Imana yoba yemera ko umugabo agira abagore benshi?
Ivyabajijwe n’abasomyi bacu
Imana yoba yemera ko umugabo agira abagore benshi?
Oya. Ingingo mfatirwako Imana yashinze muri Edeni igihe yashinga umubano w’ababiranye wa mbere yari iy’uko umugabo agira umugore umwe gusa. Mu nyuma Yezu Kristu yarasubiriyemwo abayoboke biwe iyo ngingo mfatirwako, arayemeza.—Itanguriro 2:18-24; Matayo 19:4-6.
Uti none abagabo b’imbere y’ubukirisu nka Aburahamu, Yakobo, Dawidi be na Salomo ntibari bafise abagore benshi? Egome, mugabo none Bibiliya idondora gute iyo ntunganyo? Irahishura imitongano n’amatati vyavyutse mu miryango ya Aburahamu na Yakobo biturutse kuri uwo mugenzo. (Itanguriro 16:1-4; 29:18–30:24) Mu nyuma, Itegeko ry’Imana ryahavuye ritanga ubu buyobozi umwami wese yategerezwa gukurikiza, riti: “Ntaz’agire umukimba w’abagore, kugira ngo ntibize bihindure umutima wiwe.” (Gusubira mu vyagezwe 17:15, 17) Salomo yarirengagije iryo tegeko mu kwabira abagore barenga 700! Igiteye agahinda ni uko umutima wa Salomo vy’ukuri wahindutse ugakurwa kuri Yehova kubera akosho kabi k’abagore biwe umuyoro. (1 Abami 11:1-4) Biragaragara ko Bibiliya ivuga nabi ibijanye no kugira abagore benshi.
Ariko rero, hari abokwibaza igituma Imana yaretse mw’ihanga ryayo hakabaho ivyo kugira abagore benshi. Rimbura iki kintu: Vyoba birigera bishika ukaba uraretse igikoresho kinaka co mu nzu naho coba cari gikeneye gusubirizwa, kumbure ukabona ko kugikuraho muri ico gihe vyoba bitabereye canke vyotuma ibintu bitagenda neza? Ego ni ko, inzira be n’ivyiyumviro vy’Imana biri hejuru y’ivyacu. (Yesaya 55:8, 9) Naho ari ukwo, twoshobora gutahura imvo zimwezimwe ngirakamaro zatumye ireka ku bw’igihe kinaka abagabo bakagira abagore benshi.
Niwibuke ko muri Edeni, Yehova yasezeranye “uruvyaro” amaherezo rwosanganguye Shetani. Mu nyuma, Aburahamu yarabwiwe ko yovyaye ihanga rikomeye be n’uko rwa Ruvyaro rwari rwaravuzwe rwoturutse mu muryango wiwe. (Itanguriro 3:15; 22:18) Shetani yari yiyemeje kubuza ko urwo Ruvyaro rwoboneka. Ku bw’ivyo rero yarakoze uko ashoboye ngo asangangure iryo hanga rya kera rya Isirayeli. Akenshi yararyosharyosheje Isirayeli ngo yisuke mu gicumuro kugira ngo iryo hanga ritakaze ubutoni bw’Imana n’ugukingirwa na yo.
Kugira ngo Yehova akingire Abisirayeli ivyo bitero, yagiye ararungika abahanuzi biwe kugira ngo baburire abasavyi biwe igihe baba banse gukurikiza ingingo mfatirwako zigororotse. Yamara, yari asanzwe azi imbere y’igihe ko akenshi abasavyi biwe batogamburutse mbere n’amategeko y’ishimikiro kuruta ayandi, nka rimwe ryabuza gusenga ibigirwamana. (Kuvayo 32:9) Nimba vyobabereye urugamba kugamburuka itegeko ry’ishimikiro nk’iryo, boshoboye gute kwubahiriza itegeko ryabuza ko umugabo agira abagore benshi? Kubera yuko Yehova atahura ata gahaze ukuntu abantu bameze, yarabonye ko hatari bwagere ko abuza uwo mugenzo, uno ukaba wari umaze gushinga imizi muri ico gihe. Iyo abigira, Shetani yari kuba aronse uburyo bworoshe bwo kuryosharyosha Abisirayeli ngo bakore igicumuro.
Kuba Imana yararetse ku bw’igihe gito umugenzo wo kugira abagore benshi, vyarimwo n’ibindi vyiza. Vyaratumye iryo hanga rigwirirana ningoga na ningoga. Kuba iryo hanga ryari rinini vyarafashije mu kuba ryarazigamwe gushika Mesiya ashitse. Umugenzo wo kugira abagore benshi woshobora kandi kuba waratumye abakenyezi bamwebamwe baronka ugukingirwa ku rugero runaka, mu kubaronsa uburaro be n’umuryango mu bihe vy’ingorane.
Ariko rero, uramiza ku muzirikanyi ko Yehova atari we yatanguje uwo mugenzo. Yarawuretse mu gihe gito, akaba yaratanze ashimitse amategeko awugenga kugira ngo akingire abohahazwa. (Kuvayo 21:10, 11; Gusubira mu vyagezwe 21:15-17) Igihe Yehova yahitamwo guhagarika mu bamusenga uwo mugenzo wo kugira abagore benshi, yakoresheje Umwana wiwe bwite kugira ngo yemeze ya ngingo mfatirwako ijanye n’umubano w’ababiranye yashingwa muri Edeni. Gutyo rero, Yezu yarabujije ivyo kugira abagore benshi mu bayoboke biwe. (Mariko 10:8) Uku kuri kwaciye gutomoka mbere kuruta: Rya Tegeko rya Musa ryari ryiza mu gihe caryo, ariko “itegeko rya Kristu” ni ryiza mbere kuruta.—Abagalatiya 6:2.