Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Amabi akorerwa abakenyezi

Amabi akorerwa abakenyezi

“Iyo ndavye ukuntu abakenyezi bafatwa, sinipfuza na gato kuzoba umukenyezi.”​—ZAHRA, UMWIGEME W’IMYAKA 15, mu majambo yiwe yasubiwemwo mu kinyamakuru GEO co mu gifaransa.

AYO majambo ari iburyo yavuzwe n’uwo mwigeme arashira ahabona iki kintu c’ukuri kibabaje: kw’isi yose, ubukazi be n’ugukumirwa bigirirwa abakenyezi n’abigeme biragira ico bibakozeko mu buzima bwabo bwose. Rimbura ibi bintu bikurikira:

  • Ikumira rishingiye ku gitsina. Muri Aziya, abavyeyi benshi usanga bakunda abahungu gusumba abakobwa. Raporo imwe yo mu 2011 y’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ivuga yuko muri uwo mugabane w’isi, mu gitigiri c’abanyagihugu baho hari habuze abakenyezi hafi imiliyoni 134, ivyo bikaba vyaturutse ku gukorora inda, ku kwica utwana no ku kutitaho ibintu.

  • Kwiga amashure. Kw’isi yose, ibice birenga 60 kw’ijana vy’abantu batahonyoye ku ntebe y’ishure canke batarengeje imyaka ine y’amashure, usanga ari abakenyezi n’abigeme.

  • Amabi mu vy’igitsina. Abakenyezi barenga imiliyaridi 2 n’imiliyoni 600 usanga baba mu bihugu aho ugufatwa ku nguvu n’uwo mwubakanye bidahanwa n’amategeko.

  • Amagara. Mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere, uko iminota nk’ibiri ihaciye, umugore umwe arapfa ahitanywe n’imbanyi canke ingorane z’ukwibaruka bivanye n’ukutitwararikwa mu bintu vya nkenerwa bijanye no kuvurwa.

  • Uburenganzira bujanye n’amatongo. Naho kw’isi yose ica kabiri c’umwimbu w’ibiterwa tugikesha abakenyezi b’abarimyi, usanga mu bihugu vyinshi ata burenganzira bafise bwo kugira itongo canke kuritorana.

Ni kubera iki none abakenyezi batswe ubwo burenganzira bwa zina muntu? Imvo imwe ibituma ni inyigisho n’imigenzo vy’idini abantu bo mu mico kama imwimwe bisunga. Ivyo bintu bisunga usanga biremesha gufata nabi abakenyezi, canke mbere bikerekana ko kubigenza gutyo ata kibi kirimwo. Ikinyamakuru kimwe co mu Bufaransa kirasubiramwo amajambo umushingwamanza umwe w’Umuhindikazi yitwa Chandra Rami Chopra yavuze agira ati: “Amategeko yose y’amadini ahuriye kuri iki kintu: arashigikira ugukumirwa kw’abakenyezi.”

Woba nawe ari ukwo ubibona? Woba wibaza ko Bibiliya ishira hasi abakenyezi nk’uko ibindi bitabu vyinshi vy’amadini bibigira? Hari ababona ko imirongo imwimwe yo muri Bibiliya isa n’iyishira hasi abakenyezi. Ariko none Imana, ari na yo Bibiliya yakomotseko, mu vy’ukuri ibona gute abakenyezi? Naho ico ari ikibazo gishobora gutuma impari zivyuka, gusuzuma twitonze ivyo Bibiliya ivuga kandi tudaca ku ruhande biradufasha kuronka inyishu y’ico kibazo.