Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ni icizigiro ikihe dufise ku bijanye na ba sokuru bapfuye?

Ni icizigiro ikihe dufise ku bijanye na ba sokuru bapfuye?

HARACIYE igihe hasohotse ikiganiro gikabura mu kinyamakuru kimwe co muri Koreya (The Chosun Ilbo). Umutwe w’ico kiganiro wabaza uti: “ ‘Ya ntore Shim Cheong’ ko ata na kimwe yamenye ku vyerekeye Yezu, yoba yagiye mu muriro?”

Ico kiganiro carakabuye ivyiyumviro vy’abantu kuko Shim Cheong ari umwigeme akundwa cane wo mu bitito vyo muri Koreya, yemeye guheba ubuzima bwiwe kugira afashe se wiwe w’impumyi. Aramaze imyaka ahayagizwa cane. Nkako, Shim Cheong asigaye abonwa ko ari we karorero k’umukobwa w’umutima.

Abenshi babona ko koba ari akarenganyo, ko mbere vyoba bibabaje umuntu nk’uyo ahawe igihano c’umuriro udahera kubera gusa atari umukirisu yabatijwe. Kanatsinda bivugwa yuko ivya Shim Cheong vyoba vyabaye hagisigaye igihe kinini ngo ubutumwa bwerekeye Kristu bushike mu kigwati iwabo.

Ico kiganiro carimwo n’ibibazo umukuru w’idini yabajijwe. Baramubajije nimba abapfuye bataronse akaryo ko kumenya ivyerekeye Yezu bose bahawe igihano c’umuriro udahera. None yishuye gute? Yishuye ati: “Nta vyo tuzi. Uko biri kwose twibaza ko Imana ifise ukuntu izobigenza [ku bantu nk’abo].”

COBA ARI IGISABWA KUGIRA UMUNTU AROKOKE?

Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (The New Catholic Encyclopedia) kivuga giti: “Ibatisimu ni nkenerwa kugira umuntu arokoke. Nk’uko Kristu ubwiwe yabivuze, umuntu atavutse ubwa kabiri mu mazi no muri Mutima Mweranda ntashobora kwinjira mu Bwami bw’Imana (Yoh. 3.5).” Kubera ivyo, hari abemera ko abapfuye batabatijwe baca batererwa mu muriro canke bakababazwa mu bundi buryo inyuma yo gupfa.

Ariko rero hariho abandi benshi babona ko iyo nyigisho itumvikana. Abantu amamiliyoni barapfuye batazi ivya Bibiliya. Ubwo none boba babereye kubabazwa ibihe bidahera? Mbega Bibiliya ibivugako iki?

ICIZIGIRO GITANGWA MURI BIBILIYA

Bibiliya irerekana neza ko Imana itirengagiza abantu bapfuye bataramenya ivyo isaba. Mu Vyakozwe 17:30 haduhumuriza hati: “Imana yarirengagije ibihe vy’ukutamenya mwene ukwo.” None ni icizigiro ikihe Bibiliya itanga ku bapfuye bataronse akaryo ko kwiga ivyerekeye Imana?

Umuhango Yezu yatanze ngo “Uzoba uri kumwe nanje muri Paradizo” usobanura iki?

Turashobora kuronka inyishu twihweje ivyo Yezu yabariye imwe muri za nkozi z’ikibi zapfira iruhande yiwe. Uwo mugabo yabwiye Yezu ati: “Urazonyibuka niwashika mu bwami bwawe.” None Yezu yamwishuye ngw’iki? Yavuze ati: “Ni ukuri ndabikubwiye uno musi: Uzoba uri kumwe nanje muri Paradizo.”Luka 23:39-43.

Yezu yoba yariko asezerana ko uwo mugabo yokwinjiye mw’ijuru? Oya namba. Uwo mugabo ntiyari “[yar]ongeye kuvuka” mu mazi no mu mpwemu, kikaba cari igisabwa imbere yo kwinjira mu Bwami bwo mw’ijuru. (Yohani 3:3-6) Ahubwo Yezu yariko asezerana ko iyo nkozi y’ikibi yokwongeye kubaho iri muri Paradizo. Kubera ko uwo mugabo yari Umuyuda, ashobora kuba yari amenyereye kwumva ya Paradizo yo kw’isi, ni ukuvuga rya tongo ryo muri Edeni ridondorwa mu gitabo ca mbere co muri Bibiliya. (Itanguriro 2:8) Ico Yezu yamusezeraniye catumye yizigira ko azozukira mw’Iparadizo igihe izoba yasubijweho kw’isi.

Mu bisanzwe, Bibiliya isezerana ko hazoba “izuka ry’abagororotsi n’abatari abagororotsi.” (Ivyakozwe 24:15) “Abatari abagororotsi” ni abatakurikije ingingo ngenderwako z’Imana zigororotse kubera ko batari bazi ivyo Imana igomba. Yezu azozura ya nkozi y’ikibi iri mu bantu batagororotse yavugana na we, azure n’abandi amamiliyoni canke amamiliyaridi bapfiriye mu kutamenya. Mw’isi y’iparadizo rero, bazokwigishwa ivyo Imana isaba baronke n’akaryo ko kwerekana ko bakunda Imana mu kugamburuka amategeko yayo.

IGIHE ABATARI ABAGOROROTSI BAZOZURWA

Abatari abagororotsi nibazurwa, boba bazocirwa urubanza hisunzwe ivyo bakoze kera? Eka data. Mu Baroma 6:7 havuga hati: “Uwupfuye aba akuweko igicumuro ciwe.” Abatari abagororotsi bazoba barishuye ibicumuro vyabo mu gupfa. Bazocirwa urubanza rero hisunzwe ivyo bazokora inyuma y’ukuzuka kwabo, aho kwisunga ivyo bakoze mu kutamenya imbere y’uko bapfa. None bizobafasha iki?

Igihe abatari abagororotsi bazoba bamaze kuzuka, bazoronka akaryo ko kwiga amategeko y’Imana azohishurwa igihe imizingo y’ikigereranyo izozingururwa. Bazoca rero bacirwa imanza “nk’uko ibikorwa vyabo biri,” ni ukuvuga hisunzwe ukuba barumviye amategeko y’Imana canke batayumviye. (Ivyahishuwe 20:12, 13) Kuri benshi mu batari abagororotsi, ako ntikazoba ari akaryo ka kabiri bahawe, ahubwo mu vy’ukuri kazoba ari ko karyo kabo ka mbere ko kuronka ubuzima budahera kw’isi mu kwiga no mu gukora ivyo Imana igomba.

Iyo nyigisho yo muri Bibiliya yarafashije benshi gusubira kwizera Imana. Uwitwa Yeong Sug ni umwe muri abo. Yakuze ari umugatolika w’imena. Bamwebamwe mu muryango iwabo bari abapatiri. Yarinjiye mu kigo c’abihebeye Imana yizigiye kuba umubikira. Mu nyuma, yaravuye muri ico kigo avunywe umutima n’ivyo yahabonye. Ikindi na co, ntiyashobora kwemera inyigisho y’umuriro udahera kubera yabona ko kubabaza abantu mu muriro udahera bitaranga ubutungane canke urukundo.

Icabona ca Yehova umwe rero yareretse Yeong Sug aya majambo yo muri Bibiliya agira ati: “Abazima ba[ra]zi yuko bazopfa; mugabo abapfuye, nta co bazi namba, eka nta n’impembo bagifise.” (Umusiguzi 9:5) Ico Cabona ca Yehova yaramufashije kubona ko ba sekuru batariko barababarizwa mu muriro udahera, ahubwo ko basinziriye mu rupfu barindiriye izuka.

Kubera ko Yeong Sug azi ko abantu benshi batarigera bumva ukuri kwo muri Bibiliya, yarafashe nka nkama amajambo ya Yezu dusanga muri Matayo 24:14 agira ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze iherezo rizoca riza.” Muri iki gihe, Yeong Sug aragira uruhara mu kwamamaza inkuru nziza akabwira abandi icizigiro ciza cane afise gishingiye kuri Bibiliya.

‘IMANA NTIGIRA NKUNZI’

Bibiliya itubwira iti: “Imana [nti]gira nkunzi, mugabo mw’ihanga iryo ari ryo ryose umuntu ayitinya kandi agakora ivy’ubugororotsi iramwemera.” (Ivyakozwe 10:34, 35) Ubwo ni bwo butungane butagira agahaze twese twokwitega ku Mana, yo “[i]kunda ubugororotsi n’ubutungane.”Zaburi 33:5.