Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Urugendo rwo gushika “ku mpera y’isi”

Urugendo rwo gushika “ku mpera y’isi”

Ikete rivuye mu Burusiya

Urugendo rwo gushika “ku mpera y’isi”

AKADEGE twarimwo karahagurutse i Yakutsk maze kaza karaduga mu kirere hejuru y’Ikiyaya Tuymaada. Inyuma yacu twahasize ibiyaga vyinshi bitandukanye mu mero no mu bunini vyari vyacitse ibibarafu, maze duca hejuru y’akarere kitwa Verkhoyanskiy kagizwe n’imisozi ipfutswe n’ibibarafu, yarasirwako n’izuba igaca ica ibibatsi. Tumaze kugenda ibilometero 900, twahavuye twururukira mu gasagara ka Deputatskiy.

Iyo yari intango y’ingendo nagize muri Repubulika ya Sakha, ahitwa kandi Yakutia, kino kikaba ari igihugu ciza ariko kigoye kubamwo kubera ukuntu ikirere caho cifashe, kikaba ari kinini gusumba Uburaya bwo mu Burengero ubufatiye hamwe. Ni akarere aho ibipimo vy’ubushuhe n’ubukanye usanga bishobora kuva kuri dogere 40 mu ci bigashika kuri dogere 75 munsi y’ubusa mu rushana kandi ubutaka bwaho bukaba burimwo ibisigarira vy’ibikoko amahero vyigeze kubaho kera. Naho haciye imyaka itari mike ngendeye aho hantu, ndacabona mu bwenge udusagara twaho dutwikiriwe n’igipfungu cinshi, nkabona umuco uza urayengera ukunze kurasira amaja mw’isonga rya ruguru ry’umubumbe w’isi, be n’abantu b’i Yakutia bafise umunezero kandi batadonorwa n’imbeho.

Agasagara ka Deputatskiy si ko twari kugarukiramwo. Jewe n’uwo twari dufatanije urugendo twategerezwa kugendera n’utundi dusagara. Aka mbere kitwa Khayyr, kakaba kari ku bilometero 300 kure cane mu Buraruko, hafi y’Ikiyaga Laptev, muri Siberiya yo mu Buraruko. Ni kubera iki none twari twafashe ingingo yo kugira urwo rugendo? Imbere y’aho, hari Icabona ca Yehova umwe yari yaraje muri utwo dusagara maze asanga hariho abantu benshi bipfuza kwiga vyinshi ku bijanye na Bibiliya. Vyahavuye vyigaragaza ko twebwe twari i Yakutsk, nko ku bilometero 1.000 uvuye aho hantu, ari twe twari hafi yaho kuruta abandi bose! Twarabona ko abo bantu bari bakeneye kuremeshwa no gufashwa.

Igihe twashika i Deputatskiy, twarabonye umugabo yariko aragenda i Khayyr n’umuduga, maze atubwira ngo atwunguruze ku mahera makeya. Twarabaye nk’abagonanwa igihe twabona umuduga wiwe, uno ukaba wari umuduga ushaje cane wo mu gihe c’Abasoviyeti, watabagaye kandi wanuka igitoro gusa. Naho vyari ukwo, twarahitishijemwo, maze duca turajana kuri uwo mugoroba. Ntitwari tuzi akari imbere.

Intebe z’uwo muduga zari zikanye cane nk’uko ubutaka bw’aho hantu buba bumeze, kandi ntitwatevye gutahura ko zitari zigiye gususuruka. Twarasavye ngo duhagarare ahantu ha mbere vyashoboka maze duca turasakambura mu masakoshi yacu turondera impuzu zisusurutsa zikozwe mu bwoya, duca tuzirenza ku zo twari twambaye. Ariko rero imbeho yagumye itunyengetera nk’ubwa mbere.

Umushoferi yari adutwaye, akaba yari umugabo w’inararibonye wo mu Buraruko, we yari yinezererewe nk’aho umengo ntacigeze. Twagiye twumva abaza ati: “Mwoba murigera mubona wa muco ukunze kurasira amaja mw’isonga rya ruguru ry’umubumbe w’isi?” Jewe sinari bwigere ndawubona, kikaba ari co gituma yaciye ahagarika umuduga maze duca turasohoka twiyandaza. Mu kanya gatoyi, ivy’imbeho vyose twari twavyibagiye. Narahagaze natamariwe, ntangarira utugwitugwi tw’umuco dufise amabara menshi twaza turaca ibibatsi, tugasa n’amarido yaguma yizinga yongera yizingururira hejuru yacu, kino kikaba cari ikintu kiryoheye ijisho wamengo kiriko kibera hafi cane yacu.

Tugeze ahantu hamwe hari ubutaka bukanye cane mu mwijima w’agatondotondo, umuduga twarimwo warashaye mu kirundo c’ibibarafu. Ico gihe be no mu bindi bihe bitari bike inyuma y’aho, twarafashije wa mushoferi gushayura umuduga wiwe, uko twatera twegereza agasagara ka Khayyr duca mu mabarabara abantu birondereye mu bibarafu vyinshi. Bumaze gutamanzura ni ho namenya yuko ayo yitwa ngo ni amabarabara ku bwa ngingo zari inzuzi zacitse ibibarafu! Amaherezo, nko kw’isaha zitandatu z’umurango, tumaze amasaha 16 tuvuye i Deputatskiy, twarashitse i Khayyr. Naho twari twiteze ko twoshoboye kurwara kubera yuko twari twamaze umwanya munini mu mbeho, mu gitondo cakurikiye twavyutse twumva tumerewe neza cane. Amano yanje ni yo yonyene yari yatimvye, bikaba bishoboka ko vyari vyavuye ku mbeho nyinshi. Abantu bo muri ako gasagara barampaye amavuta ava mu binure vy’idubu ngo nsigeko.

Mu bisanzwe, ni twebwe twobwirijwe kugendera abantu ku mihana yabo kugira ngo tuganire ku bijanye n’inkuru nziza. Ariko rero aho i Khayyr hoho, abantu bo muri ako gasagara bakimara kumenya ko twahashitse, baciye baza kuturondera! Twamaze amayinga abiri n’igice twigana Bibiliya buri musi n’abantu baho, rimwe na rimwe tugahera mu gitondo ca kare tugashikana mw’ijoro cane. Vyari bihimbaye guhura n’abantu benshi bafise igishika kandi b’abakiranyi bashimishwa na Bibiliya. Abakenyezi bageze mu zabukuru batari bake b’i Yakutia batubwiye bati: “Turemera Imana. Kuba mwaje ino ku mpera y’isi, ni ikimenyamenya c’uko Imana iriho!”

Twarakwegerewe cane n’imico yaho. Nk’akarorero, abantu bararunda ibisate vy’ibibarafu iruhande y’amazu yabo nka kurya barunda ibisate vy’inkwi. Igihe cose baba bakeneye amazi, baca gusa batora igisate kimwe muri vyo maze bakagishira ku mucanwa mw’ibirika nini y’icuma kugira ngo gishonge. Abantu bo muri ako gasagara baraduteguriye ubwoko bw’ifi yo muri ako karere yera bita chir, ino ikaba iryoshe cane igihe iteguwe mu buryo bita stroganina, izo zikaba ari imfungurwa zikundwa cane aho hantu. Iyo fi ikimara gufatwa ica ikanyishwa, maze bakayikataguramwo udupande tureture, bagaca bayimaza akanya mu ruvange rw’umunyu n’ipiripiri, hanyuma bagaca bayifungura. Abantu bo muri ako gasagara barakunda kandi kutuyagira ibijanye n’ibisigarira vy’ibintu vya kera, nk’amasenge y’ibikoko amahero bimeze nk’inzovu be n’ibisigarira vy’ibiti, bino bikaba bikunze gutorwa muri ako karere.

Naragenze ibilometero amajana n’amajana mvuye i Khayyr, akenshi nkaba nagenda n’indege, ngiye kuraba ababa bashimishijwe na Bibiliya mu tundi dusagara tw’i Yakutia. Ese ukuntu abantu baho bafise igishika kandi bakundana! Igihe kimwe narahuye n’agahungu hari ukuntu kamenye ko ivyo kugenda n’indege vyampagarika umutima. Kugira ngo kandemeshe, karanyandikiye agakarata. Karacapuye utujuri tubiri be n’akadege gatoya maze kandika gati: “Sasha, igihe uzoba uriko uragendera mu ndege, ntuze ugire ubwoba bwo gukoroka. Matayo 10:29.” Ese ukuntu nakozwe ku mutima igihe nasoma ico canditswe! Muri ico canditswe, nahasanze amajambo Yezu yavuze ku bijanye n’utujuri ati: “Nta na kamwe muri two gakorokera hasi So atabizi.”

Aho nabiganiye bike gusa mu bintu vyinshi vyampimbaye i Yakutia. Ico gihugu gikanye kandi kigoye kubamwo, kizokwama kinyibutsa abo bantu bafise igishika kandi b’umutima mwiza baba vy’ukuri “ku mpera y’isi.”

[Amafoto ku rup. 25]

Twasanze abantu b’i Yakutia bafise igishika kandi ari abakiranyi