Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIYAGO ICABONA CA YEHOVA AGIRANA N’UWO ABWIRA INKURU NZIZA

Kubera iki dukwiye kwibuka urupfu rwa Yezu?

Kubera iki dukwiye kwibuka urupfu rwa Yezu?

Ibikurikira birerekana ingene ikiyago Icabona ca Yehova agirana n’uwo abwira inkuru nziza gishobora kuba kimeze. Reka dufate ko Icabona ca Yehova umwe twise Mireille yagendeye umugore twise Shela.

“MURAGUME MUGIRA IBI MU KUNYIBUKA”

Mireille: Amahoro, Shela. Nararyohewe cane kuba waraje ku Cibutso c’urupfu rwa Yezu Kristu mu ndwi iheze. * Wabibonye gute?

Shela: Vyari vyiza. Mugabo ntakubeshe, mu vyo bigishije hari ivyo ntatahuye neza. Je mbona abantu bakunze guhimbaza cane ivuka rya Yezu kuri Noweli be n’izuka ryiwe kuri Pasika, mugabo ivy’urupfu rwiwe sinkunze kubibona.

Mireille: Ivyo ni vyo. Noweli na Pasika abantu barakunda kubihimbaza mu mihingo myinshi. Mugabo Ivyabona vya Yehova babona ko kwibuka urupfu rwa Yezu bihambaye. Nimba ufise iminota mikeyi, noshima kukwereka igituma.

Shela: Sawa, ndafise akanya gatoyi.

Mireille: Mu bisanzwe, Ivyabona vya Yehova bibuka urupfu rwa Yezu kubera ko yategetse abigishwa biwe kubigira. Ehe raba ivyabaye buca Yezu apfa. Woba umaze kwumva ibijanye n’imfungurwa zidasanzwe yasangiye n’abigishwa biwe b’abizigirwa?

Shela: Ushaka kuvuga za Mfungurwa za nyuma?

Mireille: Ego, izo nyene. Zitwa kandi Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba. Igihe Yezu n’abigishwa biwe bariko barazifungura, yarabahaye itegeko ritomoye. Woshima gusoma ivyo yababwiye muri Luka 22:19?

Shela: Ok. Havuga ngo: “Atora n’umukate, arakenguruka, arawumanyura, arawubaha, avuga ati: ‘Iki gisobanura umubiri wanje ugiye gutangwa ku bwanyu. Muragume mugira ibi mu kunyibuka.’”

Mireille: Urakoze. Woba wabonye itegeko Yezu yabahaye ng’aha mu ryungane rya nyuma? Yavuze ngo: “Muragume mugira ibi mu kunyibuka.” Vyongeye, imbere y’uko ategeka abigishwa biwe kuza baramwibuka, yaratomoye neza ivyo bakwiye kwibuka ku bimwerekeye. Yavuze yuko yari agiye gutanga ubuzima bwiwe ku bw’abigishwa biwe. Ivyo birasa n’ibindi yavuze dusanga muri Matayo 20:28. Havuga yuko “Umwana w’umuntu yaje, atari kugira akorerwe, ariko kugira akorere abandi, no kugira atange ubuzima bwiwe bwa ncungu ya benshi.” Muri make, iyo ni yo mpamvu Ivyabona vya Yehova bahurira hamwe buri mwaka ku musi Yezu yapfiriyeko kugira ngo bibuke inkuka y’incungu yatanze. Urupfu rwiwe rutuma abagamburukira Imana bashobora kuronka ubuzima.

KUBERA IKI INCUNGU YARI IKENEWE?

Shela: Ndamaze kwumva abantu bavuga ko Yezu yapfuye kugira turonke ubuzima. Ariko mvugishije ukuri, sintahura ico bisobanura.

Mireille: Si we wenyene, Shela. Inyigisho ijanye n’incungu ni inyigisho ikomeye. Mugabo ni imwe mu nyigisho nziza utoraba dusanga mw’Ijambo ry’Imana. Mbe nyene, woba ugifise akanya?

Shela: Ee, ndacafise iminota mikeyi.

Mireille: Aho ni sawa. Naragize ubushakashatsi ku bijanye n’incungu, ndaza kugerageza kubigusigurira mu buryo bworoshe.

Shela: Ok.

Mireille: Kugira ngo dutahure incungu, turakeneye kubanza gutahura ingorane Adamu na Eva bakweze igihe bacumura muri rya tongo rya Edeni. Dusome mu Baroma 6:23 kugira hadufashe kubitahura. Woshima kuhasoma?

Shela: Nta ngorane. Havuga ngo: “Impembo igicumuro gitanga [ni] urupfu, mugabo ingabirano Imana itanga ni ubuzima budahera biciye kuri Kristu Yezu Umukama wacu.”

Mireille: Urakoze. Reka twihweze ayo majambo. Ubwa mbere, urabona ko umurongo utangura uvuga ngo: “Impembo igicumuro gitanga [ni] urupfu.” Ni ukuvuga ko igihano c’igicumuro ari urupfu. Iyo ni ingingo itomoye Imana yashinze abantu bagitangura kubaho. Ni ivy’ukuri ko mu ntango ata n’umwe yari umucumuzi. Adamu na Eva bari baremwe batunganye, kandi abana babo bose bovutse batunganye. Rero nta cotumye bapfa. Adamu na Eva n’abobakomotseko bose bobayeho ibihe bidahera mu gahimbare. Mugabo nk’uko tubizi, ukwo si ko vyagenze, ndabeshe?

Shela: Oya. Adamu na Eva barariye ca camwa Imana yababuza.

Mireille: Ni vyo. Kandi igihe bakirya, ni ukuvuga igihe bahitamwo kugambararira Imana, bari bacumuye. Ni nk’aho bari bahisemwo kuba abantu badatunganye, b’abacumuzi. Iryo hitamwo ryokwegeye Adamu na Eva ingaruka z’agahomerabunwa, rigakwegera n’abobakomotseko.

Shela: Ushatse kuvuga iki?

Mireille: Reka kumbure ndaguhe akarorero. Woba umaze kubona iforoma yo gufyatura amatafari?

Shela: Egome!

Mireille: Nka hamwe iyo foroma yoba ihengamye, amatafari yose bofyatura yoza ameze gute?

Shela: Yoza ahengamye.

Mireille: Muri ubwo buryo nyene, igihe Adamu na Eva bahitamwo kugambararira Imana, baciye bahengama, ari kwo kugira akanenge, bivuye ku gicumuro. Kandi kubera ko bacitse abacumuzi imbere y’uko bibaruka abana, abana babo bose na bo nyene bovutse bafise ako kanenge nyene. Bose bovutse ari abacumuzi. Muri Bibiliya, ijambo “igicumuro” ntirisobanura gusa ikibi umuntu aba yakoze, mugabo kandi risobanura ukuntu tuvuka tumeze. Rero, naho twe nawe ata kibi twakoze, narirya tutari bwanavuke igihe Adamu na Eva bacumura, baratumye twese tugira akanenge n’igicumuro. Barakwegeye ababakomotseko, aho hakaba harimwo natwe be n’uruvyaro rwacu. Ivyo vyatuzaniye urupfu. Nk’uko twabisomye mu Baroma 6:23, igihano c’igicumuro ni urupfu.

Shela: Ivyo ntivyumvikana. Kubera iki none abantu bose boguma bamererwa nabi kubera igicumuro ca Adamu na Eva?

Mireille: Uvuze ukuri, ntivyumvikana. Mugabo hariho ikintu gihambaye Imana yakoze. Kubera ubutungane bwayo butagira akanenge, yarashinze ko Adamu na Eva bapfa kubera ibicumuro vyabo, ariko abobakomotseko bakagira icizigiro. Imana yaratunganije uburyo bwo kudukiza. Aho rero ni ho duca tubona akamaro ka ya nkuka y’incungu Yezu yatanze. Subira urabe mu Baroma 6:23. Hatangura havuga ko “impembo igicumuro gitanga ari urupfu,” hagaca habandanya hati: “Mugabo ingabirano Imana itanga ni ubuzima budahera biciye kuri Kristu Yezu Umukama wacu.” Rero urupfu rwa Yezu ni rwo rudukiza igicumuro n’urupfu. *

INCUNGU NI INGABIRANO IRUTA ZOSE IMANA YATANZE

Mireille: Hari ikindi kintu nashaka kukwereka muri uyu murongo.

Shela: Ni ikihe?

Mireille: Urabona ko havuze ngo: “Ingabirano Imana itanga ni ubuzima budahera biciye kuri Kristu Yezu Umukama wacu.” None, nimba Yezu ari we yababajwe ku bwacu akongera akadupfira, ni kubera iki aha havuga ko incungu ari “ingabirano Imana itanga,” ntihavuge ko ari “ingabirano Yezu atanga”? *

Shela: Hmm. Sinzi.

Mireille: Mu bisanzwe, Imana ni yo yaremye Adamu na Eva, kandi igihe bagambarara muri rya tongo rya Edeni, ni yo bari bacumuyeko. Itegerezwa kuba yarababaye cane igihe abo bana bayo ba mbere bo kw’isi bayigarariza. Ariko Yehova ubwo nyene yaciye avuga ingene vyotorewe umuti. * Yarateguye ivy’uko umwe mu biremwa vyiwe vyo mw’ijuru aza kw’isi, akabaho ari umuntu atunganye, amaherezo agatanga ubuzima bwiwe bwa nkuka y’incungu. Vy’ukuri rero, incungu ni ingabirano iva ku Mana. Hariho ikindi kintu kidufasha kubona igituma incungu ari ingabirano Imana yatanze. Woba umaze kwibaza uko Imana yumvise imerewe igihe Yezu yicwa?

Shela: Oya.

Mireille: Ndabona ng’aha imbere y’inzu hari udukinisho. Urafise abana?

Shela: Ego, mfise agahungu n’agakobwa.

Mireille: Kubera ko uri umuvyeyi, gerageza kwiyumvira ukuntu Yehova Imana, akaba ari na we Se wa Yezu wo mw’ijuru, yumvise amerewe igihe Yezu yapfa. Wibaza ko yumvise amerewe gute igihe yitegereza ari mw’ijuru, araba ingene Umwana wiwe mukundwa afatwa, agatyekezwa akongera agakubitwa ibipfunsi? Wibaza hoho ko yumvise amerewe gute igihe Umwana wiwe bamukomera imisumari ku kigiga c’igiti maze bakamurekera aho ariko arababara gushika acikanye?

Shela: Ategerezwa kuba yarababaye cane. Sha, sinari bwigere ndavyiyumvira!

Mireille: Mu vy’ukuri, ntidushobora kumenya neza na neza ingene Imana yumvise imerewe kuri uwo musi. Ariko turazi ko ishobora kunezerwa canke ikababara, kandi turazi igituma yaretse ivyo vyose bikaba. Ivyo birasigurwa neza ng’aha muri iki canditswe kizwi cane co muri Yohani 3:16. Ubona wogisoma?

Shela: Ego. Kivuga giti: “Imana yakunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo aronke ubuzima budahera.”

Incungu ni co kintu gisumba ibindi vyose kitwereka urukundo Imana yadukunze

Mireille: Urakoze. Subira urabe ku ntango y’iki canditswe. Havuga ngo: “Imana yakunze isi.” Ng’ico ikintu nyamukuru: urukundo. Urukundo ni rwo rwatumye Imana irungika Umwana wayo kw’isi kugira ngo adupfire. Vy’ukuri, incungu ni co kintu gisumba ibindi vyose kitwereka urukundo Imana yadukunze. Ico rero ni co Ivyabona vya Yehova bama bibuka buri mwaka igihe bahurira hamwe ku musi Yezu yapfiriyeko. Ibi vyose twihweje, hoba hari ico bigufashije?

Shela: Emwe, biramfashije! Urakoze kubinsigurira.

Hoba hariho ikibazo umaze kwibaza kijanye na Bibiliya? Woba wipfuza kumenya ivyo Ivyabona vya Yehova bemera canke ivyo bakora mu bijanye no gusenga? Ntuze witinye kubaza Icabona ca Yehova. Azohimbarwa no kuyaga nawe ku bibazo nk’ivyo.

^ ing. 5 Uko umwaka utashe, Ivyabona vya Yehova barahurira hamwe ku musi Yezu yapfiriyeko kugira bibuke incungu yatanze.

^ ing. 32 Ikindi kiganiro nk’iki kizokwerekana ingene inkuka y’incungu Yezu yatanze idukiza igicumuro congere kitwereke ico twokora kugira ngo tuyungukireko.

^ ing. 36 Bibiliya yerekana ko Imana na Yezu batandukanye. Wipfuza kumenya vyinshi, raba ikigabane ca 4 co mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.