico uyu mugani wo muri Bibiliya uvuga, uwugira uti: “Umutima utekereje ni bgo bugingo bg’umubiri.”​—Imigani 14:30.

Wewe ubona ko umugambi ngirakamaro kuruta iyindi mu buzima ari uwuhe? Ni igiki wumva woshikako mu buzima kigatuma ugira agahimbare vy’ukuri? Kwoba ari ukugira umubano w’abubatse uroraniwe? Canke gushingira abana bawe intango nziza mu buzima? Kugira abagenzi benshi? Kugira umunezero mu buzima? Iyo yose ni imigambi ngirakamaro. Nkako, Bibiliya irayiremesha, naho itayiremesha nka yo migambi nyamukuru twokwishingira mu buzima. Bibiliya ikoresheje ugutahura ngirakamaro, irerekana ikintu nyamukuru gisabwa kugira umuntu abeho mu buryo bumara akanyota igihe igira iti: “Tinya Imana y’ukuri kandi ugumye amabwirizwa yayo. Kuko ivyo umuntu ategerezwa vyose ari ivyo.” (Umusiguzi 12:13, NW) Igihe twirengagije gushitsa ico kintu dusabwa, ubuzima buca buba ubutagira intumbero, bugatesha umutwe, kandi amaherezo umuntu akavunika umutima. Ku rundi ruhande, Bibiliya idukura amazinda iti: “Uwizigira Uhoraho aba ahiriwe.”​—Imigani 16:20.

Ukuntu Bibiliya ituma abantu bahinduka

Intumwa Paulo yanditse ati: “Ijambo ry’Imana [ni] rizima kandi rigira ububasha.” Nka kurya kw’inkota ikarishe y’ubugi bubiri, rirashobora gushikira ivyiyumviro n’imigabo biri imbere mu muntu. (Abaheburayo 4:12) Bibiliya irafise ububasha bwo guhindura uburyo abantu babayeho kubera ko ibafasha kwibona uko bari koko atari nk’uko bibaza ko bari. Abantu rero bari mu mero nziza y’umutima bazobona ko hari ivyo bakeneye guhindura. Nk’akarorero, ku bijanye n’abantu bo mw’ishengero rya gikirisu ry’i Korinto ha kera bari bahoze ari ibisuma, imborerwa, abarenga ibigo be n’ibindi nk’ivyo, Paulo yavuze ati: “Ukwo ni ko bamwe muri mwebwe bari bameze. Mugabo mwarogejwe . . . [n’i]mpwemu y’Imana yacu.” (1 Abakorinto 6:9-11) Impwemu nyeranda ya Yehova iracakora kandi iracafise ububasha no muri iki gihe, kandi irashobora gutuma abantu bagira amahinduka akenewe.

Uwitwa Mario, akaba asanzwe aba i Buraya, yari umugabo w’inkazi yanywa ibiyayuramutwe vyitwa marijuwana akongera akabidandaza. Igihe kimwe, umupolisi yarafashe ibiyayuramutwe vyiwe, Mario aca arashavura cane ku buryo yaciye agurukira kuri uwo mupolisi yongera aramenagura umuduga wiwe. Uretse n’ivyo, Mario yari umushomeri kandi yari afise amadeni menshi. Amaze kubona ko adashoboye gutorera umuti ingorane ziwe wenyene, yaremeye kwiga Bibiliya. Uko Mario yatera imbere, ni ko yisukura, araheba kunywa ibiyayuramutwe no kubidandaza yongera arareka ivy’ubukazi. Abantu benshi bari bazi ukuntu yahora ameze baratangaye. Baramuhagarika bakamubaza bati: “Mario, ni wewe vy’ukuri?”

Ni igiki gituma abantu bameze nka Akinori na Mario bahindura ubuzima bwabo hanyuma bakagira ubuzima bumara akanyota kandi burangwa umunezero? Biratomoye ko ari ubumenyi bwerekeye Imana baba baherutse kuronka biciye ku kwiga Bibiliya. Imana yonyene ni yo ishobora gutanga inyigisho ngirakamaro dukeneye kugira twererwe mu buzima ubu, twongere tugire icizigiro co kubaho ibihe bidahera muri kazoza. Nka kurya kwa sebibondo, Yehova Imana atubwira abicishije kuri Bibiliya ati: “Mwana wanje, niwumve, wemere amajambo yanje. Ni ho imyaka y’ukubaho kwawe izoba myinshi. . . . Ni wagenda, ibirenge vyawe ntibizokwagirwa, kandi ni wiruka ntuzotsitara. Gumya ukwigishwa, ntukurekure; ukuzigame, kukw ari kwo bugingo bwawe.” (Imigani 4:10-13) Ni impanuro iyihe yoshobora kuba ngirakamaro kuri twebwe kuruta kurondera ubuyobozi buva ku Muremyi wacu?

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 7]

Impanuro ngirakamaro muri iki gihe

Bibiliya irimwo ingingo ngenderwako z’ishimikiro mugabo ziri n’akamaro zishobora kutuyobora mu mice yose y’ubuzima bwo muri iki gihe. Raba uburorero bumwebumwe:

Kugiranira ubucuti bwiza n’abandi

“Ibintu vyose rero mushaka ko abantu babagirira, namwe nyene mutegerezwa kubibagirira.”​—Matayo 7:12.

“Uwigenza nk’umuto muri mwebwe mwese [ni] we mukuru.”​—Luka 9:48.

“Mukurikire inzira y’ubwakiranyi.”​—Abaroma 12:13.

Gutsinda ingeso zonona

“Gendana n’abanyabgenge, nawe uzogira ubgenge, arik’ūcudika n’ibipfu azokomereka.”​—Imigani 13:20.

“Ntukabe mu gitigiri c’abanohowe na vino.”​—Imigani 23:20.

“Ntugiranire ubugenzi n’uwukaza ishavu.”​—Imigani 22:24, NW.

Gutuma umubano w’ababiranye ukomera

“Umwe wese muri mwebwe ku ruhande rwiwe akunde umugore wiwe nk’uko yikunda; umugore na we ategerezwa kugirira umugabo wiwe icubahiro kigera kure.”​—Abanyefeso 5:33.

“Nimwambare ikibabarwe c’impuhwe, ubuntu, ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi, ubwitonzi, n’ukwiyumanganya. Mushishikare kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi.”​—Abakolosayi 3:12, 13.

Gufasha abana

“Toza umwana indero akwiye kwamana, azorinda asāza atarayivamwo.”​—Imigani 22:6.

“Namwe ba se, ntimutere ishavu abana banyu, mugabo mubandanye kubarera mu kubatoza indero no mu kuyobora ivyiyumviro vyabo nk’uko Yehova yashinze.”​—Abanyefeso 6:4.

Kwirinda amahane

“Ukwishura kwiyoroheje guhwama uburake, arikw ijambo ribabaza rivyura ishavu.”​—Imigani 15:1.

“Mu vyo guterana iteka mube aba mbere.”​—Abaroma 12:10.

No mu bagenzi, amahane ashingiye ku vy’urudandaza akenshi aririndwa biciye mu masezerano yanditse. Ni co gituma umusavyi w’Imana Yeremiya yanditse ati: “Nandika icete c’uko tuguze, nkiyagirizakw ishashara ndomamw’ikimenyetso, mpamagara ivyabona, ndamugerera za feza ku munzane.”​—Yeremiya 32:10.

Gutsimbataza ukubona ibintu mu buryo bwiza

“Ivy’ukuri vyose, . . . ivyokundwa vyose, ibivugwa neza vyose, . . . nimba hari ingeso nziza zose be n’ikibereye gushimagizwa cose, bibe ari vyo mubandanya kwiyumvira.”​—Abafilipi 4:8.

Bibiliya ntiremesha ivyo kwumira ku vyiyumviro bibi kandi iriyamiriza “abidozi bidogera umugabane wabo mu buzima.” Igira iti: “Munezerwe mu cizigiro.”​—Yuda 4, 16; Abaroma 12:12.

Gushira mu ngiro izo ngingo ngenderwako nziza ntibizotuma gusa tugira amahoro n’ugushira akanyota, ariko kandi bizodufasha gushitsa ivyo Imana isaba maze twironkere imihezagiro iva kuri yo. Bibiliya ivuga iti: “Abagororotsi bazoragwa igihugu, bakibemw’ibihe bidashira.”​—Zaburi 37:29.

[Amafoto ku rup. 5]

Akinori igihe yari umugwizatunga (ibubamfu), aha na ho ni muri iki gihe ari kumwe n’umukenyezi wiwe, bahimbawe no kubwira abandi ukuri kwo muri Bibiliya