Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Ibicumuro vyacu vyoba bishobora guharirwa?
Bibiliya ivuga ko abantu bose ari abacumuzi. Impengamiro yo gukora igicumuro twayirazwe na wa muntu wa mbere, ari we Adamu. Ni co gituma rimwe na rimwe dukora ibintu bitabereye mu nyuma tukicuza. Yezu Kristu, Umwana w’Imana, yarishuye ibicumuro vyacu mu kudupfira. Inkuka y’incungu yatanze yatumye bishoboka ko duharirwa. Ni ingabirano iva ku Mana.—Soma Abaroma 3:23, 24.
Abantu bamwebamwe vyashitse bagakora ibicumuro bikomeye baribaza nimba Imana ishobora kubaharira. Ariko Ijambo ry’Imana riraduhumuriza riti: “Amaraso ya Yezu Umwana wayo aratwoza igicumuro cose.” (1 Yohani 1:7) Yehova ariteguriye mbere kuduharira n’ibicumuro bikomeye twakoze, mu gihe twoba dufise agatima kabereye ko kwigaya.—Soma Yesaya 1:18.
Twokora iki kugira ngo duharirwe?
Kugira ngo Yehova Imana aduharire, dukwiye kwiga ibimwerekeye, tukamenya inzira ziwe, impanuro aduha be n’ivyo adusaba. (Yohani 17:3) Yehova araharira cane abigaya ingendo yabo mbi maze bakagira utwigoro two guhinduka.—Soma Ivyakozwe 3:19.
Gushimwa n’Imana si amananiza. Yehova aratahura intege nke zacu. Ni Imana y’imbabazi n’ubuntu. None uzirikanye ubuntu bwayo bwuzuye urukundo, wumva bitakuvyurira umutima wo kumenya n’ibindi ku bijanye n’ico wokora ngo uyihimbare?—Soma Zaburi 103:13, 14.