Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Impwemu nyeranda ni inguvu ukeneye mu buzima bwawe

Impwemu nyeranda ni inguvu ukeneye mu buzima bwawe

Impwemu nyeranda ni inguvu ukeneye mu buzima bwawe

“NTUNTE kure yo mu nyonga zawe, ntunkūreko [I]mpwemu [y]awe Yera.” (Zaburi 51:11) Iryo ryari isengesho Umwami Dawidi yatuye abigiranye ubwira inyuma y’aho akoreye ikosa rikomeye cane.

Dawidi yari amaze igihe kirekire yibonera ububasha bw’impwemu nyeranda. Akiri umuyabaga, iyo mpwemu yari yaramushoboje kunesha Goliyati, uno akaba yari umusoda w’ikigatanya. (1 Samweli 17:45-50) Yari yaramuronkeje kandi ububasha bwo kwandika amwamwe mu mazaburi meza kuruta ayandi yose yigeze gutunganywa. Dawidi yasiguye ati: “[I]mpwemu [y]’Uhoraho yavugiye muri jewe, ijambo ryiwe ryari ku rurimi rwanje.”​—2 Samweli 23:2.

Yezu Kristu ubwiwe yaremeje uruhara impwemu nyeranda yagize mu buzima bwa Dawidi. Igihe kimwe, Yezu yabwiye abariko baramwumviriza ati: “Biciye ku mpwemu nyeranda, Dawidi ubwiwe yavuze ati: ‘Yehova yabwiye Umukama wanje ati: “Icara iburyo bwanje gushika nshize abansi bawe munsi y’ibirenge vyawe.”’” (Mariko 12:36; Zaburi 110:1) Yezu yari azi yuko igihe Dawidi yandika amazaburi yiwe, yari ayobowe n’impwemu nyeranda. None iyo mpwemu nyeranda nyene yoba iboneka kugira ngo idufashe?

“Mugume musaba, muzohabwa”

Ushobora kuba utazokwigera wandika izaburi. Ariko birashoboka rwose ko uhangana n’intambamyi ziteye ubwoba nka kumwe kwa ca kigatanya Goliyati. Nk’akarorero, rimbura ivyashikiye uwitwa Isabel. a Umunega wiwe yaramutaye yitorera inkumi. Yamusize yugarijwe n’amadeni, kandi ntiyamushigikira mu vy’amahera kugira ngo we n’udukobwa twiwe tubiri abafashe kuronka ivya nkenerwa. Isabel avuga ati: “Narumva ko nahemukiwe kandi nkengerewe. Yamara rero, kuva aho agiriye, narumvise ko impwemu nyeranda y’Imana yanshigikiye.”

None Isabel yoba yari yiteze ko yociye aronka impwemu nyeranda ata kigoro agize? Haba namba. Yaratakambira Imana imisi yose ngo imurungikire impwemu yayo. Yari azi yuko akeneye inguvu Imana itanga kugira ngo zimufashe guhangana na kazoza abigiranye umutima rugabo, kwitwararika abana biwe mu buryo bubereye be no gusubira gutsimbataza muri we ukwumva ko hari ico amaze. Yarafashe nka nkama amajambo Yezu yavuze, ati: “Mugume musaba, muzohabwa; mugume murondera, muzoronka; mugume mudodora, muzokwugururirwa.”​—Matayo 7:7.

Uwitwa Roberto na we nyene yarumvise ko akeneye impwemu y’Imana ariko abitumwe n’izindi mpamvu. Yari yariziziwe n’ukunywa itabi be n’ikiyayuramutwe bita hashishi, ivyo vyose akaba yabinywa adahengeshanya. Yaramaze imyaka ibiri yose yihatira kuvavanura n’ivyo bintu vyari vyaramwiziziye, kandi akatari gake vyaramwankira agasubira kubinywa. Roberto asigura ati: “Igihe uhagaritse kunywa ibiyayuramutwe uguma wumva wihebuye. Umubiri uguma ugucanira ugusaba vya biyayuramutwe uko bukeye uko bwije.”

Roberto abandanya ati: “Ariko nari nariyemeje guhindura ukuntu nari mbayeho kugira ngo nshobore gukorera Imana mu buryo yemera. Naragerageje kwuzuza umuzirikanyi wanje ivyiyumviro vyiza vyo muri Bibiliya. Narasenga imisi yose ndabigiranye ubwira, nsaba Imana ngo impe inkomezi zo gutyorora ubuzima bwanje. Nari nzi ko ntari gushobora kubishikako ku bw’inkomezi zanje. Vyongeye narabonye ukuntu Yehova yishuye amasengesho yanje, na canecane igihe naba numva nacitse intege maze gusubira kunywa vya biyayuramutwe. Ndemera ko impwemu nyeranda y’Imana yampaye inkomezi nshasha; iyo ntaronka impwemu yayo, sinokwigeze mvavanura n’ivyari vyaranyiziziye.”​—Abafilipi 4:6-8.

Ukuntu badugisha “amababa nk’inkukuma”

Nk’ukwo kwa Isabel na Roberto, Ivyabona vya Yehova amamiliyoni bariboneye ububasha bw’impwemu nyeranda mu buzima bwabo. Inguvu zikora za Yehova, ni ukuvuga inguvu zatumye ijuru n’isi bishobora kuremwa, urashobora kuzironka nimba uvyipfuza. Imana iri n’umutima ukunze wo kuguha impwemu yayo kandi irashashaye kuyiguha hamwe woyisaba ubigiranye ubwira. Ariko rero, kugira ngo uronke iyo mpwemu, urakeneye kwiga ukuri kuyerekeye no kugerageza gukora ivyo igomba ata buryarya.​—Yesaya 55:6; Abaheburayo 11:6.

Ubishobojwe n’ububasha bw’impwemu nyeranda, woshobora kuronka inkomezi zo gukorera Imana ukererwa maze ugahangana n’ingorane izo ari zo zose zoshobora kuvyuka mu buzima bwawe. Bibiliya idukura amazinda iti: “[Uhoraho] ni we aha inkomezi abadendebukiwe, kand’ūtagira intege amwongeramw’inkomezi . . . abīteze Uhoraho bazokwama biyubura mu nkomezi nsha; bazodūgisha amababa nk’inkukuma, biruke ntibaruhe, bagende ntibadendebukirwe.”​—Yesaya 40:28-31.

[Akajambo k’epfo]

a Bamwebamwe si ko bitwa.

[Iciyumviro ku rup. 8]

‘Narasenga imisi yose ndabigiranye ubwira, nsaba Imana ngo impe inkomezi. Nari nzi ko ntari gushobora kubishikako ku bw’inkomezi zanje. Vyongeye narabonye ukuntu yishuye amasengesho yanje’

[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 7]

IVYO IMPWEMU NYERANDA YAKOZE

Imana yarakoresheje impwemu nyeranda kugira ngo ireme isi n’ibindi bintu vyose biriho. Umwanditsi wa Zaburi yaravuganye ugutangara ati: “Uhoraho we, ereg’ibikorwa vyawe n’ivy’uburyo bginshi! Vyose wabikoresheje ubgenge: isi yuzuye ubutunzi bgawe. Urungika impwemu yawe, bikaremwa.”​—Zaburi 104:24, 30; Itanguriro 1:2; Yobu 33:4.

Impwemu nyeranda yarahumekeye abagabo bubaha Imana ngo bandike Bibiliya. Intumwa Paulo yanditse ati: “Icanditswe cose cahumetswe n’Imana kandi ni ngirakamaro.” (2 Timoteyo 3:16) Impemu za Yehova, ni ukuvuga impwemu yiwe, zarayoboye ivyiyumviro vy’abanditsi ba Bibiliya, ku buryo bashikirije “ijambo ry’Imana.”​—1 Abanyatesalonika 2:13.

Impwemu nyeranda yarahaye abasavyi b’Imana ububasha bwo kuvuga ibizoba muri kazoza ata kwihenda. Intumwa Petero yasiguye ati: “[N]ta buhanuzi bw’Icanditswe buva ku nsobanuro y’umuntu ku giti ciwe. Kuko ubuhanuzi ata gihe bwigeze buzanwa n’ukugomba kw’umuntu, ahubwo abantu bavuze ivyava ku Mana nk’uko bari barongowe n’impwemu nyeranda.”​—2 Petero 1:20, 21; Yoweli 2:28.

Impwemu nyeranda yarafashije Yezu n’abandi bantu bafise ukwizera baramamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana bongera barakora ibitangaro. Yezu yavuze ati: “Impwemu ya Yehova iri kuri jewe, kuko yandobanuye ngo menyeshe inkuru nziza aboro, yantumye kwamamaza ukubohorwa ku mbohe n’uguhumuka ku mpumyi.”​—Luka 4:18; Matayo 12:28.

[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 9]

UBURYO IMPWEMU NYERANDA ISHOBORA KUDUFASHA

Impwemu nyeranda irashobora kugukomeza kugira ngo unanire inyosha mbi wongere utsinde ingeso mbi. Intumwa Paulo yavuze ati: “Imana ni inyizigirwa, ntizobareka ngo mugeragezwe ibirenze ivyo mushobora kwihanganira, mugabo hamwe na nya kigeragezo, izobacira kandi icanzo kugira ngo mushobore kucihanganira.”​—1 Abakorinto 10:13.

Impwemu nyeranda irashobora kugufasha gutsimbataza kamere zishimwa n’Imana. “Ivyamwa vy’impwemu ni urukundo, akanyamuneza, amahoro, ukwiyumanganya, ubuntu, ukumera neza, ukwizera, ubwitonzi, ukwigumya.”​—Abagalatiya 5:22, 23.

Impwemu nyeranda irashobora kugukomeza kugira ngo wihanganire ibigeragezo. “Mu bintu vyose, ndonka inkomezi ndabikesheje umwe ampa ububasha.”​—Abafilipi 4:13.