Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ni kubera iki abantu bazazanirwa n’ivyerekeye impwemu nyeranda?

Ni kubera iki abantu bazazanirwa n’ivyerekeye impwemu nyeranda?

Ni kubera iki abantu bazazanirwa n’ivyerekeye impwemu nyeranda?

IMPWEMU nyeranda ni iki? Ico kibazo kiboneka nk’aho coroshe cane, mugabo kugitorera inyishu yumvikana vyoshobora kuba ibitoroshe. Papa Benedigito wa 16 yabwiye isinzi ry’abantu muri Ositaraliya ati: “Gutahura neza ibijanye na Mutima mweranda bisa n’ibidashoboka kuri twebwe.”

Mu vy’ukuri, hariho ivyiyumviro vyinshi be n’ugukekeranya kwinshi ku bijanye n’iki kibazo ngo ‘Impwemu nyeranda ni iki?’ Inyishu zikunze gutangwa ni nk’izi:

• Impwemu nyeranda ni umuntu abaho koko ari mu bigishwa ba Kristu.

• Impwemu nyeranda ni uburyo Imana ikoresha kugira ngo yigaragaze mw’isi.

• Impwemu nyeranda ni umuperesona wa gatatu agize Ubutatu.

Ni kubera iki none abantu bazazanirwa gutyo? Ukwo kuzazanirwa kwatanguye mu kinjana ca kane G.C., igihe abanyatewolojiya bamwebamwe bavuga ngo impwemu nyeranda ni umuperesona hari ukuntu angana n’Imana. Ariko rero, ico nticari iciyumviro cigishwa mu Vyanditswe canke cigishijwe n’abayoboke ba Kristu bo mu ntango. Inkoranyabumenyi imwe ya Gatolika (New Catholic Encyclopedia) isigura iti: “Biratomoye ko Isezerano rya kera riterekana impwemu nyeranda nk’aho ari umuntu . . . Impwemu y’Imana ni ububasha bwayo vyonyene.” Iyo nkoranyabumenyi nyene yongerako iti: “Imirongo myinshi yo mw’Isezerano rishasha ihishura ko impwemu y’Imana ari ikintu, atari umuntu; ivyo bikabonekera canecane mw’isano riri hagati y’iyo mpwemu hamwe n’ububasha bw’Imana.”

Kuba abantu basanga bitoroshe kuvuga ko ububasha ari umuntu ni ikintu cumvikana. Ku bw’ivyo, itohoza riherutse kugirwa muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ryerekanye ko abantu benshi batemera iciyumviro c’uko impwemu nyeranda ari umuntu canke “ikinyabuzima cigenga.” None ivyo bavuga vyoba ari ivy’ukuri? Canke twoba dukwiye kwemera ivyo abanyatewolojiya bavuga bashimitse yuko ngo “Mutima Mweranda ari Umuntu vy’ukuri atandukanye na Data be na Mwana”?

Kugira ngo turonke inyishu yo kwizigirwa, turakeneye kwisunga Ijambo ry’Imana Bibiliya, rino rikaba ridondora neza na neza impwemu nyeranda ico ari co. Intumwa Paulo yanditse ati: “Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana, kandi bigira ikimazi co kwigisha umuntu, no kumuhana.”​—2 Timoteyo 3:16, Bibiliya Yera.

Ni kubera iki ukwiye kurondera kumenya ukuri ku bijanye n’impwemu nyeranda? Ni kubera yuko kumenya ukwo kuri vyoshobora kuguha akaryo ko kuronka imfashanyo iva ku Mana. Vyoba bishika rimwe na rimwe ukumva udashobora kuguma wihanganye ubifashijwe n’inkomezi zawe bwite? Yezu yasezeraniye abigishwa biwe ati: “Mugume musaba, muzohabwa . . . Nimba . . . mwebwe . . . muzi guha abana banyu ingabirano nziza, ese ingene Data ari mw’ijuru azorushiriza guha impwemu nyeranda abayimusaba!”​—Luka 11:9, 13.

Mu biganiro bikurikira, turaza kureka Ivyanditswe biduhishurire ico ari co impwemu nyeranda. Vyongeye, turaza kubona ukuntu ishobora kuba inguvu zidufasha mu buzima bwacu.

[Iciyumviro ku rup. 3]

Ivyanditswe biraduhishurira ico ari co impwemu nyeranda