Umugabo yicisha bugufi akagira n’umutima rugabo—Yona—Igice ca 1
Ku bw’urwaruka
Umugabo yicisha bugufi akagira n’umutima rugabo
YONA—IGICE CA 1
Ibimenyeshejwe: Uyu mwimenyerezo, nuwukorere ahantu hatekanye. Igihe usoma ivyanditswe, nubone yuko ufise uruhara muri ivyo biriko biraba. Niwihe ishusho y’ibiriko biraba, wumve amajwi. Nugire inyiyumvo nk’iz’abantu nyamukuru bavugwa muri iyo nkuru. Nutume iyo nkuru uriko urasoma iba nzima.
1 NIWIHWEZE IBIRIKO BIRABA.—SOMA YONA 1:1-17; 2:10–3:5.
Wiyumvira ko urwamo rw’ico gihuhusi rwari rumeze gute kandi ko caboneka gute?
_______
Wiyumvira ko ijwi rya Yona be n’amajwi y’abasozabwato yagaragaza inyiyumvo bwoko ki?
_______
Dondora ivyo Yona ashobora kuba yariyumviriye igihe yariko aranyika mw’ibahari be n’igihe yamirwa na rwa rufi runini. (Soma Yona 2:1-9.)
_______
2 NURUSHIRIZE KWIMBA.
I Ninewe haba abantu bameze gute, kandi ni kubera iki Yona yabanje kugonanwa kubegera? (Nahumu 3:1)
_______
Wibaza ko Ninewe cari “igisagara kinini ku Mana” mu buryo ki? (Yona 3:3, NW; 2 Petero 3:9)
_______
Ukuba Yona yaravuze atarya umunwa ivyerekeye amakosa yiwe hamwe n’ivyerekeye Imana yiwe bihishura iki ku bimwerekeye? (Subira usome Yona 1:9, 10.)
_______
Yona ashobora kuba yamenye gute ivyashitse mu bwato inyuma y’aho bamutereye mu mazi? (Subira usome_______
3 NUSHIRE MU NGIRO IVYO WIZE. ANDIKA IVYO WIZE KU VYEREKEYE . . .
Ugutinya.
_______
Ukwicisha bugufi.
_______
Umutima rugabo.
_______
Ukuntu Yehova abona abantu, mbere n’abo twebwe twoba tubona ko ari babi.
_______
4 NI UMUCE UWUHE W’IYI NKURU UHAMBAYE CANE KURI WEWE, KANDI KUBERA IKI?
_______
Nimba ushaka kugira ubundi bushakashatsi, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nzero 2009, urupapuro rwa 25-28.
NIMBA UDAFISE BIBILIYA NUYISOME KU MUHORA WA INTERNET, KURI www.watchtower.org