Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyigwa vyanje vya Bibiliya

ABANA BATARENZA IMYAKA 3

Ivyigwa vyanje vya Bibiliya

Imvura iriko iragwa.

Alice yidoga ati:

“Nguma mu nzu.

Kubera iki idahera?”

Ariko haciye akanya, aratangara!

Izuba riraboneka.

Imvura iraheze.

Alice araryoherwa!

Ariruka hanze,

maze akabona

ibintu bitangaje,

akanezerwa.

Alice avuga ati:

“Sinari nzi ko

imvura iva ku Mana

ituma amashurwe akura!”

KORA IBI

Saba umwana wawe yerekane:

  • Idirisha

  • Alice

  • Amashurwe

  • Akanyoni

  • Igiti

Rondera ibi bintu bihishijwe:

  • Agakoko gatukura

  • Indege

Soma Ivyakozwe 14:17. Kubera iki Yehova yaremye imvura?